Burundi news, le 25/07/2014
ICO ABAGABO BATATU BATWARA UBURUNDI (PETERO NKURUNZIZA, DOLOFO NSHIMIRIMANA, GIYOME BUNYONI)BAYAZE KUVYEREKEYE IKIRINGO CAGATATU CA PETERO NKURUNZIZA.
(Ikigabane cambere)
Kuva Perezida Petero Nkurunziza aganutse ava mugihugu c’ubufaransa, abarundi benshi n’amakungu barumvise yuko atagisivya azosubira kwitoza. Vyanka vyakunda !Ariko iyo ngingo uyumusi arumva yuko abantu benshi bayiyamiriza. Si urunani ADC-IKIBIRI gusa rwiyamiriza iyo ngingo,n’abagumyabanga batari bake bararahira bakarengwa ko Petero Nkurunziza yigumije kubutegetsi kunguvu kumugambwe CNDD-FDD ushobora guhura nigihuhusi simusiga gishobora kuzimanganya uyo mugambwe.N abanyamahanga ntibaha nirwere igaruka rya Petero Nkurunziza ubugira gatatu !
Nico gituma amakuru yokwiziggira atumenyesha yuko Perezida Petero Nkurunziza yakoranije abagabo babiri basangiye kurongora igihugu Bunyoni na Dolofo kugira bace iryanino ico kibazo cikiringo cagatatu. (KURIKIRE IKIYAGO CABO)
Petero Nkurunziza : Bene data ikikibazo mukibona gute ? Kwamaruru ambuza kwitoza yabaye menshi ! Ubwo ntitwobireka tukaraba uwundi twoshira imbere !
Dolofo : Mutama, ivyo uriko uravuga uravyumva neza ? Urazi ivyo arivyo ?
Bunyoni : Mbega Prezida wiyumviriye ibizoca bikurikira, ibishobora kudushikira n’abagenzi twasangiye a ma dili yose y’amahera ? wewe ugomba udushire akagozi mwizosi mama yangu!
Dolofo : Ivyo ntusubire nokuvyiyumvira ! Mama mbere Uhirahiye ngo unabipime uzobanza kudutambuka umuvyimba !
Petero Nkurunziza : none ari wewe( atunga urutoke Bunyoni) uhagiye harico twoba ? Haricoba gihindutse? Ama dili arabandanya hanyuma n’abagenzi bose bagumana amasezerano yahahora.
Dolofo : Bwabundi wewe urafyina ! ukira kuvuga kubihevye, ba Rufyikiri, ba Jérémie, ba Tout Autre, ba Nabindika bose baca basimbira kwisunzu ry’inzu ngo babe abaperezida !... …(Dolofo arazunza umutwe kenshi)…. Wa mugabo we akakanya uribagiye ko uyumugenzi (yerekana Bunyoni) abantu bomuri système bavuga ngo arasuzugurana, ngo ntanimanza zabanyamugambwe yitaba ! Uribagiye kohari nabagesera bamwita umututsi ! Wewe uzomucisha he ? Uribagiye kotwamuzanye ngaha muri cabinet iwawe kugira tumunyegeze kubera assauts bari batanguye kumugirirako ! Sha uwavuze ko abahutu twibagira ningoga ntiyabeshe pe !
Bunyoni : Monsieur le Président ivyo avuze nivyo. Icoyibagiye nuko abazungu batanyerekwa ! banyita ngo ndi inzoka !Ngo ndi shetani yinyegeza, ngo ariko ariyo ifata ingingo zose. Aha bagenda bakwiza hose ko nama decrets amwamwe ngondayanyegeza wayashizeko umukono ! Baranyandagaje ntaco bansigarije!
Petero Nkurunziza: Kwaruko bimeze, je reste! Vous avez raison! Kuko Atari wewe canke jewe Arya ma dossiers sensible ya Nickel, Inzahabu, Ibitoro vyomuri Tanganyika, akaga compte kabahamagara kuri mobile en international, compte API nutundi nutundi tudossier twi cash bigiye muminwe yabobagesera twoherera mugasho twese.
Biragenda gute none ? Tangura usubire des petites convocations zakakarwi ka ba Tout Autre ( abwira Dolofo). Apparemment ils continuent leur campagne malsaine ngo sinitoze. J’ai appris ko na Sérapio yagiye dans la danse ! C’est grave les amis ! Tutaravye neza haraba ingorane muri système ! Zitira rero hakiri kare. Muze murabaza na ba Niyombare ivyo barimwo. Kuko kumuta i Nairobi ntibikwiye ! Murabe neza na Abdallah kuko sinumva ingene MSD yamunaniye gusambura !
Kuko tudashoboye gusanzaza ADC-IKIBIRI yose uyo mugambi ntimugire ngo uzokoroha. Il faut ko abatwara imigambwe bomukibiri bose baba de simples acteurs politiques. Imigambwe yabo tuyihe abashobora kutuyoboka. Sinon ntimumbaze !
Dolofo : None ga Mzee na Rufyikiri nzomuconvoka mubiro ?
Petero Nkurunziza : Oya. Uragira kumwe wagize la fois passée.
Dolofo : Ariko mzee uraraba neza quand même mu biro iwawe, nugukubura kuko ubu dusubiye kurugamba ; harabantu bayayata nka Neva nukubarungika gukorera ahandi, ntaco batumariye ngaha…
Bunyoni :.. ko wibagiye wawundi bari batanguye gusasira tapis rouge !
Petero Nkurunziza : Eh ! Arrêtez, c’est exactement ce que l’ennemi attend ! Dutanguye kwirukana abantu, ahoho nca mpera kuri Tout Autre ! Or ibara rica rirwa. Twuguruye iyo front ouvertement, je vous assure konokuturasa bashobora kuturasa ! Nous devons être plus malins, les amis !
Wewe il faut les convoquer et tape sur la table ! Batere ubwoba ! Des filatures ! Des téléphones anonymes ! Les emmerder quoi ! Arafu muone kama hatutasonga mbere !
Bunyoni :… Kaka ab oba Tout Autre nukubandanya tubabuza kuja muri mission na Prezida ; kutamuha amadosiye yokugira kumaradiyo… bref kubima akazi. Bazokumva ko bari marginalisés agacanwa kazoca kaba gake ndakurahiye.
Par contre muri 2015 tumaze gutsinda, là tuzoba dufise imfunguruzo zose, tutagonga ! Là on frappera fort ! Très fort ! Nikubaumiza !
Petero Nkurunziza : erega mwabagabo twibagiye babagesera bomuri Société civile ! Félicitation d’ailleurs kuri cas Mbonimpa ! narababwiye ko….( umupfasoni w’umukuru w’igihugu aciye yinjira. Ikiyago kirahindutse).
( Ikigabane gikurikira ,hanyuma)
(Inkuru yanditwse na Pancrace CIMPAYE , igenekerezo rya 25 Mukakaro 2014)