Umubabaro w'umugambwe CNDD-FDD aho ibiharuro nyakuri vyavuye

mu matora yo ku wa 24 Rusama 2010 bimenyekaniye!

 

Burundi news, ku wa 4 Myandagaro 2010

 

Vyanditswe na RUKINDIKIZA Garasiyano

 

Kenshi uwininahaza aba yerekanye ko vyamunaniye. Kandi ntivyoroshe kunyegeza ingaruka mbi zica zikurikira. Muri poritike, ukwiyemeza mu mutwe ibitagira ifatiro, bituma umuntu aca yiyumvira ngo ivyo yiyemeza nivyo kandi ari ibinyoma. Bisa n'uko umuhinga asonda akari ku mitima yoremesha uwo vyananiye kugira amwemeze ko hanyuma azobishobora.

 

Perezida Nkurunziza ati: « Nshaka kumenya ubusumbasumbane bw'amajwi ntabeshuzwa yavuye mu matora y'abajenama b'amakomine. »

 

Amatora ya 2010 y'abajenama b'amakomine mu Burundi yononye vyinshi, kandi ku ngero zinyuranye. Abarundi bose, ata n'umwe avuyemwo, basa n'ababuze ayo bacira n'ayo bamira. « UGUTSINDWA » kwa bamwe ntikwatahuwe, nkuko « INTSINZI » y'abandi yashitse giturumbuka. Mbere yari umurengera, ku buryo abayiyitirira barinze kuyigerura ibice 20 kw'ijana, kuko nabo nyene yari yabateye ubwoba.

 

Ihimirizwa ryo kwiba amajwi ryaturutse muri CENI, wa murwi wiswe ko wigenga ujejwe gutunganya amatora. Nyene gutwara uwo murwi, ngo yoba yaraguzwe kugira akingire ikibaba abivye amajwi. Ico Perezida Nkurunziza yakoze ciza mugabo, kwabaye gusaba ko amajwi aharurwa kubiri: ibiharuro vy'amajwi bitangazwa icese kandi ari ikinyoma kitambaye, be n'ibindi biharuro binyegezwa kuko arivyo vy'ukuri! Amasandugu yarimwo amajwi y'ukuri yanyururijwe ahantu hihishije guharurirwayo; nayo ayari yarundagiwemwo cane cane amajwi ya CNDD-FDD aba ariyo aza guharurirwa ku mugaragaro! Vyongeye, hamwe hamwe vyananiranye kuronka amasandugu arunzwemwo amajwi y'ubusuma, bene kwiba bari bibangikanije ivyemezo ( « P.V. mu kinyamazuru) vyemeza ibinyoma ngo niko kuri, n'amatora ataratangura.

 

Bica vyumvikana igituma umukuru wa CENI atarota aserura ivyemezo bigaragaza amajwi nyakuri yavuye mu matora y'abajenama b'amakomine. Nayo akaba afiswe na Perezida Nkurunziza, nyene gutegeka ico caha.

 

Umugambwe FNL waronse amajwi 56%, nawo CNDD-FDD utahukana 25% gusa!

 

Mur'ivyo biharuro vy'ukuri ntiharimwo ibitazwi vyo mu masandugu yashwiragijwe n'abaporisi mu mashamba hirya no hino, canke mu mashule atandukanye, kuko barakajwe n'ubwo busuma butagira izina.

 

Mu ntara za Makamba, Kirundo, Mwaro, Muyinga, umugambwe CNDD-FDD ntiwashikanye na 10% (cumi kw'ijana) ry'amajwi, uravye ico cegeranyo cashikirijwe Perezida. Mu ntara zimwe zimwe nka Cankuzo, Ngozi na Gitega, ngo amajwi yawo yoba ari hafi ya 35% ( mirongo itatu na gatanu kw'ijana).

 

Igitigiri catangaje Perezida ni ic'umugambwe wa RWASA Agathon ari wo FNL warushije amajwi iyindi migambwe, na canecane mu ntara za Kirimiro, Imbo, no mu gice c'uburaruko. Umugambwe MSD wa SINDUHIJE Alexis waronse amajwi ahakwa kungana n'aya CNDD-FDD. Amajwi umugambwe CNDD-FDD waronse mu gihugu cose ari hagati ya 20% (mirongo ibiri kw'ijana) na 25% (mirongo ibiri na gatanu kw'ijana).

 

Umupfumu karuhariwe ni NDAYICARIYE Petero Kalaveri arongoye CENI kuko niwe yabanje guhamurira CNDD-FDD ko waronse ibiharuro 80% (mirongo umunani kw'ijana) vy'amajwi, hanyuma arabigabanya gushika ku 64% (mirongo itandatu na kane kw'ijana) aho gushingira intahe ukuri kwagaragaje ko umugambwe CNDD-FDD utarengeje ibiharuro 25% (mirongo ibiri na gatanu kw'ijana) vy'abawuhaye amajwi.

 

Abavugizi ba Perezida Nkurunziza basimbiye kw'isunzu ry'inzu ngo amatora y'abajenama b'amakomine yabaye ku mugaragaro ata mahinyu arimwo ntibanama rimwe na we, kuko wewe arifitiye ivyemezo ko Abarundi batatoye namba umugambwe wiwe. Ariko ntikibuza abo bavugizi biwe kuguma bifatira mu gahanga no gurtyoza abagunduye ubwo busuma bwaranze ayo matora.

 

Ubwo bunyonyezi si ikindi atari ugutembagaza ishaka ry'abanyagihugu. Amakungu yaranse gukeza NKURUNZIZA, kandi yavyanse bikwiye. N'abanywanyi b'umugambwe CNDD-FDD ntitwigeze tubona ko bahimbaza « intsinzi » yabo; kanatsinda ntayo baronse. Ikibaraje ishinga ubu n'ugusubiranamwo. Intonde z'abashingamateka zabo zisa n'izateye umudugararo mwinshi mu mugambwe wabo. Tuzobigarukako hanyuma.