Burundi news, le 18/05/2015

 

LETA ZUNZE UBUMWE BW’ AMERIKA IRAGABISHIJE ABATERA UMUDUGARARO MU BURUNDI

Itanganzo risohowe na  Jeff Rathke

Umukuru w’ibiro  vy’imigenderanire n’abamenyesha makuru

iri Washington, DC

Rusama 15, 2015

 

Leta zunze ubumwe bw’ Amerika irahagaritswe umutima n’ ibivugwa mugutera ibitero no kwica abantu bikwirikira ugufata ubutegetsi kunguvu vyabaye kuri Rusama igenekerezo rya 13,2015. Irasavye ishimitse kandi mu maguru masha ko President Nkurunziza yokwihanikiriza agahagarika ubwo bwicanyi. Maze akabuza aba polisi n’imbonerakure kwica no guhohotera abanyagihugu biyamiriza ikiringo ca gatatu ciwe. Iyo leta iriyamirije ninguvu iyo nyifato yo kwica no guhohotera abanyagihugu biyamiriza ubutegetsi. Maze ikaba yifatanije nabo bose bagize uruhara mukwiyamiriza imanda ya gatatu ya Petero Nkurunziza. Umuntu wese yagize uruhara mu guhohotera abigaragamvya azotegerezwa kubibazwa.

Iyi leta irubahiriza cane amategeko kandi irihanije uwo wese ashaka gufata ubutegetsi bidaciye mu mategeko. Iyi leta iremeza neza yuko amasezerano yi Arusha ariyo yatumye amahoro agaruka mu Burundi ubwicanyi bwagahomera bunwa bugahagarikwa. Iremeza kandi yuko ayo masezerano ariyo shingiro y’umutekano n’ukwumvikana mu gusangira ubutegetsi Uburundi bwaronse. Ingingo President w’uburundi Nkurunziza yafashe yukutubahiriza ayo masezerano mu kwiyandikisha ngo yitoze mu matora y’ugutwara ubugira gatatu yatumye ubwicanyi n’umudugararo bigaruka mu Burundi.

Leta zunze ubumwe bw’amerika yaramaze gufata ingingo yukwima ama visa yo kwinjira mugihugu iwabo uwo wese yagize uruhara muri ubwo bwicanyi. Irasaba ko leta zose zo kwisi zofata iyo ngingo. Leta zunze ubumwe bw’amerika irasubiye kumenyesha yuko mu mategeko ayigenga idashobora gutanga imyimenyerezo yigisirikare ku basoda n’amakambi yagize uruhara mu kutubahiriza agateka ka zina muntu no guhohotera kiremwa muntu. Turashigikiye kandi iciyumviro ca leta zunze ubumwe bwa Africa kudasubira kurungika abasirikare b abarundi muri AMISOM (African Union Mission in Somalia). Turaamaze kubona ko abajejwe umutekano bahohotera abaharanira agateka ka zina muntu bizotuma ata musirikari wu Burundi azosubira kurungikwa gucungera umutekano muri Somalia.

Leta zunze ubumwe bw’ Amerika irashigikiye intumwa ya ONU  Umushingantahe Said Djinnit , intumwa za Africa zunze ubumwe(AU), hamwe n’ akigoro k’ ibihugu bigize Africa z’ubuseruko muguhura  kugira barabire hamwe  ingorane z’ibihugu vyo mu biyaga bigali ndetse nukwihweza ingene bogarukana amahoro mu Burundi. Tukaba dushaka kugira uruhara vuba na vuba mukumvikanisha abarundi.

Leta zunze ubumwe bw’ Amerika irashimishijwe n’ingingo zafashwe n’abafasha uburundi mu kugabanya canke gufuta burundu infashanyo baha Leta y’ uburundi kumpamvu z’ubwicanyi nuguhohotera kiremwa muntu. Irashimira u Rwanda, Repubika iharanira Democratie ya Congo, na Tanzania vyakiriye impunzi z’abarundi bagera ku 100.000 ( ibihumbi ijana) kandi irateye akamo leta y’uburundi gukuraho imvo zibuza abanyagihugu guhunga ikwugurura imbibe kugira uwugeramiwe aronke aho aca mu gukiza ubuzima bwiwe.

Turifatanije n’abarundi muribi bihe bigoye. Turasavye dushimitse leta y’uburundi kwerekana mungingo ko ishaka kandi yipfuriza amahoro abarundi bose.