ITANGAZO N°7 RYO KUWA 07 RUHUHUMA 2012 RY’ABAGUMYABANGA BIYEMEJE KWUBAHIRIZA AMATEGEKO N’AKARANGAMUTIMA K’UMUGAMBWE CNDD-FDD.

Kuva kw’igenekerezo rya 07 Ruhuhuma 2007 gushika igenekerezo rya 07 Ruhuhuma 2012, imyaka itanu irakwiye habereye mu ntara ya Ngozi ikoraniro ry’akajagari ryitiriwe umugambwe CNDD-FDD. Ako kajagari n’iryo koraniro vyaratewe ivyatsi  n’abagumyabanga benshi. Bamwe muri abo bariteye ivyatsi, barabogojwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mu mabanga y’igihugu bari bajejwe, abikorera utwabo baratotezwa, baranakumirwa muri ivyo vyose bafitiye uburenganzira. Hari abagumyabanga nabo babonye ko politike yo kuniganwa ijambo yashinzwe, bahisemwo kuba baragumanye n’ubutegetsi ku mwizero w’uko bogira uruhara mu gusubiza hamwe abagumyabanga no mu gutuma ingendo y’ubunyonyezi no kutibanga ivy’intwaro ibereye bihinduka. Ariko ivyo vyarabataye kuw’amazi. Bari bibagiye y’uko « akananiye imbwa kananira n’iyindi » ; uwavuze kw’izina ryabo, umushingamateka Manassé NZOBONIMPA  nawe nyene yaciye abizira, akurwa mu mugambwe ndetse arahakwa no kugandagurirwa mu gihugu c’Ubugande. Demokarasi, ukutubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu, umwidegemvyo muvya politike hamwe no mu guserura ivyiyumviro, ntivyatosekariye mu bagumyabanga gusa. Vyaratandukiriye iyindi migambwe hamwe n’igihugu cose. Abarundi bava mu mice itandukanye, baba abari muvya politike, abo mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya politike, mu ntango ntibashoboye kumenya umukenyuro w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Babona ko ashaka kuzivya no gutuza abagumyabanga gusa batyozwa, ntibamenye y’uko ubutegetsi bushaka gusasira indava amayeri y’ubusuma n’ayandi mabi atukisha igihugu kubijanye na Demokarasi n’intwaro ibereye. Ntibamenye y’uko uguhindura mu kajari uburongozi bw’inama nshingamateka, ukubogoza abashingamateka bitorewe n’abanyagihugu, vyose vyari bifise intumbero imwe yo gutegura amanyanga n’amarementanya vyahavuye vyibonekeza biraniganza mu nyuma.

Baba abanyepolitike bamwe bamwe, baba abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya politike, ndetse n’incuti z’Uburundi zegamiye amashirahamwe mpuzamakungu n’ibihugu bicuditse n’Uburundi, ntibashoboye kumenya hakiri kare ingaruka mbi ku gihugu z’iyo nyifato yo guhonyanga Demokarasi mu mugambwe CNDD-FDD no mu nama nshingamateka. Nivyo vyatumye habaho itegurwa ry’itegeko ribi rigenga amatora kuko rihushanye gose n’ibwirizwa nshingiro. Iryo tegeko niryo ryasutse igipfungu mu matora, abanyepolitike bamwe bamwe baza kubona ingaruka mbi yayo matora y’amakomine avuye mu nzira. Ivyakurikiye birazwi. Ubu mu migambwe myinshi itavuga rumwe na Reta, mu mashirahamwe atagira aho yegamiye muvya politike, hasigaye harangwamwo amarira n’amaganya.  Twibuke ko mu ntango, ayo marira n’amaganya vyarangwa mu bagumyabanga biyemeje guharanira iyubahirizwa ry’amategeko gusa. Ibintu vyarayangaye mu Burundi, amakuru y’ama radio n’ibimenyeshamakuru asigaye ameze nk’amatangazo yo kubika, akuranwa n’imyidogo kubijanye n’ubusuma no gusesagura ubutunzi bw’igihugu vyimonogoje.

Abagumyabanga biyemeje guhagararira iyubahirizwa ry’amategeko mu mugambwe CNDD-FDD, bashimye kugaragariza abarundi n’amakungu aho bahagaze kubijanye n’akajagari kari muvya politike n’intwaro ibereye mu gihugu. Babona y’uko ibintu vyifashe uku gukurikira :

 

 

1.     Muvyo kwubahiriza agateka ka zina muntu n’umutekano : Abarundi batari bake baricwa k’umugaragaro, mu butegetsi hakarangwa agacerere nk’uko umengo siho buri. Ivyo biterwa no gukingira ikibaba ababugira. Abatari bake usanga bicwa na bamwe bamwe bajejwe bakanahemberwa igikorwa co gukingira abanyagihugu bari mu nzego z’umutekano. Ivyo n’inama ya ONU ijejwe umutekano mw’itangazo yasohoye kuwa 21 KIGARAMA 2011 yaravyemeje.

 

2.     Muvya politike ishingiye kuri Demokarasi y’imigambwe myinshi : Iyo politike ubutegetsi bwarayinigiye mu menshi kuko abo bategetsi bashaka ko umugambwe wabo ariwo ukora wonyene. Amabi akorerwa muri CNDD-FDD yatumye uwo mugambwe utakaza abanywanyi benshi. Ivyo bituma mu kurondera abanywanyi ku nguvu, ubwo butegetsi nyene bwahisemwo gusambura iyindi migambwe canke kuyicamwo amashami kugira abasanzwe bayikoreramwo babashe kwishikana. Uwutari mu mugambwe wabo ntaronka uburenganzira bwo gukingirwa umutekano no gutunganirizwa mu butungane, tutibagiye ivyo vyose buri wese arekuriwe atabanje kwishikana. Birashika hakaba aboroherezwa babanje gupfumbatisha. Abarundi benshi ntibaronka abo bitura mu migambi yose ijanye n’iterambere kuko abategetsi benshi bigenza nk’abari mu myiyamamazo y’umugambwe wabo gusa aho hose baherereye.

 

3.      Mu bijanye n’ubutungane : Biturutse ku guhengama kwabwo mu kubura ubwigenge, inkozi z’ikibi zose mu kwica no mu kugira ayandi mabi zitwaza kuba zishigikiye umugambwe uri ku butegetsi, zikaniheka no kuri bamwe mubari mu butegetsi ubutungane budashobora gukomakoma. Ukwizera imburano ku barundi benshi, ni nko guta umwanya canke kwimara amazinda gusa. Ivyo biterwa n’uko abacamanza benshi amategeko ntaco akibabwira. Uguhana umuntu, kumweza canke kumurengutsa, kenshi bivana n’ingene ahagaze muvya politike canke uko aba yapfumbatishije. Ivyo uwushatse yobihinyuriza k’urubanza rwa Ernest MANIRUMVA, k’ubwicanyi bwo mu Gatumba n’ubwo abandi barundi badasiba kugandagurwa. No mu ma dosiye atari make yo mu bunyonyezi, niko kw’uko.

 

4.      Muvyo ubutunzi : Ntawogaruka k’ubusuma buvurwa canke bwama bwavuzwe. Ama radio n’ibimenyeshamakuru bitari bike vyama vyashize ahabona ama dosiye atari make yama yavuzwe n’abanyagihugu eka mbere n’ishirahamwe rijejwe kurwanya ibiturire, kunyuruza no gusesagura amatungo ya Reta (OLUCOME) ryama ryasemereye. Wanashaka, amwe muri ayo ma dosiye ari mu bubati bwa sentare ijejwe kugwanya ibiturire no mu bugenduzi bukuru bwa Reta muvy’ubutunzi. Ayo abitswe kubera yega abakingiwe n’ubutegetsi, ubwo nabwo bukaba budashobora kwikora mu jisho canke ngo bwikore mu nda. Ubunyonyezi n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta vyatumye ibigega bigaragara mu gihe n’ubutare bwotumye bibomboka bucukurwa ku nyungu z’abategetsi bamwe bamwe. Abagwizatunga basigaye batangishwa amakori y’umurengera, ivyo bigakorwa mu gushaka guhomahoma ikigega ca Reta. Inyungu bahora baronka niyo ubutegetsi bushaka ko iriha ibisahurwa mu kigega c’igihugu. Abo bagwizatunga, kiretse abakora bibira abategetsi bamwe bamwe canke abibana nabo, abandi bose barabuze ayo bacira n’ayo bamira, bitumwe n’ayo makori y’umurengera. Hari ababaye barahagarika uwo mwuga, abandi bagashima kwomoka mu kuja gutarataza mu bindi bihugu, nk’Ubuganda, Sudani y’amaja epfo, muri Congo n’ahandi. Ivyo birateye agahinda kuko Uburundi buhahombera vyinshi. Abahisemwo kunangira nabo, usanga bageze ku madeni erengeye umutahe bari bafise. Abo ntawuzi ikizobakiza aho kizova. Ibiciro n’ibidandazwa vya nkenerwa, co kimwe n’ivyo ibifungurwa n’umurengera. Ubu abarundi benshi baratubitse umukanda. Amakori bariha yaje gusongera isibe kuko bari basanzwe barasangutse kubera ubukene n’inzara. Ivyo tubirabira no ku bakozi ba Reta, aho usanga nka bose batagishobora kuriha ikori  ry’inzu mu mushahara wabo. Ivyo biri uko mu gihe atakigoro na kamwe gakorwa kugira Uburundi buve muri ako kaga. Ahubwo uko iminsi igenda niko ibintu bigenda birunyuka.

Mu gusozera, abagumyabanga biyemeje kwubahiriza amategeko n’akarangamutima k’umugambwe CNDD-FDD, babona ko hakwiye gufatwa ingingo zirashe haba muvya politike no mu butunzi, zotuma itotezwa ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’ubwicanyi bihagarara. Izo ngingo zotuma kandi ubusuma no gusesagura amatungo ya Reta bihagarara, maze umwizero w’amakungu k’Uburundi ukagaruka. Ukubungabunga itunga ry’igihugu no kurwanya ibiturire vyoheza bikaba ingendo ya bose. Umwimbu wokwongerekana kubera y’uko bene burundi bose boca bava mu ndyane bakitwararika kuwugwiza. Ivyo bikajana n’isabikanywa ry’ubutunzi bw’igihugu cane cane irisanzwe riva mu butaka bw’Uburundi.

Abarundi bakeneye amahoro, umutekano no kubaho neza ; ivyo navyo ntibikirangwa mu gihugu. Kugira bibeho, inzira n’imwe gusa. Iyo nayo s’iyindi ; n’iyo ibiganiro. Ni nayo yotuma abanyepolitike bangajwe n’ubutegetsi batahuka, abapfunzwe nabo bakarekurwa, maze ubutegetsi bukareka kwimaramaza mu kubahiga buhongo haba mu gihugu, iyo batse indaro mu mahanga canke mu ngendo zabo. Bitabaye uko, ubwo butegetsi buzoguma bwicafuza bwongera bucafuza ababukorera bose ; bwongere bucafuze n’ababanyi nk’uko biherutse kuba igihe igipolisi ca Tanzaniya cagwa mu mutego w’ubutegetsi bw’Uburundi, mu guta muri yompi Alexis SINDUHIJE arongoye umugambwe MSD. Bitabaye uko kandi, ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA nyene, uko buzobandanya buteka umutwe mu kurondera kuzivya abo bose baborozwa n’amabi bukora, niko abatavuga rumwe nabwo bazoteka umutwe mu kurondera ko abarundi ubu bameze nk’abagira basome nturi, baronka aho bahemera. Uburundi bukazogumamwo induru isamaza bene bwo bobuteje imbere, yongera ibaca inkokora. Abagumyabanga biyemeje kwubahiriza amategeko n’akarangamutima k’umugambwe CNDD-FDD, bararemesheje umushingamateka El Hadj Hussein RADJABU n’abashingamateka bapfunganywe, bongera babakeza kukugene babandanya bihangana. Bararemesheje kandi abanyepolitike bose n’izindi nzirakarengane bapfunzwe, babasaba kwihangana kuko abarundi bayamaze bati : « Nta mvura idahita ».

                                                                                

                                                                         I Bruxelles mu Bubirigi, kubw’abagumyabanga

Biyemeje guharanira iyubahirizwa ry’amategeko

                                              Abdoul NZEYIMANA Sé

                                           

                                                                                               Umuvugizi