Burundi news, le 23/10/2011
Demokarasi : Démocratie REPUBLIQUE DU BURUNDI Président NDADAYE Melchior
Gukora : Travail PARTI SAHWANYA-FRODEBU Incungu y’Uburundi na Demokarasi
Ugusabikanya : Equité CABINET DU PRESIDENT Héros National de la Démocratie
___________________________________________________________________
IJAMBO RISHIKIRIJWE N’UMUKURU W’UMUGAMBWE SAHWANYA FRODEBU MU GIHE CO KWIBUKA IMYAKA 18 IHEZE UMUKURU W’IGIHUGU WA MBERE YITOREWE N’ABANYAGIHUGU PEREZIDA MELIKIYORO NDADAYE AGANDAGUWE, 21 Gitugutu 2011
Ba Nyen’icubahiro mwese mukoraniye ngaha,
Mupfasoni usigwa n’umuhisi Perezida Melikiyoro NDADAYE,
Ba Nyen’Icubahiro mwahoze murongoye igihugu c’Uburundi,
Baryango b’umuhisi Perezida Melikiyoro NDADAYE,
Ba Nyakubahwa muserukira ibihugu vyanyu mu Burundi,
Banyamigambwe mwaje kudufata mu mugongo,
Nziraguhemuka mwese,
Bashingantahe, bapfasoni, rwaruka
Batumire, bahire
Tugire amahoro, tugire amahoro n’agateka kuri bose.
Kw’izina ry’umugambwe Sahwanya-FRODEBU no kw’izina ryanje nyene ndabahaye ikaze kandi ndabashimiye kuko mwashimye kuza kudufasha uyu musi turamutse twibuka imyaka 18 iheze umuhisi Perezida Melikiyoro NDADAYE, umukuru wa mbere w’igihugu c’uburundi yitorewe n’abanyagihugu agandaguwe n’abansi ba demokarasi.
Twazindukiye mu nkuka y’imisa kumusabira, duca tugenda ku ntatemwa z’incungu za demokarasi kumusabira, none turi ngaha ku ngoro y’umugambwe Sahwanya-FRODEBU kugira ngo dusozere urubanza rwatuzindukanye. N’ukuri muraduteye iteka, muratey’iteka umuhisi Melikiyoro NDADAYE, muratey’iteka umuryango wiwe, muratey’iteka igihugu cacu. Ntimubaye nka babandi birirwa badandaza izina ryiwe gusa ngo bironkere icorirenza. Nsavye inziraguhemuka bose bakoraniye ngaha kubakomera amashi kuko mubikwiye.
Mu myaka iheze, mu bihe nk’ibi, twagarutse cane cane ku buzima bwiwe, aho yavukiye, aho yize, amabanga yaranguye mu gihugu canke muri politike. Uno musi, twashimye kugaruka k’ukugene yiyumvira Uburundi bushasha bwoba bwubatse.
Muri rusangi, umuhisi Perezida Melikiyoro NDADAYE yavuga ati:
Kubijanye n’ikibazo c’amahoro n’umutekano, inzego zijejwe gucungera amahoro n’umutekano zizotunganywa gushasha kuburyo zitazosubira kwitirirwa ubwoko, umugambwe canke intara, amabanga yazo atandukanywe, igisirikare gikore ivyo kijejwe, igipolisi gikore ivyo kijejwe, iperereza rikore ivyo rijejwe. Tuzoha abasirikare, abapolisi n’abajejwe iperereza inyigisho zihagije kugirango umwuga wabo wisunge ivyiyumviro bishasha vy’intwaro ya demokarasi;
Kubijanye n’agateka ka zina muntu, turahakanye ko gusonera agateka ka zina muntu bivugwa kukarimi gusa, nico gituma tuzoshinga sentare nshasha ijejwe guca imanza z’abitwara canke abitwarirwa kubera kutubahiriza agateka ka zina muntu. Kugira dusezere ingeso zihitiye zo kutibanga ubuzima bw’umuntu, amategeko arekura guca urubanza rwo gupfa azohanagurwa. Ubuzima bw’umuntu nikatihabwa nta numwe arekuriwe kubuzimanganya. Abamenyesha makuru, amashirahamwe yigenga na cane cane abari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu canke agateka k’abakozi, bazoshigikirwa kugira ngo baronke inguvu zikwiye zo guhagarira inyungu z’abanyagihugu no gukebura Reta;
Kubijanye n’ikibazo c’ubutungane, urwego rw’ubutungane ruzotegerezwa kwigenga kuburyo abarongora urwo rwego n’abacamanza bazitorerwa n’abagize urwo rwego. Abacamanza n’abashikirizamanza bazogira ubwigenge bukwiye mukurangura amabanga bajejwe, mukuduzwa amapete mu buzi, mugutwarwa be no mu buryo bwo gukoresha, gurtyo ntibasubire kuba igikoresho c’akarwi k’abantu canke c’umugambwe uba witwa ngo uri k’ubutegtsi ;
Kubijanye no kumvikanisha no kunywanisha abarundi, ubumwe bw’abarundi bo mu bwoko bwose, bo mu miryango yose, atari ubw’agahemo, buzokomezwa n’ingendo nshasha yo gushira imbere ubutungane, ugusabikanya, ukwihanganirana n’ukungana kw’abanyagihugu bose imbere y’amategeko;
Kubijanye no gutez’imbere igihugu n’abanyagihugu, imbibe z’intara n’amakomine bizosubirwamwo kugirango ubutegetsi bwegere abanyagihugu, kandi komine ibe icicaro c’iterambere. Amafaranga azokoreshwa mu migambi yerekeye guteza imbere uburimyi n’ubworozi, ubutare n’agataka azotegerezwa gushikira ibice 50% vyamafaranga yose akoreshwa na reta mukurangura imigambi y’iterambere.
Amashirahamwe y’abarimyi n’aborozi bishize hamwe kugira ngo barwanire umwuga wabo, na cane cane ibiciro vy’ivyo bimbura azogira ijambo rikomeye mu vyerekeye integuro y’imigambi y’iterambere ry’abanyagihugu.
Igurishwa ry’amashirahamwe ya reta mu bikorera utwabo, rizokorwa habanje kugirwa icegeranyo cerekana neza ubuzima bw’iryo shirahamwe. Iyo raporo izotegerezwa gutangazwa icese kugira ngo ababishoboye boroherezwe mu kugura imitahe. Gurtyo itunga ry’igihugu rizoba risabikanijwe na bose;
Kuvyerekeye imibano n’ubumenyi, amategeko agenga akazi azosubirwamwo ku buryo umukozi uwari we wese, uko ameze kose, uko abayeho kose yubahirizwa ntihagire uwuzosubira kugirwa umuja w’abandi ;
Gutanga akazi mu mashirahamwe yegamiye reta n’ayo reta ifisemwo imitahe bizotegerezwa guca mu bibazo hinjizwe abarushije ubushobozi abandi, gurtyo ingendo ya mpinga yanje ya ka mwana wa mama iranduranywe n’imizi;
Amasaha y’akazi ntazorenga mirongo ine ku ruhusha kandi umusi wa gatandatu co kimwe n’umusi w’Imana izoba imisi y’akaruhuko.
Mu ncamake, Perezida Melikiyoro NDADAYE yipfuza ko ubutegetsi bwokwegerezwa koko abenegihugu n’ukuvuga kwitorera abategetsi bavyumva, babizi kandi babishoboye, kubashikiriza uburyo bukwiye no kubaha abahinga babafasha gutegura no gushira mu ngiro imigambi y’iterambere. Yipfuza ko amahera y’igihugu yegera abenegihugu aho kuguma mu mipfuko y’akarwi k’abasuma aho gutez’imbere igihugu n’abanenegihugu, ariko kiteza imbere mu kubaka vya bizu no mukugura vya biduga bikwegana, mu kwigarurira amatongo y’igihugu, muguhuma amaso abenegihugu ngo bazobakorera vyose kugira ngo ntibigere bamenya ubusuma, ubwicanyi n’ububeshi biriko biraba mu gihugu.
Yararajwe ishinga ryo kubaka uburundi burangwamwo amahoro n’umutekano kuri bose, ubutungane kuri bose, agateka ka zina muntu muri vyose na hose,iterambere kuri bose rishimikiye ku makomine, kunywanisha abarundi no gusabikanya ivyo igihugu gitunze ata nyagupfa ata nyagukira nkuko atahengeshanya kubivuga.
Muti none inyuma y’imyaka cumi n’umunani iheze Perezida Melikiyoro NDADAYE agandaguwe iyo migambi yarafise yifashe gute?
Kuvyerekeye amahoro n’umutekano, ubwacanyi bw’agahomerabunwa bwasubiye kuba ndanse mu gihugu. Abantu basigaye bakurwa ku mirimo yabo canke mungo zabo, bagafatirwa mu mayira canke ku mashure bakicwa, bagatabwa mu nzuzi canke mu mashamba canke ababo ntibamenye n’iyo bazimanganiye. Ikibabaje n’uko ubwo bwicanyi bwagirizwa bamwe bamwe mubari mu nzego za reta bafadikanije n’imbonerakure. Ubu umuntu ntaho ataniye n’akanyegeri uhonyora ukirenganira.
Inzego zijejwe gucungera amahoro n’umutekano (igisirikare, igipolisi, iperereza) zisigaye zitegekwa n’akarwi k’inkorabara gafukamye mu nda igihugu n’abenegihugu. Biraboneka neza ko ingwano yasubiye gusutama mu gihugu, ihonyabwoko riri ku muryango.
Kubijanye n’agateka ka zina muntu no kwishira no kwizana, abantu baricwa bunyamaswa, bagatabwa mu nzuzi canke mu mashamba, bagapfungigwa ubusa bakazimanganwa canke bakangazwa. Abahurikiye mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, amasendika y’abakozi, amaradiyo n’ibinyamakuru vyigenga , icibagiwe co n’imigambwe ihurikiye mu runani ADC-Ikibiri baratotezwa bimwe biteye vyagahomera bunwa.
Barafatwa, bakanikirwa imbere y’ubutungane, bagatabwa mu mvuto naho ataco boba bagirizwa. Utari mu mugambwe canke ishirahamwe bita “nyakuri”, utemeye kwirigwa uririmba uti: “tugire amahoro n’umugambwe CNDD-FDD wayaduhaye” nta jambo, nta kibanza uba ufise muri iki gihugu, witwa inyanka Burundi, witwa umwansi w’igihugu, uba nyagupfa. Amarementanya n’iterabwoba n’urutavanako.
Muri ico gisata nyene, reta iriko irategura amabwirizwa n’amategeko agamije kuzimanganya intwaro ya demokarasi mu Burundi, gufuta imigambwe n’amashirahamwe yigenga hamwe no kugara amaradiyo y”igenga n’ibinyamakuru bitaririmba ubutegetsi n’umugambwe uri kubutegtsi, gurtyo hasigare imigambwe, amashirahamwe n’amaradiyo bita “nyakuri” biguma biririmba biti: “nta butegetsi bwiza nkubu twari bwabone kuva Uburundi bubaho”.
Ku vyerekeye ubutungane, ntawuzi iyo bwazimanganiye gushika naho abashingwamanza basigaye birigwa baraburondeza amatoroshi n’amabuji. Busigaye buboneka iyo hageze gufata, gucira imanza no gupfunga abahurikiye mu runani ADC-Ikibiri, abari mu mashirahamwe yigenga atari nyakuri, abamenyesha maukuru bo mu maradiyo n’ibinyamakuru vyigenga. Ahandi womenga ubutungane buri mu karuhuko.Buraburabuzwa bikwiye ; niyo hataba abakingira ukuri n”ijamboburazimangana ntagisivya.
Ku vyerekeye itunga ry’igihugu, itunga ry’igihugu risigaye rigendera mu mipfuko y’akagwi k’inkorabara atakindi kikaraje ishinga atari ukubaka vya bizu bigerekeranye, kugura vya biduga bikwegana, kwigarurira amatongo ya reta n’ay’abanyagihugu. Uwogira impari yoshikira OLUCOME n’umushingamateka Manassé NZOBONIMPA canke Urunani ADC-Ikibri bakamucira ku mayange. Amafaranga amaze kunyuruzwa n’ako kagwi yababa imiliyaridi ijana na mirongo ine y’amafaranga y’amarundi. Ibiciro, amatagisi vyarabaye umurengera, amafaranga yacu nta gaciro agifise ni rimwe na rimwe tukumva baduhariye ivomo.
Iyindi nkurikizi mbi y’ubwo busuma n’isesagurwa ry’itunga ry’igihugu n’ubukene butagira izina bwugarije abenegihugu. Igihugu cacu gisigaye ari iciro ry’umugani. Kiri mu bihugu vya mbere bikenye kandi birya ibiturire kw’isi yose. Amakungu asa nayariko araduharira ivomo.
Ikibabaje n”abanyagihugu bagiye kwikorera umusaraba w”amatagisi y”umurengera n”ibiciro batagira ayo bacira n”ayo bamira.
Kubijanye no kunywanisha abarundi no kurekurirana, nta kuri kuzigera kumenyekana kuvyabaye mu gihe no mugushinga umugwi uzotohoza ukuri kuri kahise harimwo amacenga n’ikinyoma biteye ubwoba, mu gihe mu gihugu hari uruhagarara. Aho kunywanisha abarundi uwo mugambi ugiye kugarukana ingorane z’amoko, z’intara hamwe n’urwanko mu gihugu.
Kubijanye n’imibano n’ubumenyi,
· Ku vyerekeye amashure, turiko turasubira muri ya masomero ya yaga Mukama twahora twumva kera. Mu myaka iri imbere, umurundi azitwa incabwenge ni uwuzoba azi gusoma za ndome mirongo ibiri na zine hamwe no guharura gushika kw’ijana. Uwo niwe azoba yitwa ko yaminuje
· Ku vyerekeye itangwa ry’akazi, gomba ube ufise dipolome bita dogitora zitanu, utari mu mugambwe CNDD-FDD canke muri ya migambwe na y’amashirahamwe nyakuri, utazi kuririmba ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD-FDD canke ka karirimbo twavuga aha hejuru, utazi kurasa, nta kazi uzigera uronka muri iki gihugu.
Muri make, utari umwicanyi karuhariwe, utari umusuma komvyo, utari umusavyi umwe n’ubuhanza bwatobotse kubera gusaba, utari mpemuke ndamuke, utari ntamba aho bweze, utari n’iryo ari bo twita mu giswahili ndiyo bwana, nta jambo, nta kibanza uba ufise muri iki gihugu. Murumva rero ko rya ragi ry’umuhisi Perezida Melikiyoro NDADAYE rigeramiwe, ririko rirazimangana.
Nico gituma kugira ngo turigarukire, turinagure, turikomeze, turitsimbataze dusavye ibi bikurikira:
Reta ntaco twiriwe turayisaba kuko ivyabo birazwi, vyaramaze kuyita kuw’amazi
Abenegihugu, abanyamigambwe, abarongoye amashirahamwe yigenga, abamenyesha makuru, abihebeye Imana, kuva hasi ngo tugire urunani rw’intamenwa rw’abaharanira amahoro, demokarasi, agateka ka zina muntu muri vyose na hose, ubutungane kuri bose, ubumwe bw’abarundi atari agahemo, iterambere kuri bose atari irya akagwi k’abasuma gashigikiwe naba ndiyo bwana, twiyamirize ubutegetsi bw’igikenye, bw’agahotoro aho buturuka hose, turwanye ba kaboko, twiyamirize ba mpemuke ndamuke, ba ntamba aho bweze, abanya kinyoma n’abangushi. Twanke ko inzego z’igihugu ziba izo gukingira abasuma, imihimbiri n’abambuzi, twanke ko ubutungane buba ubwo gufata, gucira imanza no gupfunga abatavuga rumwe na reta gusa. Gurtyo dusubize agateka inzego z’igihugu, dusubize agateka n’ijambo umwenegihugu, dusezere burundu intwaro z’igikenye n’ubugunge.
Kugira ngo uru rugamba rushoboke, dusavye kandi abarundi bose
· Kumva no kumenya iyo tuvuye, aho tugeze n’iyo tuja “Vision” ;
· Kurinda , kwihagararako mugabo atari ukwiyahura;kubona ko bagiye gushira nk”abana b”inyoni
· Kutaba umusavyi birengeje urugero bisubize agateka.
Mu misi iri imbere, mu mugambwe Sahwanya-FRODEBU canke m’Urunani ADC-Ikibiri tugiye gushikiriza aho duhagaze kubijanye n’ihimbazwa ry’iyi misi mikuru ijanye n’ukwikukira na demokarasi mu Burundi. Ubutegetsi bwose butazohora bwisunga iragi ry’izo Ncungu z’Uburundi mukurongora igihugu ntituzosubira kubuherekeza, haba namba. Iyo wemera ko Umuganwa Ludoviko RWAGASORE yiguze Uburundi, wemera ko abarundi twese twikukiye; iyo wemera ko Perezida Melikiyoro NDADAYE yiguze demokarasi, wemera ko ubutegetsi ari ubwo abenegihugu bose atari ubwa akagwi k’abantu barya abandi babicayeko. Aho niho honyene dushobora kumvikana
Imbere yo gusozera iri jambo, dusubiye kwemeza icese ko uru rugamba rwa demokarasi rutakiri urugamba rw’umugambwe Sahwanya-FRODEBU wo nyene. N’urugamba rwa ADC-Ikibiri, n’urugamba rw’amashirahamwe yigenga, n’urugamba rw’abamenyesha makuru, n’urugamba rw’abanyagihugu bose.
Dusavye abarundi bose, bo mu migambwe yose, bo mu bwoko bwose, bo mu ntara zose, bo mu madini yose, bo mu bitsina vyose, abari mu gihugu n’abatari mu gihugu kuva hasi tugarukire ukwikukira n’intwaro ya demokarasi mu Burundi
Dusozereye iri jambo dusubiye kwemeza icese ko twemera kandi dushigikiye intwaro ya demokarasi. Tugiye kwongerereza inguvu, tuyiharanire gushika ubu butegetsi buvavanuye n’iyi ngendo mbi turimwo Uburundi busubire ku nzira ya demokarasi.
Imana Ibahezagire kandi Ibakingire
Murakoze