Burundi news, le 02/02/2013
DUKEBURANE !
Intererano ya
NKUNDABARUNDI Petero.
Ku wa 1 Ruhuhuma 2013
Mbanje gusaba Umurundi / Umurundikazi wese aza gusoma ino ntererano, kubanza kwikura mu mutwe ko ari Umutwa, canke Umuganwa, canke Umuhutu, canke Umututsi, canke Umunyamahanga yakomorewe kuba Umurundi/Umurundikazi. Iyo mirwi ndondaguye uko ari itanu ni itunga riraranga rigashariza UBURUNDI BWACU mu makungu ! Isangiy'UBURUNDI BUMWE.
Mu Kirundi ngo :
« NTAWUTANGA ICO ADAFISE ».
Murundi / Murundikazi, niwaba wikunda, kunda UBURUNDI BWA TWESE, ahandi ho umeze nka ka « gati ka Waga » ! UWIKUNDA, ARAZI NEZA KO UBURUNDI BUGIZWE N'ABARUNDI BATANDUKANYE ! UMWE WESE YIKUNZE kugira abashe gukunda abandi Barundi nka we, UBURUNDI buca bukundwa mu makungu !
Unyumve neza : kwikunda si ukwanka abandi, kuko kwanka abandi nibwo buryo burashe bwo kwiyanka ! IKUNDE UBASHE GUTANGA ICO UFISE, TWESE TWIJUKIRE KWUBAKA IGIHUGU CACU MU BUMWE BUTARI IMBESHERE !
Uti : « None nokora iki ngo nterere umuganda wo kwubaka no guhesha icubahiro UBURUNDI BWACU MU MAKUNGU » ? Ivyo gukora ni vyinshi rwose !
Ko wagize umwete canke urusaku ukabandanya uvumba rino jambo-ntererano, uri mu murwi w'Abarundi/Abarundikazi baharanir'iteka ry'UBURUNDI mu makungu. UBURUNDI bukeneye abantu nkawe, b'ijambo BATAVUGIRA MIVUMBI KUMUVUMBA !
Jewe nakuze numva bavuga ngo :
« AHARI ABAGABO NTIHAGWA IBARA » !
Maze amezi n'amezi nibaza ingene umutama w'imyaka 50 ( nk'iyo UBURUNDI BUMAZE BWIKUKIYE ) aba ameze mu bisanzwe. Nasanze dukwiye gusubira kwiga no kwigisha cane cane :
1. KWISONERA ;
2. KURINDA ;
3. KWIRINDA UBUJA BW'AMAHERA / BW'ICUBAHIRO C'UBUTEGETSI ;
4. KURONK'UBUTUNGANE BWIGENGA ;
5. KURANGWA N'UMUCO MU MVUGO NO MU NGIRO ;
6. KUMENYA UKURI KWAMBAY'UBUSA.
Ishusho y'UBURUNDI BWACU uko isa kur'ino tariki, ntihagire uwihenda ngo ate umwikomo kuri naka na naka, canke ngo ni kubera ibi n'ibi....... ! Oya, UBURUNDI BWA KINO GIHE ni wewe nanje twashatse ko busa nkuko busa! Niba iyo shusho itadushimisha, enda basi TURINDE TUYIHINDURE MU MUTEKANO ! Kandi turabishobora, tubishatse.
Nsongore gatoya kuri vya vyigwa nibaza ko dukwiye kugarukako. Gukarisha ubwenge ntibita igihe !
KWISONERA
Kuva na kera na rindi, Umurundi/Umurundikazi yamye arangwa n'ukwisonera, gusonera abandi n'utwabo, gusonera abavyeyi, umuryango, gusonera ubuzima bw'abandi, gusonera abamukurira, mbere n'abo yaboneye izuba, gusonera ingenzi zitugendera.
Urupfasoni rwari inkinzo yatuma UBURUNDI bwama mu mutekano ntangere : Si agaseseshwarumuri, twese, baba abatware canke abatwarwa, ata n'umwe nkuyemwo, turakeneye kugarukira UKWISONERA, kugira ngo umwe wese yumve ko ariko arubaka, ko kandi vyongeye, atanga ico afise !
KURINDA
Ishushanyo y'UBURUNDI dufise uno musi, kuva bwabaho, kugeza umusi bwinjizwa mu rwego mpuzamakungu, tuyikesha UKURINDA GUHARANIRA INYUNGU Z'ABARUNDI BOSE, ata wukumiriwe. Ukwo kurinda nakwo kwaremeshwa na ba KIZIGENZA bitwaririka kurondera UBUMWE BW'ABARUNDI.
Ibintu vyagiye kuyangara, gutituka canke guhindukira nabi, igihe ubumwe bw'ABARUNDI bwatangura kuba mu karimi gusa. Iryo kosa ni irya twese, naho abategetsi bamwe bamwe barifisemwo uruhara rusumba urw'abandi Barundi basanzwe. Ariko ivyo ni KAHISE ! Igihambaye ni ibiriko biraba UBU.
Uno musi, mu 2013, ishushanyo UBURUNDI bwerekana mu makungu ni iyo twebwe nyene ubwacu tubandanya tubuha : ntisa nabi kubera naka canke kubera ikintu kinaka cadushikiye, oya ni kubera wewe naanje tutarinda bihagije ngo tuyisharize neza nkuko ibikwiye ! Fata akanya wiyumvire uruhara rwawe, aho guta ishavu kuri kanaka, nkuko umenga weho woba uri umwere !
MURUNDI / MURUNDIKAZI uwo uri wese : ubahuka, shira ubwoba, tinyuka, rinda ntuniganwe ijambo ni waba wikunda, ukaba ushaka ko UBURUNDI bushira imbere nk'umuzinga, gusumba mbere n'ibindi bihugu bitera bija imbere !
Mfatiye kw'IBARA RIHERUTSE KUGWA KW'ISOKO NKURU YA BUJUMBURA, ivyigwa twokuramwo ni vyinshi cane. Dufatanye urunani, hashobora kuvamwo URUKIZA ! NTA KIZA CIZANA, HABA HARIHO ICIGWA CO GUKURAMWO !
Harageze ko twiyambika UMUTAMANA WO KURINDA, ntihagire ibara rigisubira kugwa turorera, kandi TURABISHOBORA ! Turabire ku turorero twiza two mu bindi bihugu. Ivyo bihugu bindi ntibidusumvya UBUHIZI : IGIKURU N'ISHAKA !
Unyumve neza : gutinyuka si ukwiroha. Ikunde ntiwirohe, twese turagukeneye, nkuko nawe udukeneye.
UMURUNDI / UMURUNDIKAZI, uwariwe wese, ishirahamwe iryariryo ryose, idini iyariyo yose, umugambwe uwariwo wose, uwokwihenda ngo agusamaze aho kwifatanya nawe nanje ngo TURONDERERE HAMWE, MU NGIRO ATARI MU MVUGO GUSA, INGENE DUSHAKA KUBAHO MU MUTEKANO WA TWESE, yoba atibabaye, kandi vyomugora kwihanga ISHAKA RY'ABAKUNDA UBURUNDI KUKO BATEGEREYE KO KWIKUNDA ARIYO NTANDARO NZIZA YO GUKUNDA UBURUNDI.
DUSHAK'ABATEGETSI BARINDA NKATWE, KANDI BATUNYWANISHA, BATWUMVIRIZA, TWEBWE SOKO RY'UBUTEGETSI MU NTWARO RUSANGI.
Abahisi ntarinze kuvuga amazina (abo tutazi ni bo benshi), bararinze gushika naho babizira ; n'ubu tubandanya tubibuka kubera ubuhizi bwabo ! Mbere hariho benshi ( bava muri ya mirwi yose itanu ) tuzotegerezwa kwubakira ivyibutso bizokwama biranga UBUHIZI bwabo, UBUTUNGANE NIBWATANGURA GUKORERA MU MWIDEGEMVYO BUKABAMBIKA IZERA. Amazina y'abo bahizi (harimwo abakenyezi abagabo, ibibondo, abatama) bazofatirwako akarorero n'urwaruka, azoguma atwibutsa twese ubushingantahe bwabaranze igihe bari bakiriho : tubakesha vyinshi, kandi bakeneye ko tubunganira kw'isemo y'UBUNTU bwabaranze ngo UBURUNDI BUGIRE ISHUSHO RYIZA.
KWIRINDA KUB'UMUJA W'AMAHERA / KWIRINDA KUB'UMUJA W'ICUBAHIRO C'UBUTEGETSI.
Amahera n'ikiremwa c'Imana nk'ibindi biremwa, yagenewe zina kiremwa muntu. Ntiyagenewe bamwe bamwe gusa, ngo nuko bari ku butegetsi ! Wewe nanje turakeneye amafaranga kugira tubeho neza, ata wuduhagarara ku gakanu. N'uburenganzira bwawe nanje !
Usomye kahise ku vyabaye mw'isi nzima, usanga ko kuva na kera na rindi, hamye haboneka abantu, cane cane ABATWARE biha UBUBASHA BWO KUNYURUZA IBIHERA VYIIINSHI VY'UMURENGERA, bakihenda ngo bazobihambanwa ! Bikabatuma ivyo bihera babisenga canke babifata nk'imana yabo basenga, bikabarunguza imitwe, bikabakoresha ivyaha vy'agahomerabunwa nk'UBWICANYI, UBUNYONI, UKURENGANYA, N'IBINDI VYINSHI CANE..., aho kubirekera CANKE KUBISABIKANYA n'abandi banyagihugu ngo nabo bigerure ubukene. Niho bonezerwa no kubona ko batwara igihugu gitunze ! Abategetsi nkabo none barikunda ? Niwiyishurire wewe nyene ico kibazo ubanje gufata akanya ko kwiyumvira neza» !
AMAFARANGA ABA MEZA IMISI YOSE IGIHE UWUYAFISE ABA YAYARONSE KUKO YAYAKOREYE, ATAYIVYE MU BURYO UBWARIBWO BWOSE, KANDI AYAKORESHA MU GUKORA INEZA YOSE AYO MAFARANGA AMUSHOBOZA, MU KWITEZ'IMBERE, MU GUTEZ'IMBER'UMURYANGO WIWE BE N'IGIHUGU CAMWIBARUTSE, MU GUFASHA ABABIKENEYE, AHO KUYARUNDA NK'ISIHA, CANKE AHO KUYASEHERA MU MABANKI YO MU MAHANGA, IGIHE ABANYAGIHUGU BUGARIJWE N'UBUKENE BUTAGIRA IZINA NKUKO KENSHI DUKUNDA KUBIBONA !
Ku wuzi kuyakoresha ico yagenewe, amafaranga ni UMUSUKU MWIZA ABANGUTSE ; ariko uwijujutishije akayabera UMUJA, akemera akaganzwa nayo, akaba IGIKORESHO CAYO, ntiyigera atekana mu mutima, agira ubuzima bubishe cane igihe agihema, kuko aguma ahababuka, yicura ko azohava acokorwa, canke ko abasuma bomugira nkuko yagize abanyagihugu yasahuye ( tutavuze indwara zitandukanye ayo mahera ashobora kumukwegeramwo ) ; vyongeye, AMAHERA MWENAYO NTAHEMUKA ATAMWIRAHIYE, KANDI NABI CANE, AHO KUMUKIZA. AMAHERA RERO S'IMANA NKUKO ABATEGETSI B'ABASAHUZI BAMWE BAMWE BAVYISHIRAMWO GUSHIKA NAHO BATA UBWOKO BAGACIKA ABAJA BAYO ! Ubuja, ubwaribwo bwose, bwica nabi !
Turashobora kwibuka abahisi bamwe bamwe nka MOBUTU, KHADAFI, SADDAM HUSSEIN : iyo baba barikunda, bagakoresha ibifaranga umurengera bari bigaruriye, kandi abo batwara birirwa baricwa n'ikigoyi, n'ubu baba bakiriho kandi imiryango n'ibihugu vyabo biba bitunze cane ! Abanyagihugu baba babafata nk'abami babo uno musi. INDA NDENDE IHUMIRA..... !
Amaronko meeeenshi caane MOBUTU yari afise mu bihugu vyinshi vyo mu mahanga, be n'ibifaranga vyinshi yari yaraseheye mu mabanki y'abazungu cane cane, nta n'ikuta umuryango wiwe samuragwa washoboye gutoorana ! Mobutu none twovuga ko yikunda nkuko turiko turabiganira ?
None ivyo vyago vyashikiye ibindi bihugu, birashobora kudushikira i Burundi natwe ? Ico nzi nuko vyoramuka bidushikiye ntiryoba ari ikosa ry'abanyoni, ryob'ari ikosa rya wewe nanje twese, igihe twoba twaremeye ko abo bategetsi twabatoye ku mugaragaro mu matora yo ku wa 24 Rusama 2010, kandi ATA N'UMWE MURI TWEBWE YIGEZE AKUBITA IJISHO (kugez'uno musi) IVYEMEZO NTABESHUZWA NGO TWIHINYURIZE UBWACU KO IBITIGIRI VY'UBUSUMBASUMBANE BW'AMAJWI TWASHIKIRIJWE VYATANZWE NA BENE GUTORA. NTA NA HAMWE VYIGEZE BIMANIKWA NGO DUHERE IMPARI !
Nta kamaro ko kugaruka kuri kahise ! Abatwara UBURUNDI bariko barabutwara, kuko ngo « Igihugu ntigipfakara » ! Igikuru nuko twotegera yuko ivyoba bidushikiye ari twebwe nyene twoba twavyikwegeye : nta worega Inama Mpuzamakungu gusa, canke abahagarikizi b'amatora gusa, canke urwego CENI gusa, canke Prezida NKURUNZIZA gusa (naho yemeye guhiganwa na nawe wenyene), canke abakuru b'ama CEPI canke CECI gusa, canke Musenyeri Ngoyagoye gusa, canke abamenyeshamakuru gusa, canke umugambwe runaka gusa, canke izindi mpamvu zoooose zavuzwe amatora akiba, oya, ni twebwe nyene, twese muri rusangi twoba twaravyikwegeye. HEJURU YO KUTARINDA NO KUTIKUNDA VY'UKURI, hejuru yo kudakunda UBURUNDI bihagije !
Twoheza tugakuramwo icigwa mu matora azokurikira. « IGITI NTIKIGUKORA MU JISHO KABIRI » !
UKO BIRI KWOSE, UMWIZERO NGUMANA NUKO TUGIFISE UBURENGANZIRA N'UBUBASHA BWO GUKINGIRA ITUNGA RY'IGIHUGU CACU KUGIRA UBUNYONI NTIBUBANDANYE BURANGA IGIHUGU CACU NKUKO BWARANZE IGIHUGU CA ZAYIRE KU NTWARO YA MOBUTU !
Vyoba vyiza wewe nanje dufashe mu mugongo Ishirahamwe OLUCOME, mbere tukanayishimira bimwe bitey'igomwe, tukongera tugasaba ko abategetsi bose baregwa n'iryo shirahamwe ryigenga, baza kwisigura kw'iradiyo no ku mboneshakure ! Erega ntitukiri ku ntwaro y'umugambwe umwe rudende nko kuri BUYOYA, BAGAZA na MICOMBERO ! AHUBWO ABATEGETSI B'IKI GIHE BAKWIYE KWAMBIKA UMUDARI IRYO SHIRAHAMWE KUKO RIRABAFASHA GUKINGIRA INYUNGU Z'ABARUNDI N'UBURUNDI ! MBERE NI TURINDE TUBIBASABE, TURABE INGENE BAVYAKIRA ! BAVYAKIRIYE NEZA BAZOBA BEREKANYE KO BIKUNDA BIMWE VYA « NYAKURI » !
Kanatsinda dukeneye abategetsi baguma bibuka ko amazina yabo azovugwa neza, aho kuvumwa. Nikwo KWIKUNDA « NYAKURI » nabandanije nibandako mur'ino ntererano ! Navuze nshimitse ko atawutanga ico adafise.
Ubutegetsi butangwa na bene-gihugu buzirana no gushira inyungu z'abategetsi hejuru y'inyungu za bene-gihugu, aribo wewe nanje.
Vyifashe gute none ubu i BURUNDI ? Turiko dutwarwa nkuko dushaka ? Uti twobimenya gute ? Mu kuraba niba ugushaka kw'ABARUNDI KUGUMA KWUBAHIRIZWA n'ubutegetsi nkuko vyotegerejwe. Atar'uko naho, harageze ko ABARUNDI TWESE TUVIRA HASI RIMWE tugasaban'ICUBAHIRO ABATEGETSI KUDUSIGURIRA IMIGABO N'IMIGAMBI YABO : TUKARONSWA AKARYO KO KUGANIRA MU MUTEKANO. DUTEGEREZWA KURINDA NO KWUBAHANA ! Nabone ntibashobora kwanka kuduha insiguro tubisavye mu mutekano ! Ahandi ho vyoheza bikazobagora gusubira kuduhenda mu matora NYAKURI azokurikira !
Kuba umuja w'icicaro canke w'icubahiro ca « NYAKWUBAHWA..... » vyanka vyakunda, bijanye no kuba UMUJA W'AMAHERA ; biratesh'ubwenge canke akaranga abatari bake bahahamira UBUTEGETSI, bakibagira ko KWIHA UBUTEGETSI canke AMAHERA utabiriye akuya bitesha agaciro aho kukungura ! GUTEGEKA SI BOSE BABISHOBORA : N'IBANGA RIKOMEYE RIBANGIRWA INGATA, NK'AYANDI MABANGA YOSE.
Kuva mu 1993, turi mu ntwaro rusangi, aho atawiha ubutegetsi twebwe ABARUNDI tutamwitoreye KU MUGARAGARO ! Kanatsinda ngo « Ico uhawe n'ugutora, ucakwa n'ugutakara » !
Twirinde inyifato iyo yose isubiza inyuma UBURUNDI BWACU twifuza kuraga abana , abuzukuru, abuzukuruza, gushika kuri ….. « iconiki» !
Kwitereka ku ngoma y'ubutegetsi ku gikenye, igitsure, iterabwoba, ibinyoma n'ibindi mwen'ivyo, vyarataye igihe, naho bamwe mu bategetsi dufise ubu, umuntu ashobora kwibaza ko bifata n'abatowe koko. Nobahanura kwitonda kuko ivy'isi bihindukira ningoga. Ubuhirwe ni nk'urukanywa, canke ijambo : biryoha bisangiwe na bose.
Woba uzi umutegetsi, uwariwe wese, w'ubu canke wa kera, yoba yarigeze canke ariko arasahura ibitari rwiwe mu kigega ca Leta canke aho hose, bishobotse mwegere canke urabe uwo utuma umubwire uti : « IKUNDE MU GUSABIKANYA, AHANDI HO URIKO WIYIMBIRA ICOBO KANDI UBURUNDI BUGUKENEYE ». Ni wagir'amahirwe akihanura, izoba ari intambwe ikomeye ku BURUNDI BWOSE ! Kandi abenshi nta kindi twifuza !
UBUTUNGANE BWIGENGA
Ko twikunda, dukeneye kwumva ko UMURUNDI / UMURUNDIKAZI wese afise uburenganzira bwo kwitura UBUTUNGANE BUDAHENGAMYE, ata bwoba ngo BURAHENGAMYE KUKO BWOBA BURI MU KWAHA KW'UBUTEGETSI !
Nico ca mbere mu biranga INTWARO RUSANGI.
Biratangaje kubona mu myaka 50 irangiye intwaro zakurikiranye zarakoresheje uburyo bwa Reta mu kwica bene-BURUNDI ibihumbi n'ibihumbi, canke abanyamahanga batari bake, mu kunyaga ku karenganyo, mu gufunga ku karenganyo, mu kunyuruza itunga ry'igihugu ku mugaragaro, n'ibindi vyaha......ata Mukuru n'umwe aramutswa UBURUNDI arafata ingingo yo kurekura UBUTUNGANE GUKORERA MU BWIGENGE NO MU MWIDEGEMVYO ngo uwo wese afise ico yagiriza Reta canke UMUTEGETSI uwariwe wese yiture ubwo butungane, azi neeza ko atazocirwa URWANGONDAGONDE.
Aho guhasha UKUDAHANA bimaze imyaka irenga 50, ni kuki twokwemerera abategetsi batwara kino gihe kwongera isibe mu rindi ? Kugira babandanye nkuko babisanze ? None umugambwe UPRONA niwo uri mu KURI kuva mu 1961 ? BARIRIKIZA UKURI KUTAMBITSWE !
None ABACAMANZA N'ABO BOSE BAJEJWE UBUTUNGANE BATARIYE UMUTIMA AMENYO NGO BIYAMBIKE umutamana uno musi, bizeye kuzowambikwa ryari na nde ? Tutaviriye hasi ico kibazo, hamwe n'ibindi vyinshi, mbona bene gukora canke gukoresha ivyaha vy'agahomerabunwa, bibandanya bityoza ishusho y'igihugu cacu UBURUNDI, bazoguma bijandajandira, kandi bakekwako ivyaha vyinshi !
Abategetsi benshi b'uno musi bagizwe imfuvyi mu myaka hatwara umugambwe UPRONA. Aho gukoresha itohoza ngo ABARUNDI N'AMAKUNGU AZE YAMENYA UKURI KU VYAHA VYAKOZWE N'UWO MUGAMBWE be no gushengeza, ku mpamvu z'AMATOHOZA NYAKURI, abakekwa kuba baragize uruhara rukomeye mur'ivyo vyaha, Reta ya Prezida NKURUNZIZA iriko ifatanya nawo mu GUKINGIRANIRA IKIBABA NGO UKUDAHANA IVYAHA KUBANDANYE KWIGANZA MU BURUNDI ! Bizobandanya kubera wewe nanje kugeza ryari ?
Nkebure abacamanza ko bafise uburenganzira bwo KURINDA NO KWIGOVYORA KU BUTEGETSI BUBABOHERA AMABOKO IMUGONGO, kugira bagaragaze ko BAKENEYE KWIKUNDA, KWISONERA nka twebwe twese, nka wewe nanje.
AHANDI HO, DUFISE INTWARO DUKWIYE PE !
KURANGWA N'UMUCO MU MVUGO NO MU NGIRO
Ngo « Akarimi gasosa gacisha inka ku kiraro »........ !
Ndabisubiyemwo, ikunde kugira ushobore gukunda, no kurindisha abandi ! Ivyo ukora vyose, ivyo uvuga vyose biraba ineza y,UBURUNDI BWACU bigirire mu muco, kuko abahisemwo guhunga umuco simbona iyo bowuhungira atari mu mwijima.
Umuco ku binyegezwa vyinshi vyasinzikanje UBURUNDI kandi bibandanya ku ntwaro bitotegerejwe kubandanyako, uwo muco niwashwara UBURUNDI BWACU tuzoba turiko turogorora bukebuke. Bishobora kunyaruka gusumba uko twibaza, tubihagurukiye, nkaba nzi neza ko ABARUNDI BENSHI bamaze kuduhirwa n'intwaro zitabitaho nkuko vyotegerejwe.
Gukoresha rusansuma rw'abo bose bahowe ivyiyumviro vyabo, canke ubwoko bwabo,canke utwabo, canke umugambwe wabo... vyodufasha kuronka UMUCO kugira ngo dusabane ikigongwe MU KURI, twambike izera ababikwiye canke duhane uwo wese yosagirizwa n'ivyaha yakoze bitagirigwa ikigongwe biciye muri rwa rwego rw'UKURI N'UKUREKURIRANIRA, ata kurondera kwihorana ! Hariko hararengerana ko TURINDA, tugakura amaboko mu mpuzu tukiha UBUZIMA BURYOSHE DUKWIYE.
KUMENYA UKURI KURI GUSA !
Ukuri kurakiza naho kuzirwa ! Burya iyo umuntu amenye ukuri aba yirinze vyinshi. Kuguma mu gipfungu navyo bishobora kwica vyinshi. Ubutegetsi bwa UPRONA bwamenyereje IGIFUNGU Abarundi, none raba iyo ngendo iriko ibandanywa n'abarwanije uwo mugambwe ! Ubona ari ibisanzwe ? Bizokwame gutyo ?
Hariho Abarundi isinzi bagirizwa ivyaha, canke batswe ubuzima bazize ibihuha, irementanya, ibinyoma, canke iterabwoba, n'ibindi ata KURI namba : tubireke bibandanye ku ntwaro ivuga twishiriyeho twebwe nyene ?
UKURI KUBA GUSA ! UWUSHATSE KUKWAMBIKA ABA ARIKO ARABESHA.
Mu myaka 50 iheze UBURUNDI bwikukiye, nohanura abamenyeshamakuru kwegera vuba bwango ABARUNDI / ABARUNDIKAZI bafise guhera ku myaka 70 ukaduga hejuru, mu ntara zitandukanye z'UBURUNDI boshobora kuturaga iragi rizohava ritujana kubera intwaro zagiye zirapfukapfuka vyinshi mu mabi yagiye arashikira igihugu cacu, kandi yatewe n'izo ntwaro nyene. Abo bahumure barafise umuco mwinshi wo kuduha kugira tureke kujuragirika muri KAHISE RUSANGI KACU.
Kugobotora indimi mu ntwaro rusangi, vyotegerejwe kuba ibisanzwe, ariko ntihagire uwihenda ngo ubutegetsi bwa kino gihe canke ubuzokurikira bushobora kubitangira uruhusha butagondojwe na twebwe BENE-BURUNDI, aribo wewe nanje ! « Ubandwa niwe abanda urugi » !
Uwo uri wese, nkwinginge dusonerane kuko tuvyarwa n'UBURUNDI twese : twunguranye ivyiyumviro vyo guhindura isura y'igihugu cacu mu makungu ! IMANA YADUHAYE IGIHUGU GITUNZE CANE, DUTEGEREZWA GUSABIKANYA IRYO TUNGA MU BUVUKANYI, MU MAHORO, MU NGINGO, MU KUJA INAMA MURI VYOSE.
UKUDAHANA IVYAHA bisezerewe burundu, ntihagire ima na rimwe rya mwene-Burundi canke ry'umunyamahanga risubira guseswa na mwene-Burundi ku mvo iyariyo yose.
KUGIRIRANIR'IKIGONGWE NO KUREKURIRANA NI NGOMBWA NGO BICE MU MUCO W'UKURI KUTAMBITSWE IBINYOMA ! NIHO TUZOSHOBORA KWUBURA KO TWARI TWARAHENZWE NA BAMWE BAMWE MU BARI BAJEJWE KUTWEREKA INZIRA Y'AMAHORO, ARIKO BAKADUTA MU NDYANE !
ABAHAGARIKIYE IVYAHA VY'iHONYABWOKO MURI KAHISE CANKE KINO GIHE, BAMENYE KO SENTARE MPUZAMAKUNGU IBATEZE NGO BAJE KWISOBANURA. TUZOKENERA KUREMESHWA N'ABATEGETSI TUZOBA TWITOREYE KUGIRA TWITURE URWO RWEGO TUBIFASHIJWEMWO NA RETA IZOBA YAVUYE MU BATEGETSI BARINDA NKATWE TUZOBA TWITOREYE KU MUGARAGARO !
DUTANGURE AHUBWO GUTEGURA URUTONDE RW'ABAKEKWA KUGIRA URUHARA MUR'IRYO HONYABWOKO HAKIRI KARE !
Intererano yanje igarukiye hano : nizere ko ukuyemwo ijambo kandi wibuke ko « Ushak'umubira abir'akuya ».
Untey'iteka ukanyunganira nogushimira, kandi si jewe jenyene. Nawe uzoba witeye iteka ryo kwikunda ngo ukunde abandi n'UBURUNDI DUSANGIYE !
Ese kuno kwezi kwa Ruhuhuma 2013 kwokubera intango yo kurinda no kurindisha ABARUNDI no kujugumisha uwo mutegetsi wese yoba ataranyurwa ko DUSHAKA INAMA N'INGINGO mu buryo dutwarwa!
UMWAKA MWIZA MUSHASHA MU KURINDA !