Burundi news, le 06/10/2011
Uburundi gihugu catwibarutse, buri mu bihe bikomeye aho twese dutegerezwa gushira agatima mpembero tutaravye ico turi canke imirimo yacu. Twibaza ko umurundi wese akwiye gutegera ico arico gukunda igihugu, akagikingira. « Harageze ko Reta iba umuvyeyi wa bose ikabakingira » Umuganwa Ludoviko RWAGASORE niwe yararivumereye.
Bandika IGARAGAZWA ry’umuhari wabo muri Afrika yepfo, MANDELA asigura ko bashaka kwerekana agahabwa n’ukunanirwa k’intwaro karyanishamiryango mugihe ubutunzi bw’igihugu bwategerezwa kugeramirwa n’uko abagwiza tunga mvamakungu bokwiyankira kuzana imitahe yabo. Tweho iwacu vyifashe gute ga yemwe mwize namwe bahinga mu butunzi?
HARAGEZE rero ifise intumbero yogushira ahabona igaragazwa ry’ubuzima ngo ibwire abarundi na Reta ko idashoboye kugarukira vuba na bwango ubutunzi bw’igihugu mu ngeri zose, umutekano muke, akajagari n’amabi yose bigiye kwaka indaro mu gihugu .
Abagize intwaro muvyo bakora nabi canke neza, bibaza kandi bipfuza ko tuguma tunumye turorera. Harageze ko bose bumva ko iringanizwa ry’ivy’igihugu rituraba nkabo. Kukaba nkako nitwe tubabara tukajuragizwa n’amabi akwegwa n’ingingo mbi bafata. Umugwi HARAGEZE usaba abarundi gutegera, bagasishoza ngo ntituze twikangure bitagikunda ko tubogora. Iki gihugu ni ica twese na cane cane abakiri bato, abo bana batavuga yamara bazokwikorera umusaraba w’amagorwa atewe n’imfura mbi tuzoba twababereye.
I. Dushaka UMUTEKANO ku baba mu Burundi bose, AMAHORO
n’UGUTEKANIRWA mu miryango yacu.
S’agaseseshwa rumuri, ata mutekano nta ciza kiyagwa mu gihugu. Kuva amatora aheruka agateka ka zina muntu karahungabanijwe, ntajoro ry’ijana. Agafuni gahamba kaguma gakarishwa, yamara ntawumenya abakora ubwo bwicanyi. Bose baravuma, bagataka amatohoza nka kumwe kwa kera bikazoherera aho.
Abarundi b’inzirakarengane barapfa, amaraso agaseseka, indembe mu bitaro zikaganya, impfuvyi zikabura ayo zimira n’ayo zicira. Abanyapolitike nabo bakaboneraho kwibutsa imigambi yabo ko inkozi z’ivyaha zizohanwa bishemeye. Nibangahe bamaze guhagarikwa canke bahanywe ga yemwe ?
Ngo abantu bose bafise uburenganzira bwo kubaho, kwidegemvya, n’umutekano wabo (ingingo ya 3 y’amasezerano y’agateka ka muntu). Umugwi Harageze wibaza ko muri ibi bihe abatujuragiza abo aribo bose, ko bafise intumbero yo kudutera ubwoba ngo tureke vyukuri kwitaho ibiduhanze bitubuza iterambere. Tuboneyeho akaryo ko guhoza ababuze ababo tubibutsa ko ata ngere kuyindi canke ubwoba, yamara ko HAGEZE ko ibivugirwa mu ntamatama vyovugirwa ahabona. Dutinye ukuri duha inguvu imihimbiri, Ubwoba n’Urupfu bigafata icicaro.
II. HakeneweUBUTUNGANE bwizeza, bukingira, bwuhagira, buzanamahoro,
buhana, vyose bikaba mu BWIGENGE ntangere.
Ubutungane bwigenga burahumuriza ababurana, bukaba intanga rugero mu mico myiza y’ukwihanganirana, kwubaha, kurekuriranira, kwumva no gutegera abandi, kwizera inzego z’igihugu mbere na cane cane kwiyumvamwo ubwene gihugu.
Amabi aguma akorwa, amatohoza ntahere, abicanyi ataco binona, imbabare akaba arizo zibura isaganirizo aho hose ata cizere c’ubutungane babona. Iyo singendo namba nta munyagihugu azobandanya kubisabirako, Harageze, ubutungane s’ubw’abategetsi gusa.
Abarundi batari bake baribaza koko ko amajambo « ubutungane » canke « itegeko » agikoresha mu ndimburo z’ubucamanza bw’i Burundi. Ninde apfungisha abantu ga yemwe ? Ninde ategeka ibikorwa ? Bose rarangana imbere y’itegeko kandi bafise uburenganzira bwo gukingirwa n’itegeko (ingingo ya 7 y’amasezerano y’agateka ka muntu).
Harageze ko umurundi wese yitanga ngo ibihinduka bihinduke.
III. Hakwiye UBUTUNZI nyabaki ngo ntitwicwe na kigoyi,
Kandi dutere imbere ata nzitizi
III. 1. Dushaka AMAZI meza ngo twiyamirize ingwara.
Nta butunzi bushoboka umunyagihugu adashobora kuronka amazi meza anywa ngo agire amagara meza ashobore kwihatira ku bikorwa vy’iterambere. Ata mazi meza nta buzima.
Reta y’Uburundi ikoresha mu mahera ikura mu banyagihugu hafi y’ibice ubusa (0,1%) mu gikorwa co gukwiza amazi mu gihugu. Mbe n’ibiki bindi ifise vyihutirwa mu gihugu, biruta amabi aterwa n’ingwara ziva ku mazi mabi, bigatwara uburyo butavugwa mukuzivura?
Umugwi HARAGEZE wibutsa ko ata politike y’amagara meza izoza isumba gukwiza amazi mu gihugu, ari navyo vyotwara amahera make gusumba kuvura abarwaye. Hageze ko bihinduka.
III. 2. Nayahe MASOKO NTANGANGUVU dukeneye ngo twogorore?
a). Hakenewe UYAGANKUBA ngo abagwizatunga mvamakungu bazane
imitahe.
Turarahiye turarengwa, nta munya politike azokura kino gihugu mu kaga atabanje kumenya ngo agire gwiwe urugamba rwo kugwiza umuyagankuba. Ubu si hambere aho, ata muyagankuba ntacoroha, tube turaretse abivugira ngo n’uw’abanyamiji, aho mumisozi baracasyesha intoki rero?
Ino ngoma, tumere nk’abo hambere, nimba atari amajambo, yari yemeye kwubaka ingomero z’umuyagankuba. Amahera ikoresha n’ikirenga ugereranije n’izasheshe, hafi y’imiriyaridi 4000 mu kiringo cambere yamaze, eka n’ubu ikiriko, ntawuzi iyo tuja, ntangingo yafashwe, uwundi mwaka ugiye gutaha. Amahera ya barundi akora iki ga yemwe?
Nta mitahe mvamakungu ishobora gushokera agahinga, abadandaza b’abarundi bakorera guhomba muvyo bawukeneramwo, ntituzi rero nyimba Reta idategera aho izokura amahera ikoresha mukubaho kwayo, tutiriwe turavuga abanyagihugu.
Mwarumvise ko abaturongoye biyubakiye ikibuga c’agakura iyo bavuka, kikaba catwaye uburyo burengeye n’iyubakwa ry’urugomero, ikibabaje n’uko na nyakibuga kitazokora hatabonetse umuyagankuba, kireka abanyengozi bose bagihebeye bakemera ijoro rya munt’urinde. Havuga uwo bubezwe, nayo uwo buteruranywe n’icibo we! Harageze nu data!
b). Tumenye kandi dutegere ko habuze AMAKARA n’INKWI abana b’abarundi
bazofungura ibidatetse nibagira Imana bakavyimbura.
Hari ababona imiduga yuzuye amakara ntibanabaze iyo ava, babona inkwi bakibaza ngo ziva mu mahinguriro. Tubona dufungura kubakibironka, ntitwibaze ivy’ejo. Egera mubaze aho mu misozi, ubu basitura ibishitsi, nayo ibiti sezera. Nka twese abarundi twikora ku makara n’inkwi ku bice 99 kw’ijana.
Wa munya Kenya WANGARI Maathai yahabwa agashimwe kitiriwe Nobel 2004 ati: “Dutera imbuto z’amahoro ubu no muri kazoza.” Indongozi nyakuri zomenya ko gusambura ibidukikije ata gisubiriza ari intambamyi ku mahoro y’abene gihugu.
Reta y’Uburundi yarakoresheje amahera menshi cane mu gisata c’ibidukikije. Niko hari amavoka yatewe n’agakuku kenshi, eh mama ngo imishatsi y’abapfasoni izokenera amavuta yayo n’ibindi. Karashize ingani dupfe tubona amashamba yaduhoneyeko, uburyo bukoreshwa ibindi, tuzotwagwe n’ibihita? Ihibambewe ntawobisabirako, harageze ko duhaguruka.
c). Nihacungerwe neza ibiciro vy’IBITORO, maze imiryango yacu ibonereho
gutekana
Ibitoro ni mvamakungu, ni naco gituma bizimba ku masoko mpuzamakungu. Ibiciro rero ntibiheza ngo vyorohe kugenzura, ahenshi mu bihugu bashiraho ibigega bifasha gusahiriza abanyagihugu iyo ibiciro biduze kanini.
Mu Burundi iyo ngendo yarahashitse haheze imyaka itari mike, yamara ico kigega c’ibitoro cabaye akananira bahinga. Amananiza yikorerwa n’abenegihugu.
Icibonekeza coco n’uko Reta yama yikoze kuri ico kigega mugukorera iyindi migambi itajanye, nk’ingendo z’abategetsi, vyankenerwa mu ngendo zabo, mukugura imiduga izimvye, eka n’ibindi. Ntakibuza rero ko ihindagurika ry’ibiciro iyo rituruka hose ribonekera kuri ya sahani usanga yabuze akunyu n’utuvuta. Tuzokwihangana gushika ryari? Harageze ko ihinduka nyakuri riyagwa mu Burundi.
III. 3. Hakenewe UBURIMYI bwogaburira benegihugu ngo babashe kwiyumvira kazoza (munda harara inzara hakazinduka inzigo)
Abenshi mu barundi batunzwe n’uburimyi. Nimba biriko biratugora kuronka ico dufungura muri kino gihe, n’uko twibagiye iyo tuva n’icadutunze. Murabaza mubarikirize ntagikorwa mu nzara, eka n’inzargiza.
Biratangaje ko ivyimburwa bikena ukuraho, twitwa ko tumaze imyaka mu mahoro, umuntu yibuka ko no mu ngwano baheba bakita indya ngo n’ingorane, none ubu, dupfana ibingorongoro muntoki ataco turi busume.
Muragaba, isi yaratitutse. Uburimyi burayonka kandi ikenera kwunganirwa. Hakenewe rero politike nshasha yo kugwiza umwavu, guca imikobeko, kumenya aho tuba aharyoshe hagaheberwa imirima, na cane cane hatangwe uburyo bwokubikora bukwiye. Kugaburira imiriyoni munani z’abarundi si ishaka rya serugo n’umuryango barima akavi kabo bagashinga ibikoti bakiraramira. Nyabuna n’umugambi ukomeye.
Imigambi y’amashirahamwe mpuzamakungu FAO, FIDA nizindi ntaco izoshikako hatabonetse ishaka nyakuri rya politike; vyose bizokwama ari uturorero nk’ibindi (imirima ya Perezida kanatsinda) hama abanyagihugu bicwe n’inzara.
Ninde yibagiwe ko aho hahise abatateye ibiharage ku mirongo, canke ngo basasire ikawa, bacibwa ihadabu. Rwari urwanko canke yari ingingo? Ubuho ritangwwa kuko bataramukije Musitanteri canke ngo bitabe vya bikorwa vyitiriwe rusangi. Ewe terambere! Muti cwe!
III. 4. Abantu bose barota AKAZI n’amahirwe, atari ugushumba n’ugusega.
Umugwi HARAGEZE ubibutsa ko kuronka akazi ari uburenganzira kuri bose, s’imfashanyo namba. Ico ukora cose, akazi kose ufise ugakorane ITEKA n’ubwiyumve, nico kiranga abanyagihugu b’iteka barota amajambere. Iyamirize imfashanyo zigamije kutwaka agateka.
1. Reta nta politike nimwe yerekanye yo guha akazi bene gihugu. N’abasize inyama ku biti mw’iyo migambwe mwumva bama bateze amashi ngo bazohava babibuka. Bishitse naho bakabibuka usanga bicaranyeko mu biro bakiyobagiza ko amashirahamwe menshi yugaye kubera ukutayasahiriza mukuyaha uburyo bubereye. Politike y’akazi s’igihamana, oya n’itegekanywa nyakuri ry’uburyo. S’amajambo.
2. Abadandaza b’ubwira, batunze imiryango yabo atawe batega amashi, basahiriza Reta Gishingantahe mugutanga amatagisi, ariko baburabuzwa n’ingingo zitagira mvura z’abategetsi, atakindi zigamije atari ukubahomvya, aho vyoteje imbere umwuga wabo.
3. Itegereze abatwara ibintu n’abantu mu mabisi, ama tagisi, amapikipiki, bafata imitahe yabo ngo bafashe kwunguruza abantu. Nabo nyene batanga amatagisi kukaba nkako y’umurengera, yamara bama mu munigano n’abatware bikora kubajejwe umutekano, kubera ukutabona ineza ya bose. Aho hose bihomvya bene gihugu bataronka ikibunguruza nk’uko vyotegerejwe mu gihe ca none.
4. Abanyagihugu benshi bigwanako mu buzi butandukanye bagwanya ubushomeri, atakindi basaba atari umutekano mu twabo, bagatanga n’amatagisi. Hirya no hino aho kubakingira, abatware barabajuragiza aho gutegura amategeko ajanye n’ubuhinga bwabo, ngo twese tubonereho.
5. Akamuna n’abanyeshuri baheza amashuri, za Kaminuza ahanini, bibisore n’inkumi z’igishika, b’incabwenge n’inguvu; HARAGEZE ibabonamwo umuco n’ishaka ry’amaraso mashasha yoteza imbere igihugu. Yamara abatware babafata irarirari bakabashuhurira mu mabarabara ngo basege nk’uko womengo itangwa ry’akazi n’inkuru y’injabukamazi.
III. 5. Uburundi bukwiye ABAKOZI BA RETA nyabo, batajuragizwa, bafise umutima munda.
Abakozi ba Reta, abacamanza, abapolisi, abasirikare, … barategera kurusha abandi ibiriko birononekara kuko basanzwe bagerageza kwitanga ngo babogore naho bitaborohera. Ibikorwa bakora vyiza, vyumvikana, mu mutekano ntangere, binigirwa muri menshi n’abategetsi. Abagerageza nabo kurikanura ntakindi bakangishwa atari ibihano bitaja ntibize.
Abo bakozi ba Reta mwumva, ari nabo bagihagaritse n’aka gatsi tukigenderako, iyindi mpembo baronka n’iyihe atari ugusazira mu kazi katari bubagaburira, canke kabubakire, bakazosiga abana babo mu bukene batigeze n’imbere y’uko batangura ako kazi.
Harageze ko abakozi ba Reta bubahwa, bagahabwa iteka bakwiye, ntibabe bacisunga ngo “uko zivugijwe niko zitambwa”. Maze hisungwe amategeko gusa.
III. 6. Umurundi wese arabereye kugira UBURARO bwiza.
Kugira uburaro n’uburenganzira bwa bose abato n’abakuru. Igihugu cacu kirakenye nivyo yamara ntacosigura namba ko mugihe abandi batubika, abandi baronka ubushobozi bwokwiha n’ivyo igihugu kitararonka.
Ntituri impumyi na gato, ibiriko biba aho tubona ntituvyita ubwenge, kandi ababikora ntibibaze ko ari ubuhizi ngo ni politike bariko barakora. Nta munyagihugu asinziriye.
Politike nyakuri inezera, igatanga icubahiro n’iyo gushima bike bibonetse mukuri hako vyinshi vy’uburyarya. Ihinduka ntiryigera rirenga.
GUSOZERA
Munyagihugu ncuti, muri rino Garagazwa, twibukanya ko tutosamazwa n’abayaga politike ngo twibagire ingorane ziduhanze misi yose. Nta kiyago ca politike gishoboka kidafatiye k’ubuzima twamamwo. Tuje hamwe duharanire Ibikwiye mu Gihugu.
Reta ihari yemereye ibitangaza abanyagihugu ngo tube mu Burundi bw’Amahoro, Amata n’Ubuki. Uwugize ngo aravyibutsa niwe yitwa inkwezi y’amarere, kikaba ICAHA ruhasha ngo ucire hasi wibonereko. Hakwiye amaraso kugira dukire ga yemwe?
Umugwi HARAGEZE ntiwipfuza kwiyahura, oya; ariko wibaza ko hakwiye intango, nayo ubundi nta herezo rizobaho! Burya hatinya abagihema! Mbega mama ibiziga bitorwa hirya no hino haricot bicera? Bitinya nde? Kukwambura! Hatinya abazima nibo bafise n’ivyo bavuga.
Nidutegere ko ivyakozwe, bikavugwa n’amashirahamwe yo mu gihugu na mpuzamakungu, eka n’abanyagihugu ubwabo kugirango Reta ishobore guhindura uburyo bwo gukora, vyari bikwiye kugirango haboneke agahengwe. Nihaba hatararenga ejo hashobora kuba harenze. Igihugu kiriko kija mu manga, nimba kitarashikayo. S’umwanya w’impari.
Reta ikwiye gufata nkama ko ubutunzi bw’igihugu buriko buratituka bidasanzwe ngo ikore ibishoboka aho kwitoza utunyoni, ita imiragwe kuri aba na bariya, mubitari bike bigaragaza ubushobozi buke bwayo. Uguhiga abavuga n’abandika ivyokosorwa, n’urundi ruhendo!
Ugutunganya uburyo bw’igihugu, bikorwa n’abantu bangana urushi ngo n’uko babihabwa n’amategeko, ntibishobora kuzobuza abanyagihugu kuvuga, ngo banume baherere kugoka. Abazobishingwa bose bamenye ko ubuzima buhambaye kuri twese. Dutegerezwa kubivuga, kutabivuga ngo tunume coba ari ICAHA GIKOMEYE, turaciyamirije.
Abanyagihugu babe ivyabona, HARAGEZE izoba yarabuye ibizoshika.
Abanyagihugu b’intwari ntibazovyihanganira kanini. Harageze!
Kubw’Umugwi HARAGEZE! NINDE ATABIZI?
Francis ROHERO
Umushikiriza.