Kuri Nyakubahwa umushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho

 abahoze kurugamba.

                                           i BUJUMBURA

 Burundi news, le 21/05/2015

 

IBIRIMWO:   KUBAKEZA NO KUBAKEBURA NGO NTIMUHIRAHIRE.

 

Nyakubahwa Mushikiranganji, turabakeje  ku mabanga umukuru w’igihugu yaraye abagenyemwo ngo murongore ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no  kwitaho abahoze kurugamba.

Ariko tubirabira hafi, amabanga umukuru w’igihugu yaraye abashinze, bisa no kubakorera inteba ishushe arico gituma nkuko twavyanditse aho hejuru mumvo ziri kete , twagomba kubakebura ngo ntimuhirahire ngo mwikorere inteba ishushe atari mwebwe mwayitetse !!

Muti ni inteba ishushe gute ?

Kuva UBURUNDI  bubaho, ribaye irigira kabiri, urwego rwa gisirikare ruronderwa mwo uwururongora akaburwa, hari kuri President Micombero, aho ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwatwarwa nuwitwa Zenon Nicayenzi.

Aracariho ushatse womubaza kandi uko tumuzi ntashikuza .Ico gihe ciwe nkuko twabivuze ,hari kuntwaro ya Micombero yari yarazingamitswe n’amacakubiri y’intara , hageze igihe akarodera uwo yoshinga ayo mabanga mubari murwego rwa gisirikare, akamubura atabuze mu ntwazangabo zose zico gihe; agahitamwo kuyaha uwuvuye hanze yurwo rwego, kugira ngo yitirirwe ayo mabanga ariko uwuyajejwe vyukuri ari umukuru w’igihugu wenyene. Kubera nuworara araba inkerebutsi gute, ntiyorara yicaye nku ntebe y’ubushikiranaganji ngo ace atahura ivya gisisirikare ubwo nyene.

Umwanya wo kubitegera no kubitahura rero , nuwo umukuru w’igihugu azotegeka kubimubaza no kubimucishako vyose ,  gurtyo    ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buzoba butwarwa na President, kandi niko vyamye bimeze kugirango intwaro z’igikenye zikore atawuzikoreramwo.

Kubi kwerekeye rero uyu munsi, abasirikare uje kurongora dusanze imvo nyamukuru yatumye bakugena muri ayo mabanga, kumwe ko kuri Micombero, ari amacakubire uyu munsi y’ubwoko yazingamitse umukuru w’igihugu, kugeza aho  abura intwazangabo nimwe yo mubwoko bw’abatutsi kuva kwi pete ya Lieutenant gushika kwi pete ya General  yoba acizigira ngo irongore ubwo bushikiranganji kugeza aho umutima wiwe umutoza izina ryawe.Niwabona ubibereye, urabikora, ubonye kwoba ari ugusasira indava ico caha c’umukuru wigihugu, ubizibukire bigishoboka.

Nkuko twatanguye tuvuga, amabanga bakujeje yo muri ubwo bushikiranganji, ni  ukukwikoreza inteba ishushe, uze ubwinjire uzi neza ko naho i bureau biyagayaga baheruka kubihindurira mobilier guhera ku myango, i tapis, intebe nama rideaux, uzoba usa nuwinjiye ishamba utazi , uzoca inkoni utazi .

Uti gute ? Tubigusigurire muncamake,kuko  ntitwipfuza ko urwego rwa gisirikare  rugenda amazimayongo atawigeze akebura.

Isanganya  ubushikiranganji  bwacu buhejeje kurwamwo nti tworigaruka, ico bikoze twari tuzi ko uwo bari gushinga ayo mabanga yo kuruvyura yari kuba umuhutu canke umututsi  yazobereye muri urwo rwego bigapfa gukorwa hubahirijwe ibwirizwa shingiro risigura neza uwutwara ubwo bushikiranganji ingene agenwa; akaza aje kubogora ibigishoboka ,   atari uwoza kwiga kubumba ngo atangurire ku ntango, kuko ibibazo biri muri urwo rwego uyu munsi  ni indiri n’indiri, duce ku masonga bikuru bikuru vyihuta kurusha ibindi:

1-    KWUNGA IMITIMA Y’ABASIRIKARE:Turavye ibihejeje gushikira urwego  rwacu, twagize Imana ntivyitirirwe ubwoko naho umukuru w’igihugu vyamuvyuriye   amashetani n’agatima ko kutizigira umututsi numwe ari muri urwo rwego. Nico gikorwa  nyamukuru cihutirwa uyu munsi mugihe abasoda b’abahutu n’abatutsi tubona ku masanamu abakuru bahora baturongoye bashorewe n,abapolisi nkabajanywe kwibagiro  nyene ,baboshe ,  babakuye agahuzu ko hejuru, abandi babagendesha babakuye ibirato.

 Ibintu twaheruka kubona  haciye imyaka nka mirongo ibiri, bikorwa n’umwicanyi  Hissen Habré yatwaye igihugu ca Tchad, twibaza ko vyaheranye nico gihe , none dusubiriye kubibona mu gihugu cacu mumwaka wa 2015  bikorerwa abacitwa intwaza Ngabo zo murwego rwa General.

Bitwujuje amaganya n’agahinda ; kuko hari n,abandi tutakibona kubuzi, bataye bakomoka bicura kubona ayo abandi bariko barabona, kubera ivyo boba barigeze kuvugira muri causerie morale  canke ivyo bayaga n’abandi baheje kwuriza idarapo, bimwe bita “ dejeuner politique “.

    Kurengera iryo bara nako gahinda nico gikorwa  kirindiriye uwuzoza gutwara ubushikiranganji baraye bagushinze.

 

2-    AKARUSHO KO KUBAHO NO KUBUNGABUNGA NEZA IVYA GISIRIKARE: Turavye intambwe igisirikare cari kigeze ko co kwitabira ugucungera umutekano mu makungu, vyaha akarusho abasirikare ubwabo, bigaha n,akarusho igihugu bidasanzwe.

Ariko ikibabaje ubu, akarusho kagenewe umusoda, uretse ko kamaze  kujamwo ibirarane bitakigira uko bingana, ntanuwucizeye insiguro zitangwa ku mpamvu zivyo birarane. Ico kibazo kiri muvyihutirwa  uwuzoza kurongora ubushikiranganji butujejwe yoza azaniye inyishu.

 

Akarusho nako kagenewe igihugu, tuzokabariza hamwe nabandi barundi bose, ariko hanini aho gaca naho kagabanganirwa ni mubushikiranganji bwo kwivuna abansi nubw’ikigega ca leta.

Ibaze namwe, igihugu gifise ama bataillons indwi hanze y’igihugu, zitandatu muri Somaliya, imwe muri Centrafrique.

Igihugu kigifise abasoda bangana ama bataillons ane, cinjiriza igihugu 23 milliards, ariko uyu munsi ama bataillon yikuvye hafi incuru kabiri, ubushikiranganji bw’ikigega ca leta bwerekana ko buhakura 3  milliards !!

Ibi nivyo bita mu kirundi akamaramaza. Kuko bigeze naho ubwo bushikiranganji buvuga ko ataco bukura ku bikoresho binini binini bita

 ( Equipement majeur ) , birimwo ama blindés arenga mirongo ibiri, ibikoresho bikomakomeye vya ruremeshangabo vy’i Mwaro vyose hamwe birenga mirongo itanu, bizanira akarusho karuta na kure izo milliards 23 ziva kubasoda gusa, bigasigara vyitwa ko arivyo igihugu gitira,mwunve namwe akamaramaza !!

3-KUNAGURA NO KWUBAKA IGISIRIKARE : Nkuko twamaze kubivuga, ibihejeje kuba mu gisirikare, bidusize mwo imvune nini bisaba umurongozi yazobereye muri urwo rwego azi neza ivyihuta vyo gukora imbere y’ibindi.

Ntakinyegezwa kirimwo, abasoda bashwiragiye ku ma positions hirya no hino  mu gihugu abarundi barababona , ama bataillons indwi ari hanze y’igihugu.

Ama bataillons arenga cumi natanu  yitwa amazina , ariko ntagira amakambi  atahamwo, umuti uhari atari inyishu uyu munsi , ni uko bamwe bari ku ma positions, uwutashe mwi kambi aryama aho mugenziwe atahari yahora aryama , niko igisirikare cacu kibayeho uyu munsi.

Amakambi ahari , yose yubatswe kuri President Bagaza  kubera hari  amahoro n’ishaka ryo kwubaka igisoda.

President Buyoya yashikiye mu ntambara  arinda agenda arwana intambara.

President Nkurunziza, mu myaka cumi amaze nkiyo Bagaza yamaze bose barangwa n’igihe twokwita “icamahoro “

Ni ukuri kutanyegezwa, iyomyaka cumi ya Nkurunziza irakunkumutse ata kambi nimwe yubakiwe igisoda, mbere turetse n’ikambi twovuga tuti:

 ( nta n’umusarani wo kwituma mwo yubakiye abasoda !! )

Kwubaka igisoda, bisigura kugura ibikoresho vya gisirikare, bijanye n’igihe tugeze mwo, bijanye n’ugucungana kukajisho n’ibindi bihugu bidukikuje ingene vyubatse igisoda cavyo ( Edification géostrategique de l’Armée). 

Ariko uretse no kwubaka igisoda mukugiha ibikoresho, imyaka cumi irangiye nivyari bihasanzwe vyaraheze bikaruha bigata n’igihe ntibisubirizwe.

 Mukubitize  akajisho  inyuma , n’igisoda co kuri Micombero, cari gifise indege, uyu munsi niziriho kubera zitakwirikiranwa (entretien) nabazinyonga batarenga batatu bagikora kubera atabacigishwa kuzinyonga, ntawucubahuka kuzitwara  gutinya ko zobahitana.

Ariko ikibabaje kurusha , nuko  abajejwe  ikigega c’igihugu imyaka yose berekana amafranga yitwa “BUDGET D’EQUIPEMENT “y’igisoda   bisigaye ari igitutse umuntu aravye iyo equipement nyene y’igisoda, mugihe ibihugu bidukikuje ata wokwirirwa aravuga ivyo bafise, kwoba ari uguca umutima abarundi.

Ariko ico bikoze,twovuga ko hasigaye hari  nisoni rike, twumva ngo BUDGET D’EQUIPEMENT y’igisoda yaguze imodoka za blindé umukuru w’igihugu agenderamwo, ayandi arenga 11 Milliards yaguzwe indege y’umukuru w’igihugu atawurapfa ayikubise ijisho, kumbe ayandi yoba agura équipement ya  ca gisoda co kuruhande ( milices) twumva zivurwa zoba zikorera umukuru w’igihugu kuruhande .

Nyakubahwa Mushiranganji, ngivyo ibibazo nyamumukuru bikurindiriye, ukaba wumva inguvu n’ishaka vyo kubitorera umuti, tuguhaye ikaze mu rwego rwa gisirikare, ukaba wumva ivyo bibazo biguteye amakenga, azokubana menshi kurusha umaze kurishika imbere ukibonera ubukene bw’ibintu vy’ubuzima bwa minsi yose, kubura igitoro co kwunguruza abasirikare, kubura ibifungurwa bikwiye vy’abasoda, nibindi nibindi arivyo twise INTEBA ISHUSHE !!