IKIGANIRO HAGATI YA PETERO NKURUNZIZA, DOLOFO na BUNYONI
Burundi news, le 26/09/2014
Par Gratien Rukindikiza
(ikigabane c’indwi).
Imbere yogushikiriza ikigabane c’indwi curukurikirane rw’ikiganiro hagati yakarwi karongoye uburundi, nagomba menyeshe isinzi ryabarundi bakunda iki kiganiro ko aya makuru atari inkinamico. Kukabankako iyo haba atakuri kurimwo abovyega ntiboca kubiti n’inyoni bashaka kumenya ingene amabanga ari muri iki kiganiro adushikira.
Petero NKURUNZIZA : Bane bamama icatumye ndabakoranya muri iri joro nuko ngaha nkomerewe ! Aha tumaze imisi turara duhagaze na Madamu ! Narengewe, singira ayoncira nayo mira ! Ni hatari ! Ni hatari ya kufa !
DOLOFO : Mzee vyifashe gute ? Nibiki ? Ko mbona namaso yatukuye nkuwunywa rutuku?
NKURUNZIZA: Nagomba ndabamenyeshe ko ushima vyakomeye naranyoye ka whisky kugira mpunge ibibazo vya Madamu! Mwabagabo mwe uwavuze ko umugore ari ingwe murugo ntiyabeshe! Ubu yarahiye ararengwa ngo sinitoze irya gatatu! Ngo ngomba kumupfakaza! Ngo isi yose yampagurukiye! Ngo sinzotsinda amakungu! Ngo shetani ni mwebwe babiri munyosha nabi! Ishavu ryoryo abafitiye mwebwe, sinzi ingene norivuga!
DOLOFO: Mama mbere atasaze! None dukore iki?
BUNYONI: Mwabagabo mwe, ivyo dukora vyose twibuke ko uyo muvyeyi ariwe yadukuyeko Radjabu! Président, wewe wari wahungiye mu Cibitoke! Wigize ntirumveko! Aha rero bigomba bitugore, mama yangu! Ugasanga ari uko biri, biracanganye sindakubesha!
NKURUNZIZA: … aha mukanya aca aza ngo mwivuganire amaso muyandi. Ngo umubabaro wiwe sinowubashikiriza neza ngo mwaranyifatiye! Eh, nari nibagiye nikibazo ca François BOZIZE mucitege!
DOLOFO: … ( yifashe kumunwa! Avuza uruhwa. …..Denise arinjiye).
Karibu, Excellence!
DENISE: Namba ari karibu nyene! Karibu murwanje?
NKURUNZIZA: Urumva abagenzi nababwiye agahinda kawe! Ariko nashatse ko ari wewe wobibasigurira neza hanyuma turabe ingingo ibereye dufata….
DENISE: …( ntarindiriye nuko aheza kuvuga)… Général, iki kigabo cumukara kibunze ngaha( avuga François Bozize), nagomba ko kimvira murugo vuba bwango! Ataruko buca mpamagara abamenyeshamakuru vyose ndabishire ahabona! Mbega mwebwe muribaza inkurikizi zugukwega ico kigabo ngaha?
Ewe bahanuzi babi! Président, aba bagabo ntanumwe agukunda canke akunda umuryango wawe! Icibagiwe co ni igihugu! Abagenzi banyu bakunda uburundi baje kundaba baranyereka inkurikizi zogushaka gucurika imitwe hamwe nuyu yahoze arongoye Centre Afrique, naguye mugahundwe!
BUNYONI: Abo ni abangushi….
DENISE: … Yoooo! Ntanisoni mugira! Reka ndababwire ayo ma deal ya diamant mugomba mujemwo yo muri Centre Afrique atabahitanye, ndakurahiye ! Ubu irashinze ingani muje muburofa bwo kugira ama coup d’Etat mubindi bihugu nubutegetsi bwanyu bwabananiye gukingira !
Ehe ndabereke, kwemerera Bozize ko ingabo zuburundi ziri muri Centre Afrique zomugarukana kubutegetsi, vyerekana ko mwataye umutwe ! Komugomba kwiyahura ! Mbega barya basoda nabana banyu bazoca bakurikiza ayo mategeko ? Mbega le haut commandement izo deal za diamant muzogabura ? Mbega ONU mwayishize he ?
Barabivuze ko akaborerwe kubutegetsi ari kabi ! Muraborewe ubutegetsi n’amafaranga ! Ico bikoze barya basoda mukabashira muri ayo manyanga barabaca imitwe i Bangui abagirimana babirukane! Nabo muri Somaliya baca bababarungikira. Nce ndaba iyo mubashira. Nimwebwe baca birukana ngaha namezi make asigaye mutayamaze.
DOLOFO : Ivyo ni ibihuha ,Excellence ; nivyo mu KIBIRI bashaka kuducafuza….
DENISE : …Général, urazi konahora ndakubaha… ndagusavye rero ntufate nkikijuju ! Ivyo ndabashikirije ntamunya KIBIRI yabimbariye kuko bo barundi ntibanazi nuko uyo mugabo wurukara ari murugo rwanje. Nico gituma ndagusavye ubunyene muve ngaha muca muraba iyo mutwara iyongorane. Ataruko, ndabisubiyemwo, ejo mpamagara abamenyeshamakuru, ntabaze abarundi n’amakungu ! Ico cari icambere !
Icakabiri : Mumaze imisi mucuritse imitwe hamwe muhenda Président ngo yizingire kubutegetsi, ngo yitoze irigira gatatu ! Isi yose ubu iyaga Petero Nkurunziza atagomba kuva kubutegetsi ! Abagenzi mwafatanije urugamba bamwe bamwe ntimugicana uwaka kubera iyo nambu yubutegetsi ! Musigaye murabana ayingwe, ejo sinzomenya umugabo wanje iyo yaguye ! Sinzomenya uwamuhitanye !
Abarurwanye nibenshi, ndabasavye mumureke aruhuke mutore uwundi ! Singiye gupfakara kubera mwebwe canke gupfa nangara n’abana banje! Mbega ko umengo nkari rya tangazo ryihugu vya buraya murifata minenerwe? Mbega ivyo bihugu bibakuyeko amaboko iki gihugu muzogitwaza umukazo atanifaranga mugira? Ayo matora…
(umwana w’impfura wa Petero Nkurunziza arinjiye. Asavye kubonana na mama wiwe. Denise aciye ahaguruka kuko uyo mwana arashigikiye mama wiwe muri iyo ntambara yukutitoza ubwa gatatu. Ikiyago kizobandanya kundwi itaha.).
Ikiganiro catororokanijwe na Pancrace CIMPAYE, igenekerezo rya 26 Nyakanga 2014.