Burundi news, le 05/10/2014

 

IKIGANIRO HAGATI YA PETERO NKURUNZIZA, DOLOFO  NA BUNYONI.

                                            (Ikigabane c’umunani).

 

Petero NKURUNZIZA :  Agashavu ka Madamu mwarakumvise, ariko ntimusimbwe umutima, akarere gapanze neza ! Nagomba ndabamenyeshe yuko kukibazo cokwitoza kwanje amakungu aranshigikiye cane gose !

 Ehe rabe namwe : Abafaransa baranshigikiye ! Ubushinwa, buranshigikiye ! Uburusiya, buranshigikiye ! Irani, iranshigikiye !Mukarere duherereye mwo, Tanzaniya iranshigikiye ! Zambiya, iranshigikiye ! RDC iranshigikiye ! Angola ,nikokuko !

Les amis nagomba  ndabamenyeshe ko kwitoza kwanje ubugira gatatu ninkokugira  Coup d’Etat.  Abahinga ba coup d’Etat nibo banyibiye akabanga bati «  utagomba kwiyahura ntugire coup d’Etat atamuzungu n’umwe agushigikiye ! » None twebwe dufise 5è puissance mondiale avec nous ! Nububirigi turiko turaraba ingene bwodufata mumugongo. Nico gituma narungitse Mufti ( uyo ni Umuhuza Rukara avuga) mububirigi kugira abasabe bashigikire amahoro na stabilité…

DOLOFO : …ahubwo araraba nabirya bihweba vya Union Européenne biherutse kuvuga  ayamuhe kuri système yacu. Duga kwijambo mutama !

NKURUNZIZA :  Nariko mvuga rero ko inkingi yambere ari soutien d’un pays occidental ! Ikindi cakabiri n’inguvu zagisirikare. Nico gituma mugomba kwihutira   gupanga akarere  mumaguru  masha, ka vile vijana Imbonerakure ! Cagikorwa cogukwiza inkoho mugihugu cose kigeze he ?

BUNYONI : Le 25 septembre 2014 abaserukiye abandi muntara zose baramanutse kuzakira. Ubu nabo bariko bipanga gushika kumutumba. Mumpera zuku kwezi  opération «  TO CLEAN ! » yagomba kuba yamaze gutangura. Maze turabe abaririmba kudutsinda iyo bazova niyo bazoca!

NKURUNZIZA: Mbega nyene kotwumvikanye ko Léonce, Rwasa, Sinduhije, Nditije et consorts batagomba kwitoza, ubu imipangu igeze he? Ko Léonce atarashika mu gasho? Ntimubona koturiko turacererwa?

DOLOFO: Mzee ahubwo hari ikintu ntari bwubahuke kubabwira.

NKURUNZIZA: Cigiki? Nagira tuvugana vyose! Bagenzi kuruyumupangu, mushaka ko dutsinda, tugomba gushira ibibazo vyose kumeza! Sinon tutaenda na mayi!

DOLOFO: Mzee erega hariho ikindi Kibiri kigomba kivuke mumugambwe iwacu! Ntiwasomye itangazo rya Manassé ryejobundi? Jewe narababwiye ngo dukubure muri système murahesha! Gupfunga ba Léonce naba  Rwasa ntibigoye ariko ba Léonce na ba Rwasa bomuri système nabo turabagenza gute ko aribo tugiye guhangana kandi ko basaze?

BUNYONI: Jewe ndindiriye uwari muriyo nama kugira ampe details. Hanyuma tuzoca tumenya angle de contre attaque. Ariko  nibaza ko nabo nyene arukubashirako Opération TO CLEAN ! Ntawundi muti !

NKURUNZIZA:  Rondera izo details vuba hanyuma tuzoca dukorana en urgence kugira tuvugute umuti! Erega iyo ni Ebola muri système. Aux grands maux, les grands remèdes! Hakuna mcezo ! Arafu tutasonga mbere bila wasiwasi !

( Rufyikiri arinjiye, ikiyago giciye gihagarara)

Ikiganiro catororokanijwe na Pancrace CIMPAYE kwigenekerezo rya 4 gitugutu 2014.