Burundinews, le 30/08/2014

 

IKIYAGO CA PETERO NKURUNZIZA, DOLOFO  NA BUNYONI.

                                                        (Ikigabane cagatanu).

Petero NKURUNZIZA:  Icatumye ndabahamagara vyihuta n’ikibazo cabamenyeshamakuru muri  rusangi na canecane ikibazo cirya Radiyo ya Sinduhije. Mbwire aho dossier igeze! Ivyokugara RPA bigeze he? Ivyo kugura abamenyeshamakuru bomumaradio amwamwe bigeze he?

Mwabagabo mwe, si on ne contrôle pas ces radios ivyamatora, cane cane les résultats bizotugora gukoresha système « Bacemwo » ! Mpumurize reo !

BUNYONI :  Monsieur le Président sinoguhenda ico kibazo ntikinyaruka nkuko twavyipfuza. Ama contacts hirya no hino yarabaye auprès yabamenyeshamakuru bamwe bamwe. Hariho abemeye kodukorana ariko hariho nahandi bikigoye!

Bon, RPA kuyugara  bigomba kuba ;  le processus est en cours kuko ntawundi muti! Urabona nkuko twabiyaze kwitélephone l’autre jour chaque fois tugerageje kugura un journaliste, sinzi ingene bimenyekana baca bamukura ! Raba le dernier coup twari tuzi ngo twagize… Ubu rero ntawundi muti nukuyugara ! Ariko amayeri niyo turiko turaraba na CNC. Mais ntivyoroshe !

DOLOFO : Ubivuga urabizi ! Mbega mzee mwari muzi  ko wamukecuru aduhanze w’umunyamerika, mbe harya yitwa nde ?...

BUNYONI : Samantha Power …

DOLOFO : Ego nyakugira Samanta ! Waruzi ko uyo mudamu ari membre fondateur wa RPA ?

NKURUNZIZA :  Quoi ? Kuva ryari ?

DOLOFO : Umve mzee nawe. Uti kuva ryari ? Ari mubashinze irya radio.

NKURUNZIZA : None ivyo ko atavyo mwigeze mumbwira !

DOLOFO : Mzee erega mufise akazi kenshi mumisozi hari ama rapports menshi mudasoma.

NKURUNZIZA :  Non ! Ivyo sivyo kwandika  muma rapport nukuza mukabimbarira. Bon, de toutes les façons nabe fondateur ou pas irya Radio irabangamiye système nikuhondosha ! Fungeni mitambo  yote ! Erega RPA isigaye ari Leta muyindi !

 Kandi iratubangamiye sana ! Mbe murazi isinzi ryabantu bayumviriza ? Erega harya ninaho mpimira igitigiri cabarundi bakidufiseko umutima ! Abumviriza RPA bose ntanumwe aduha nirwere ! Kandi igitangaje nabagenzi twitwa ngo turikumwe bumviriza RPA d’abord REMA bakayijako hanyuma. Hanyuma ngo système irakomeye ! Hama ngo tuzotsinda atabujanja dukoresheje ! Tudafashe ingingo ruhasha badushira hanze ndabarahiye.

Mbega urya Bob Rugurika vyarabananiye kumuha amahera ngotuyibomorere indani ?

BUNYONI : Reka , reka , reka mutama ! Bob si umuntu ! Ni shetani ! Nakadasohoka na Sinduhije ! Wotuma umutambuka umuvyimba hako ahemukira Alexis !

NKURUNZIZA : Ntakundi  rebe amayeri yokuyugara ! Mbega ivya Muhozi vyo bigeze he ?

DOLOFO : Muhozi na Bob babumbwe ni foroma imwe ! Ni cas perdu ntamuntu ashobora nokwubahuka kumwegera ngo amusabe collaboration. Urya numu rebel kuva kera ! Ntabutegetsi bwacu ashobora guha umusada. Epu !

NKURUNZIZA : Mbega siwe avuga ko abamenyeshamakuru bazotangaza les résultats systematiquement au fur et à mesure ya dépouillement ? Ngo ntibazosubira guhora ?

DOLOFO : Nuyo !

NKURUNZIZA : Il est dangereux ! Mbega basha tumutumeko nde ? Il faut continuer à réfléchir  sur le cas! Mbega ngo urya muhungu wa ARIB nawe ngo yinjiye mubaturwanya ? Ngo asigaye atangaza ibintu bidutryoza ? Mbe nawe twamukoshereje iki  gabasha?

DOLOFO : Umengo hariho urubanza rwiwe abantu bo muri système bariye, baca urwa ngondagonde ! Agashavu rero umengo nikenshi gose !

(  Chef d’Etat Major de l’Armée arinjiye. Ikiyago giciye gihagarara. Bagomba bavuge ivya Somalia na Cas Rukindikiza).

 

Ikiyago catororokanijwe na Pancrace CIMPAYE, igenekerezo rya 30 Myandagaro 2014.