Burundi news, le 16/03/2013

INTERERANO IGIRA GATATU ya NKUNDABARUNDI Petero

 

Ku wa 16 Ntwarante 2013

 

IMISI Y'INTWARO Y'IGIKENYE MU BURUNDI IRAHARUYE !

 

Ndagarutse nkuko nari nabikwemereye ubuheruka. Ko uriko urasoma runo rwandiko bwa munywanyi wa runo rubuga rwacu, burundi news ruduha kenshi  amakuru aryoshe be n'akaryo ko gusangir'IJAMBO RIREMESHA, watanguye bukebuke kunyurwa na kino kiganiro-ntererano ! Nkundira rero mbanze gusubira kukuramukanya igishika cinshi. 

 

IMBERE NI HEZA CANE !

 

Kuva igenekerezo 2 Ruhuhuma 2013 ntanguye kugukebura mu ntererano ya mbere kugeza uno musi wa kino kiganiro-ntererano ca gatatu, ndumva kandi ndabona ko dusigaye turi benshi twatanguye kurema no kunyurwa ko AGATEKA KACU hari hageze ko tukavirira hasi mu mahoro, kugira tubeho neza. N'abategetsi ba kino gihe bazotinda barimbuke, ni babona ko TURYUMYEKO ! Mbere bamwe muri bo bamaze kuduhirwa....Tubifurije ikaze mu rugamba rw'amahoro turimwo, rurabega na bo nyene !

 

Abamenyeshamakuru bacu, abahurikiye mu mashirahamwe atandukanye adaharanira inyungu za poritike (APRODH, OLUCOME, FORSC, PARCEM, N'AYANDI MENSHI), abanyagihugu benshi batanguye GUTSINDA UBWOBA, kugoboror'indimi bakisanzura kuruta uko vyahora, n'ibindi n'ibindi.......

 

IMBERE NI HEZA CANE !

 

Mbanje mbere gukengurukira abategetsi ba kino gihe badahengeshanya kudufasha gukanura ngo twese dutahukirwe ko batanezwe no kuduha UMUCO TUGUMA TUBARONDERAKO  KU BIBAZO BITANDUKANYE BITWEGA ( umutekano, isesagurwa ry'itunga ryacu, ibiturire, uguhohotera bamwe n'abandi, ubwicanyi « ndengera-Butungane » bukorwa n'abajejwe kudukingira, IMBONERAKURE, n'ibindi...) kuko batoba bakironka ingene bagerageza kutuzirika ku catsi nkuko babandanije babigir'umugenzo, CANE CANE KUVA KU WA 24 RUSAMA 2010 !

 

Mbanje gukengurukira Perezida NKURUNZIZA.

 

N'ubwo AGACERERE AGUMAMWO IGIHE COSE GATEY'UBWOBA mu gihe tuba twiteze ko ayaga, akaduhumuriza iyo abo yatoye ngo bamufashe gutwara bakor'ivyaha binyuranye ku mugaragaro,  yarakoz'ibishoboka vyose ngo umumenyeshamakuru RUVAKUKI Hassan arekurwe inyuma y'amezi 16 yose.

 

Ntiyabigize ku mpuhwe amufitiye, canke ku gushaka kwiwe : ahubwo yatinye ko   mugenziwe w'Ubufaransa yohava amubaza ico yari afungiwe. Kandi ndibaza ko ico kibazo cari kumugora kwishura. Ndizeye ariko ko, mu mutima wiwe,  atanguye kwumva ko HARIHO IBIBAZO VYINSHI ATEGEREZWA KUDUHAKO UMUCO, KO DUKENEYE IJAMBO RY'IHUMURE IGIHE COSE TUBA TUBIKENEYE ! N'ivy'ukuri amaze kugisha uturyo twinshi cane two kuduhumuriza nka Sebarundi, kuko naho tutamutoye, niko tumufata ! Arakoze kutwereka ko twihenda.......

 

Mubo gushimira kandi, sinokwibagira NDUWIMANA Duwarudo,  NIZIGIYIMANA Gaburiyeri, bamwe mu bashikiranganji ba Perezida NKURUNZIZA batayivugije, ahubwo bayiciy'umurya mur'ino misi mikeya ya nyuma honyene IGIHE NATWE ABARUNDI BENSHI DUSAGIRIJWE N'IBIBAZO VY'UMURENGERA TWIBAZA UWUZODUFASHA KUBITORER'UMUTI NYAWO !

 

IMBERE NI HEZA kuko igihe Sentare yacira umumenyeshamakuru RUVAKUKI Hassan umunyororo wo guherayo, Perezida NKURUNZIZA yari yabwiye umumenyeshamakuru wo kuri BBC GAHUZAMIRYANGO ko yari ashigikiye iyo ngingo !

 

Mu Bufaransa, Perezida NKURUNZIZA yarabajijwe ibibazo bitari bike. Umumenyeshamakuru, Christophe BOISBOUVIER w'iradiyo RFI ikoresha RUVAKUKI Hassan yaramubajije igituma Uburundi bugiye kurungika ingabo mu gihugu ca Mali.

 

Yamwishuye ko turi mu mahoro menshi, ku buryo dukeneye kuyasangira n'abo mu bindi bihugu ! Ivy'igandagagurwa ry'abahorwa kutavuga rumwe na CNDD-FDD  yabirengejeko uruho rw'amazi. Aho yihendera nuko TWEHO TUBIZI KANDI AZOTEGEREZWA KUBIDUHAKO UMUCO BITEBE BITEBUKE, kumbure tubanje kumushengeza imbere ya SENTARE MPUZAMAKUNGU !

 

Yarongeye aramubaza ati ntimwoba mwafashe iyo ngingo ( yo kurungika ingabo muri Mali ) ngo mwereke amakungu ishusho yindi y'Uburundi kuva itituwe n'amatora y'Umukuru w'igihugu yo mu 2010 kubera mwatowe ata n'umwe muhiganwa ? Aca yongerako ati uruganda ruriko ruhuriramwo abari ku butegetsi n'abanyaporitike batavuga rumwe namwe ruriko rubera i Bujumbura kino gihe, rwoba rugenewe kugarukana DEMOKARASI MU BURUNDI ?

 

Yamwishuye ko mu 2005 be no mu 2010 ari yo matora yonyene yabaye meza, ngo kuko ata bwicanyi bwayavuyemwo ! Eka kubwa Prezida NKURUNZIZA abamaze kwicwa ku ntwaro yiwe, bazir'ivyiyumviro vyabo vya poritike, ntabo azi canke ntabo yibuka ; kanatsinda ntiturigera twumva ko bimuhagaritse umutima ! N'igihe abatwaye imbere yiwe, aribo BUYOYA, NTIBANTUNGANYA na NDAYIZEYE bamukebura bamugabisha ko ubwicanyi bwarenze ihaniro mu 2011, inganda zabandanije zitikira ukuri kwamye.

 

SENTARE MPUZAMAKUNGU kumbure azoyisigurira ivyo adashaka canke atanezwe kuduhako UMUCO DUFITIYE UBURENGANZIRA ! Imana (atar'imwe ya NDUWIMANA Duwarudo) nimuhangaze ! Amatwi ansumira ngo arayisenga !

 

Perezida NKURUNZIZA yaragize imana ko uwo mumenyeshamakuru atamubajije ivyemeza ko ata bwicanyi bwakurikiye itorwa ryiwe mu 2005 kandi bukibandanya ! I Businde turazi ivyahashikiye.

 

Amashirahamwe atari make i Burundi no mu makungu ( APRODH, ITEKA, ACAT, HRW, AMNESTY INTERNATIONAL, N'AYANDI ) arafise ivyegeranyo n'intonde z'abazwi neza ko bagandaguwe n'intwaro ya Perezida NKURUNZIZA.

 

Abenshi  twaratanguye gusansuma n'ugasansumisha abo tuzi, twibuka batswe ubuzima kuko banse kwinjira muri CNDD-FDD, canke kubera ivyiyumviro vyabo bitanezereza ubutegetsi bwa kino gihe.

 

Hazoger'igihe tuzomenya amazina yoooose y'abicanyi, ariko ico Perezida NKURUNZIZA yomenya nuko ariwe azokurikiranwa imbere y'abandi. Niba yaribagiye ko AHO ARI HAZOJA ABANDI, imbere yiwe si heza namba.

 

Agishika ku butegetsi Abarundi benshi twari twiteze ko IVYAHA VY'AGAHOMERABUNWA VYAKOZWE KU NTWARO YA UPRONA VYARI BIGIYE GUTANGURA GUTOHOZWA KUGIRA UKUDAHANA KURANDURANWE N'IMIZI MU BURUNDI. Yoba ashaka kwikingira ?

 

KUBANDANYA GUSANSUMA N'UGUSANSUMISHA BIZOTUMA TUMENYA HAGATI YA UPRONA NA CNDD-FDD UMUGAMBWE WASUMBIJ'UWUNDI GUKOR'IHONYABWOKO, N'IBINDI VYAHA VY'AGAHOMERABUNWA. Hariho abazokwumirwa ! Yompi iri kubutegetsi muri kino gihe. Tuzotinda tumenya impamvu umusi uri izina.

 

Uwo mumenyeshamakuru yarongeye aramubaza ko abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe bazoshobora gukora mu mwidegemvyo, bagakoranya abanywanyi babo batajuragizwa, maze bagashobora kwitegurira amatora yo mu 2015 yitezwe kubera mu MUCO NTANGERE.

 

Perezida NKURUNZIZA yamwishuye ko amatora y'i Burundi yamye abera MU MUCO kuva na kera, ngo ivyayavuyemwo niyo NGORANE YONYENE !

 

Aha rero niwe wenyene azi ico yashatse kuvuga kuko yarivuguruje. Amatora agenze neza, ibiyavuyemwo biza bitomoye. Hari naho kari akagohe yariko aravunira CENI IYOBOWE N'UMUSHINGANTAHE NDAYICARIYE Petero-Karaveri yabaye uwa mbere yicara ku BITIGIRI VY'UKURI VYAVUYE MU MATORA yo ku wa 24 Rusama 2010 aho kubigaragaza ngo twese tuvyihinyurize MU MUCO. Nkuko nabivuze ubuheruka, siwe murundi !

 

Ikiryoshe nuko mu vyafunditswe n'abanyeporitike muri rwa ruganda rw'Umushingantahe Parfait ONANGA-ANYANGA i Bujumbura, harimwo kuzomanika ibiharuro bizoba vyavuye mu matora bizoba bifiswe n'abazoba bayahagarikiye. Tukaba tuzi ko Umushingantahe NDAYICARIYE vyari vyamutaye ku w'amazi kwubahiriza izo ngingo z'UMUCO. Kandi tuzotinda tumenya neza igituma vyagenze uko ! 

 

IMBERE NI HEZA CANE !

 

Uwo mumenyeshamakuru yarabajije kandi Perezida NKURUNZIZA, ko Umushingantahe RWASA Agathon, atashimye kwiyizira muri rurya ruganda ku mpamvu z'umutekano wiwe, ko ka bwa Mukuru w'igihugu ashobora kumwemerera icese ko umutekano wiwe ushobora kwubahirizwa.

 

Perezida NKURUNZIZA yarazibukiriye ico kibazo kuko yishuye ngo « Rwasa niwe yijanye mu mahanga, niwe azokwigarukana nk'abandi bose ».

 

Koko, ku wa 1 Mukakaro 2011, Perezida NKURUNZIZA yari yaravuze ati : « Tuboneyeho akaryo ko guter'akamo abanyeporitike bari hanze ngo batahuke. Baze dusangire ijambo n'ikiyago. Ariko nkuko twabivuze, abo tuzoganira bose bazokwibuke ko badasubiriye abenegihugu, ko badasubiriye inzego. »

 

Ngaha, musomyi wa burundinews , uca wumva ko Perezida NKURUNZIZA ariwe asa n'uwibagiye ko dukeneye UMUCO ku kugene yatowe mu 2010, kuko abo benegihugu avuga, ni wewe nanje ! Imbere ni heza cane.

 

Uwo mumenyeshamakuru ntiyashizwe ; yaciye amubaza ati : « None ntushobora kumuhumuriza ? »

 

Inyishu : « Kuva mu 2005 ntiduhengeshanya guter'akamo Abarundi bose bahunze....RWASA n'Umurundi nk'abandi » !

 

Yaciye yongera kumubaza ati : « Ku bwa RWASA Agathon no ku bwa SINDUHIJE Alexis, muri kino gihe hafunzwe isinzi ry'abantu ku mpamvu za poritike : wumva ushobora kubabohoza ? »

 

Inyishu : « Uwuciriwe urubanza ategerezwa gushir'aho intahe ishize, aho kwiyita umunyororo afungiwe ivyiyumviro vya poritike. »

 

Christophe BOISBOUVIER yaciye amushimira ati : « Hari haheze amezi 16 yose umugenzi wacu Hassan RUVAKUKI atawe mu mvuto none aherutse kurekurwa ku mpamvu z'amagara. Coba ari ikimenyetso c'ihumure ? »

 

Inyishu : « Sinobimenya. Igikuru nuko Ubutungane bwakoze ico bujejwe. » Aha twese turazi ko ubwo Butungane butigenga, naho Perezida NKURUNZIZA ashobora kuba yaribagiye ko twebwe abanyagihugu tubizi, ko bweza bamwe bamwe, bugafungisha abandi, iyo bagize amahirwe bagashikanwa imbere ya Sentare.

 

Yaciye amubaza ati : « Urashigikiye abavuga ko Ibwirizwa Nshingiro ry'Uburundi rikubuza kuzosubira kwitoza nk'Umukuru w'igihugu ? »

 

Inyishu : « Bamwe bavuga EGO abandi OYA. Abavyemeza n'uburenganzira bwabo. Mugabo hariho inzego zijejwe gufata ingingo : Sentare ijejwe Itegeko Nshingiro hamwe n'Urwego rujejwe gutunganya amatora (CENI). »

 

Twese twarabonye ingene izo nzego uko ari zibiri zavyifashemwo mu 2010 !

 

INKURU NZIZA NUKO AMATORA YO MU 2015 AZOBERA MU MUCO, MU MWIDEGEMVYO, MU KWUBAHANA, MW'ITUZE, MU MUNEZERO. ARIKO TURAZI KO TUZOBIKESHA KUGUMA TURIKANUYE, NKUKO TWAVYIYEMEJE ! Canecane ku mpamvu zibiri zotuma ubutegetsi bwa kino gihe bugerageza kubitoba :

 

1.      Ntibwanezerejwe namba no kuvugana n'abatavuga rumwe nabwo, kuko kugez'ubu bwahora bwishinga kubivuga ariko ntibabikore ;

2.    Burazi neza ko bushobora gusezerwa mu matora twimirije kuko buzi ko bwishe, bwasahuye, bwahohoteye  benshi ( n'ubu bukiriko) ku buryo ataco bucera, kiretse bushoboye kuryanisha imigambwe itavuga rumwe nabwo ! Kuber'izo mpamvu bushobora kubandanya GUTURIRA IGIHUGU KUGIRA BWIHORE !

 

Twese abanyazwe mu 2010, tumenye ko IMBONERAKURE bamwebamwe n'abanywanyi bamwebamwe ba CNDD-FDD ni babona ko atako bari bubigenze ngo basubire KWIBA AMATORA YO MU 2015, bazoca bamera nk'INGWE YAKOMERETSE. IYO NAYO NTAWOYITEGA ! Tuzobaneshesha UKURINDA N'UGUFATANA MU NDA !

 

IKIGWANISHO KIZOSHOBORA KUNESHA UMUKANDIDA WA CNDD-FDD AZORONDERA KWITOZA NGO ABE UMUKURU W'IGIHUGU KIZOBA UGUHARIRIRA KU MBONESHAKURE NO KU MARADIYO N'UMUKANDIDA AZOBA YARUNGITSWE NA ADC-IKIBIRI NKA KURYA BIHERUKA KUBA MURI KENYA. ADC-IKIBIRI ISABWE KUVYITEGURIRA HAKIRI KARE.

 

Umumenyeshamakuru ntiyanyuzwe kuko yaciy'amubaza ati : Numva rero vyose bishoboka ko usubira kwitoza ? »

 

N'aha Perezida NKURUNZIZA yarazibukiriye kuko yishuye ati :

 

« Umugambwe utegerezwa gutanga abakandida bakwije ivya ngombwa bisabwa n'amategeko, cane cane Ibwirizwa Nshingiro be n'Ibwirizwa rigenga amatora. »

 

Muri rwa ruganda twavuga, hahuriweko ingingo ko Umukuru w'igihugu azodutomorera neza mu maguru masha ingingo zitegerezwa gusubirwamwo vyihutirwa. Dutegerezwa kuhagabira kugira ntahave avyiyobagiza canke ngo abitevye, nko gushinga wa « MURWI UJEJWE KUMENYEKANISH'UKURI N'UKUREKURIRANIRA » yari yatubwiye ngo azowushiraho imbere y'impera z'umwaka ushize wa 2012, n'ubu tukaba tukiwurindiriye.

 

Ubuho ategerzwa kubikora mu kiringo gitegekanijwe mu masezerano ya rwa ruganda, kubera ADC-IKIBIRI irimwo kandi natwe abenegihugu tutagisubira kwisamaza !

 

IYINDI NKURU NZIZA N'UKO ABANYWANYI B'IMIGAMBWE IHURIKIYE MURI ADC-IKIBIRI BARAYE BASUBIJW'UMUTAMANA, IZUBA RIVA, N'ABAGABO BAKORANYE, MU GUSUBIRA KURONKA UBURENGANZIRA BWO GUKORERA MU MWIDEGEMVYO KUGIRA BATERERE IVYIYUMVIRO VYUBAKA MW'ITSIMBATAZA RYA DEMOKARASI Y'UKURI ! « Uhagarikiwe n'ingwe aravoma. »

 

Ariko rero ntiduce twibaza ngo twamaze gutsindira bwa BURENGANZIRA TWARI TWARANYAZWE ; DUTEGEREZWA KUHAMERERA MAGABO KUKO TWARUMVISE KO BAMWE MU MBONERAKURE BATAROTA BAHEBA INYIFATO YABO MBI BARI BAMAZEMWO IMYAKA YABABA UMUNANI.

 

Ko tuzi neza ko izo nkozi z'ikibi zikoreshwa, turafis'ubwenge bwo kuzofasha kubasubiza mu nzira nziza, twisunze amasezerano mashasha yafunditswe ngo UBURUNDI BUSUBIRE KUGIRA ISHUSHO IDUSHIMISHA HANO IWACU NO MU MAKUNGU ! Naho tuzi neza ko ubutegetsi bwa kino gihe  butazotworohereza !

 

Ngarutse ku nyishu yerekeye kumenya ko Perezida NKURUNZIZA azongera canke atazongera kwitoza, yaratuvuniy'akagohe ko dutegerezwa kurondera ayo mategeko, tukayasoma twitonze, tukayamenyesha aboba batayazi kugira NTITUZONGERE KUGWA MU MUTEGO TWAGUYEMWO MU 2010 KUBER'UKWISAMAZA !

 

Wa mugani wa Samandari, « URABA WUMVA BIRENGE NI WEW'UBARIRWA » !

 

Ubu naho ngaruke kuri vya bisongerezi vya Perezida NKURUNZIZA !

 

Sinkeneye kwibutsa imvugo z'abashikiranganji NDUWIMANA Duwarudo na mugenziwe NIZIGAMA Gaburiyeri zigayitse zavugiwe i BUSINDE ku wa 12 Ntwarante, zo guterw'ivyatsi kandi kugez'uno musi Perezida NKURUNZIZA agasa n'uwuzishigikiye, hamwe na Reta arongoye.

 

Bitwibutsa ibara ryaguye mu GATUMBA. Nta butegetsi bukomoka ku banyagihugu bwica abo bujejwe, nka kurya ko mu gihugu ca Siriya.

 

Aha uca wumva igituma Perezida NKURUNZIZA ashobora kuba afise ubwoba ko abanyeporitike bari barahunze bazomukura amata mu kanwa, kandi birakenewe ! Kuzihindurir'imirisho nivyo twatanguye kandi Imana (atar'imwe ya NDUWIMANA Duwarudo) iriko ituja imbere.

 

Mu 2015, amatora MU MUCO ageze, tuzomwereka ico twiyumvira ku buryo ariko aradutwara kuva mu 2005. Ni we ubwiwe azobazwa amaraso menshi amaze guseseka, agaseswa n'abaduhenda ngo batowe n'abanyagihugu, ata n'ivyemezo babifitiye !

 

Kuva isoko nkuru ya Bujumbura ihiye, ubwo bubisha bugata mu bukene butey'agahinda IBIHUMBI N'IBIHUMBI VY'ABARUNDI, intwaro ya Perezida NKURUNZIZA ibandanya igaragaza ko iganzwa n'UBWOBA ! Ubundi ntivyokwumvikana ko uwutiyumvira nkayo, uwusenze uko canke aho iyo ntwaro idashaka, araswa n'IGIPOLISI GIHEMBWA N'AMAKORI DUTANGA !

 

Ifutwa (n'ifuturwa) ry'ishirahamwe SYGECO n'Umushikiranganjikazi  SENDAZIRASA Nonsiyata, amagaburanyama y'abashikiranganji bamwe bamwe biha uturusho tudaciye mu mategeko nkuko OLUCOME yama yabigunduye, ukwegeka UMUCANWA KU MANA, mu gihe hariho abategetsi bamwe bamwe baharonker'inyungu, bisa n'uko UBURUNDI BUSHOBORA KUTURWANA MW'IBENGA, tudakenyeye ngo tububogore vuba bwango.

 

Ndangije kino kiganiro-ntererano nkeza INAMA MPUZAMAKUNGU, na cane cane Umushingantahe Parfait ONANGA-ANYANGA Imana yaciyeko ngo itugarukire mu gukoranya abanyeporitike b'Abarundi, ata n'umwe akumiriwe, kugira DUTANGURE KUGARUKANA UMWIZERO NO KWITEGURIRA GUTUNGA N'UGUTUNGANIRWA MU BACU NO MU VYACU.

 

Ndakejeje kandi ndatey'amashurwe Umufasoni KAMPAYANO Pascaline hamwe n'Umushingantahe SINDUHIJE Alexis bariye umutima amenyo bagataha kwifadikanya n'abandi banyeporitike ba ADC-IKIBIRI.

 

IMBERE NI HEZA CANE kuko kuva rurya ruganda rubaye, UBURUNDI BWAVUTSE UKUNDI GUSHASHA. Ubu turashobora kwiruhutsa tuvuga tuti « ASHIIII ! » Hari hageze. AMAKUBO TWARI TUMAZEMWO IMYAKA AZOTUBERE ICIGWA !

 

Mvunir'akagohe abategetsi ba EKLEZIYA GATORIKA Y'I BURUNDI ngo bibuke ko mu bihe vya none, uwo wese yemera KRISTU adategerezwa gukurikira nk'intama inyigisho zitangwa n'ababijejwe, kuko nabo n'abantu nk'abandi bashobora kwihenda.

 

Vyongeye, nibibuke ko ubutegetsi muri  Ekleziya Gatorika bizwi ko butigeze bwisunga DEMOKARASI nkuko abanywanyi benshi bovyifuza. Nta musenyeri, nta mupatiri n'umwe arekuriwe kubuza uwo wese yemera gusenga uko avyiyumvamwo. Sinibaza ko barekuriwe kwifata nk'abanyeporitike ntayegayezwa bazi ko ataco bazigera babazwa n'abayoboke babo.

 

Kubona abayobozi ba Ekleziya Gatorika, ZEBIYA AVUGA KO ARIMWO, batubahuka KWIYAMIRIZA ICESE IMVUGO Y'UMUSHIKIRANGANJI YUBAHUTSE KUVUGA KO UMUCANWA WATUMWE N'IMANA, BIKABA BIGARAGARA KO ARI NAWE YATUMYE  IBARA RIGWA I BUSINDE, biha ishusho mbi cane iryo dini, nubwo twabonye ingene ryigenjeje mu gihe abapatiri, ababikira, abafurera, abakozi ba Ekleziya benshi bagandagurwa n'intwaro ya UPRONA mu RWIMO RWO MU 1972, bazira ko bari ABAHUTU, abatwara iryo dini bakagira gufunga amaso, kugob'ururimi no kutanarondera aho abo bahisi batawe ngo babahambane iteka. Nta n'imisa zigezwe zisomwa icese n'abayobozi b'iryo dini ico gihe ! Kiretse niba Imana bemera yarasobanura amoko mu 1972 !

 

Narumvise abayobozi bamwebamwe, umwe w'i Gitega, uwundi w'i Ngozi, bavuga ngo abafatanije na Zebiya gusenga ntaco bafise baganira na Ekleziya, ngo batabanje kugamburuka !

 

NONE KU BWABO INYIFATO Y'IGIPOLISI I BUSINDE, IMVUGO ZITURIRA GUSUMBA WA MURIRO WO MW'ISOKO NKURU YA BUJUMBURA,  EJO BAZOZA KUDUSIGURIRA MW'ISENGERO KO UBUTEGETSI BWA PEREZIDA NKURUNZIZA BUSESA AMARASO YA BENEWACU NA BASHIKI BACU BWAGIZE NEZA KWICA ABAZIZE KUGAMBARARA MU GUSENGERA AHO UBWO BUTEGETSI BWABAFASHIJE KWIHANIZA GUSENGERA ? HOBA HAKIRIHO UMWUMVIKANO HAGATI YA RETA NA EKLEZIYA GATORIKA ?

 

Kwihanganirana ni wo MUCO MWIZA WAMYE URANGA ABARUNDI !

 

Igikuru nuko IMBERE ARI HEZA CANE KU BARUNDI TWESE !!!

 

N'agahindukira !