Burundi news, le 07/04/2013

Intererano ya gatanu

 

ya NKUNDABARUNDI Petero

 

Ku wa 3 Ndamukiza 2013

 

MFASHA KUZOH'IJWI RYANJE CNDD-FDD MU 2015 !

 

Munywanyi wa burundinews, ndasubiye kukuramutsa, dusubire tuyagerure !

 

Ku bemera izuka rya Yezu KRISTU, twarahimbaje Pasika, twibuka ko ubuzima bukeneye kuguma bunaguka. Amatwi ansumira ngo Perezida NKURUNZIZA yari yagiye mw'isengero Gatorika kuyihimbaza,  nk'abandi bakiristu nkawe, mu ntara avukamwo.

 

Kuno kwezi kwa Ndamukiza, kuri twese Abarundi, ntigusanzwe kuko muri kahise k'igihugu cacu twibuka cane cane urupfu rwa Perezida NTARYAMIRA ( n'ubu tukirindiriye UMUCO  ku vyerekeye kumenya  uwamwishe, ico yazize,  ko amaReta yacu yoba yaritwaye, n'ingaruka nyinshi mbi ico gipfungu cadushizemwo ka bwa gihugu cikukiye kandi  cigenga ).

 

Uwo muco twari tuwizeye ubwa mbere kuri Perezida NTIBANTUNGANYA, Perezida BUYOYA, Perezida NDAYIZEYE na Perezida NKURUNZIZA bakurikiranye inyuma y'urupfu rw'uwo muhisi,  ariko ntawo turaronka : birababaje cane.

 

Ikindi twibuka muri Ndamukiza n'IHONYABWOKO ryabaye mu 1972 ririko riragaragaz'inkurikizi zimwe zimwe uno musi, twihweje abariko barasubizwa canke basohorwa n'urwego CNTB mu matongo  yanyazwe canke yagabiwe bamwe bamwe, canke yaguzwe mu buryo butandukanye, uwo mwaka nyene.

 

Aha niho bica biboneka ingene Perezida NKURUNZIZA ariko arongerez'indyane mu Barundi, mu gihe atevya gushinga rwa rwego rujejwe kurondera UKURI N'UKUNYWANISHA ABARUNDI (C.V.R. Mu kinyamazuru, umugani wa wundi) ! Ntibimuha icubahiro.

 

Kuva tumushikirije ubutegetsi mu 2005, Umugambwe CNDD-FDD akomokamwo umaze kugaragaza kenshi ko ata majwi witeze kwongerwa mu matora yo mu 2015, naho ushobora kwikora ku mbonerakure CANKE UGAKORESHA AMANYANGA NKO MU 2010 !

 

NTIBIZOSUBIRA KANDI NTIBIZOSUBIRE! « Igiti ntikigukora mu jisho kabiri... ». Ariko kandi siwe, nkuko tumaze kubiganira bihagije !!!

 

Uno musi ngomba kugaruka ku bintu bikeya gusa vyaranze intwaro ya Perezida NKURUNZIZA kuva aramutswa igihugu cacu ariko bitigeze bitangwako UMUCO, KANDI AKABIGIRA N'IBIGIRANKANA.

 

Haraheze imisi nsomye ahantu ko Umushingantahe RURIMIRIJE Yohani-Mariya aherutse kugenwa na Perezida NKURUNZIZA ngo aserukire Uburundi mu buryo budasanzwe, vyongeye   akanaronswa  UBUBASHA BWOOOSE BUSHOBOKA BW'UMUSERUKIZI KAMA !

 

Binyibukije Umushingantahe SIMBANANIYE Arutimoni yagenywe na Perezida MICOMBERO mu 1972  mu mabanga mwen'ayo kugira ngo aje gusigura mu makungu IHONYABWOKO RYARIKO RIBA MU BURUNDI RYARI RYAHEREYE KU MWAMI NTARE WA GATANU YAGANDAGURIWE I GITEGA.

 

Mu guhimbaza imyaka 50 y'ukwikukira ngo Reta yarabuze aho ikiziga c'uwo Mwami catawe nk'igikoko, ariko igakoresha inguvu n'uburyo bwinshi ngo itahukane ibisigarira vy'Umwami MWAMBUTSA ku mpamvu tutasiguriwe na buhoro buhoro. Twizere ko Perezida NKURUNZIZA azoduha UMUCO. Iyo ubutegetsi bushaka koko kumenya aho Umwami NTARE WA GATANU yatawe bwari kwegera SIMBANANIYE CANKE MPOZAGARA Gaburiyeri, ariko sibo bonyene.

 

Dufatiye ku ntonde zitandukanye z'abamaze kwakwa ubuzima n'Igipolisi be n'Igendereza   vy'igihugu ( ku matariki no mu ntara bitandukanye : MANIRUMVA, NSABIRIHO, N'ABANDI BENSHI CANE CANE BAYOBOKA RWASA, canke ADC-IKIBIRI ) BIGAMBURUKIRA Perezida NKURUNZIZA nkuko ingingo ya 249 y'IBWIRIZWA NSHINGIRO RIBITOMORA, naho yotorwa ku gihamana mu 2015, abo yahekuye bose twotegerezwa kubunganira tukamushengeza muri za sentare mpuzamakungu, haba mu Buholande (nka NTAGANDA, GBAGBO, TAYLOR, n'abandi ), canke muri za sentare zo mu turere twa Afrika, duhereye muri Sentare y'Ishirahamwe E.A.C.,  no mu yandi masentare mpuzamakungu ari muri Afrika ajejwe kwubahiriza agateka ka zina kiremwa muntu ! 

 

None UMUSERUKIZI ADASANZWE, RURIMIRIJE yoba ajejwe kutangiriza ngo UBUTUNGANE MPUZAMAKUNGU MPANAVYAHA ntibuzokore kuri Perezida NKURUNZIZA ?

 

ISHIRWAHO RY'UMURWI WIGENGA KANDI  UDAHENGAMYE UJEJWE KURONDER'UKURI KU VYABAYE VYOSE NO KUREKURIRANIRA  TWARI TWEMEREWE ICESE ( na Perezida NKURUNZIZA ubwiwe ) GUSHIKIRIZWA IMBERE Y'IMPERA Z'UMWAKA  WA 2012,  RIZOBONEKA RYARI ? Twese turazi ko ukudahana ivyaha vy'agahomerabunwa gutuma mwen'ivyo vyaha biguma bibandanya ! NONE VYOB'ARI VYO PEREZIDA NKURUNZIZA ARONDERA ?

 

Umugabo yihindukiza mu kirago ntiyihindukiza mw'ijambo !

 

UMUCO WOTANGWA N'ABAHUBUKE CANKE ABAHINGA BIGENGA KANDI BADAHENGAMYE,  KU VYEREKEYE (mu bindi vyinshi) :

 

·       IGURISHWA RY'INDEGE FALCON 50, IBITURIRE VYIGANJE,

·       IGANDAGURWA RYO MU GATUMBA, N'AHANDI,  NKA MUYINGA,

·       UBUSHE BW'ISOKO NKURU YA BUJUMBURA,

·       IGANDAGURWA N'IMVUGO IGAYITSE VY'I BUSINDE,

·       ABAZIZE, N'UBU BAKIBANDANYA BAZIRA KUTAVUGA RUMWE NA CNDD-FDD BAHERUTSWE MU MINWE Y'IGIPOLISI BAGATORWA IBIZIGA MU NYUMA, TUTAVUZ'ABO BENEBO BATIGEZE BAMENY'IRENGERO RYABO,

·       N'AYANDI MABI MEEEEENSHI.......UWO MUCO TUZOWURONSWA  UMUSI URI IZINA, CNDD-FDD IKIRI KU NGOMA ?

 

Ego cane tuzowiha, tubanje kwikiz'agahotoro k'uwo mugambwe BICIYE MU MATORA ARANGWA N'UMUCO ; mbere twaratanguye n'uku nyene. Imbere ni heza !

 

Ntitukiniganwa ijambo nko ku ntwaro za kera.

 

Igitangaje nuko Perezida NKURUNZIZA, niyaba azi ko ataco yiyagiriza, asa n'uwutinya GUTANGA UWO MUCO. MBERE NIBAZA KO ATINYA IBIBAZO VY'ABAMENYESHAMAKURU I BURUNDI. MUTI KUKI ? AMAZE KUGISHA UTURYO TWINSHI  CANE TWO KUDUHUMURIZA, MBERE AKABOGOZA IBIHANGANGE BIMWE BIMWE BIKEKWAKO IVYAHA BINYURANYE, BIGASUBIZWA MU MABANGA YAVYO BIBANJE KWEZWA N'UBUTUNGANE MU MUCO UGARAGARA.... Kuber'iki ahitamwo kubikingir'ikibaba MU GACERERE ?

 

Erega UBWOBA N'UMUHANUZI MUBI CANE !

 

AHUBWO, GUHANUZA ABATAVUGA RUMWE NAWE, KUNYWANISHA BENE-BURUNDI BOSE,  NICO TWAMUTOREYE MU MATORA YO MU 2005 ! NTITWAMUTOYE NGO YUMVIRIZE CNDD-FDD GUSA !

 

Mu matora yo 2010, iyo Umugambwe CNDD-FDD wemera KUGANIRA N'IMIGAMBWE IHURIKIYE MURI ADC-IKIBIRI AHO KWITWAZA IGIKENYE, UMUKANDIDA WAWO AKITOZA ATAWE BAHIGANWA, ntuba uriko urahimirizwa kuvugana, ku gitsure, na n'abayobozi ba ADC-IKIBIRI wahor'uvuga ko kitazwi n'amategeko ! None  bamwe batabwa mu mutego bakegekwako imigambwe ngo ni « NYAKURI » barahawe ijambo muri rwa ruganda rwa BNUB mu kwezi guheze ?

 

INAMA NSHINGAMATEKA NA NKENGUZAMATEKA, IYO ZIBA ZATOWE NATWE MU MUCO NGO ZIKORE AKAZI KO KUGENZURA IBIKORWA VYA RETA, RETA YA NKURUNZIZA  IBA IMAZE GUSENYURWA KERA !

 

« Agasozi k'intahanurwa kahiye abagabo babona » !

 

Ahubwo Perezida NKURUNZIZA ndamusavye amfashe, yongere afashe abanywanyi ba burundinews, mbere n'Abarundi bose kudoma n'urutoki impamvu imwe rudende twofatirako ngo  tuzohe amajwi Umugambwe CNDD-FDD n'abakandida bawo mu nzego zinyuranye . 

 

Tuzoruca mu 2015 : ikinyoma kizokubitirwa ahakubuye.

 

N'akagaruka !