Burundi news, le 24/03/2013
Intererano ya kane :
Ndakunda Perezida NKURUNZIZA ariko........ !
NKUNDABARUNDI Petero
Ku wa 24 Ntwarante 2013
Munywanyi wa burundinews, ndagarutse ngo tubandanye kuganira kuko ndaremeshwa n'ukubona ko Abarundi benshi tuba mu gihugu canke mu mahanga tugeze ku ntambwe ikomeye yo kwiyambika umutamana.
Imbere ni heza cane, kiretse ku bategetsi bamwe bamwe ba kino gihe !
Twese twaremanywe ubwenge dutegerezwa gukoresha mu guhitamwo INEZA canke INABI mu buzima bwa hano kw'isi. Ndabona ko ABARUNDI BENSHI BA NONE twahisemwo INEZA, Imana ishimwe.
Perezida NKURUNZIZA ndamukunda, ariko, nk'abandi Barundikazi / Barundi isinzi ndagay'amabi meenshi cane abandanya afukerwa ku ngoma yiwe kandi twari twamutoye mu 2005 ngo atwereke UBUDASA yari yatwemereye. Asabwe kwikubita agashi, kiretse ahisemwo gukurikira umugenzi wiwe Laurent GBAGBO canke Bosco NTAGANDA imbere ya SENTARE MPUZAMAKUNGU MPANAVYAHA.
Ntiriwe ndarandira, kimwe mu bidutangaza cane rwose nuko Perezida NKURUNZIZA akingira ikibaba abo bigaragara ko bakekwako UBWICANYI BUNYAMASWA, UKURYA IBITURIRE, UKUNYURUZA AMATUNGO Y'IGIHUGU, UKUDAHANISHA UBUTUNGANE BWIGENGA IVYAHA VY'AGAHOMERABUNWA BITANDUKANYE, UGUHONYANG'AMATEGEKO Y'IGIHUGU KANDI YANDITSWE, UGUHOHOTERA N'UGUSINZIKARIZ'UBUZIMA UWO WESE YEMANGA ICESE CANKE AKEKWA KO ADASHIGIKIYE AMABI AKORWA N'ABANYWANYI BAMWE BAMWE BA CNDD-FDD, N'IBINDI....., ngarukire hano ! « Uwank'isazi ata akanuka » !
Umusi arahira yinjizwa mu mabanga yiwe yo kuturongora, yari yatubwiye ngo « TUZOKORA DUSENGA, DUSENGE DUKORA ». Kuva mu 2005, turamaze kubona ico yashaka kuvuga, canecane turavye igitigiri c'ABARUNDI N'ABANYAMAHANGA bamaze kugandagurwa bunyamaswa, canke turavye uburemere bw'itunga ry'Uburundi rimaze gusahurwa, iterabwoba rikoreshwa n'intwaro ya CNDD-FDD ngo twese tuwuhurikiremwo, vyanse bikunze. Nivyo bikorwa n'ibisabisho bijana ?
Biragaragara ko Perezida NKURUNZIZA atinya UMUCO wotangwa :
1. Mu kuvuguruzanya kw'iradiyo be no ku mboneshakure binyuranye, hagati ya we ubwiwe n'abatavuga rumwe na CNDD-FDD ;
2. N'ugusoma neza be n'ukwubahiriza neza ITEGEKO NSHINGIRO ;
3. N'abahubuke bigenga kandi badahengamye, mu matohoza y'ivyaha vyoooose vyakozwe ku ngoma yiwe. Amatohoza akorwa na Reta arongoye, turamenyereye ko agamije kudusiga inkore mu maso !
Mu gihe, Umushingantahe Parfait ONANGA-ANYANGA Imana yamuciyeko ngo twese dusubire tureme, twiyambike umutamana, reka turushirizeho kwitegurira amatora yo mu 2015, aho tuzoshikiriza intahe abo tuzoba twanyuzwe n'imigambi yabo, kandi tuzoba twibukije neza ko UBURENGANZIRA BWACU BWO KURONSWA UMUCO KU BURYO DUTWARWA ARI NTAYEGAYEZWA IGIHE COSE !
Tubandanye rero dusansuma kandi dusansumisha IVYAHA VYOOSE Perezida NKURUNZIZA yafukereye mu kutwima UWO MUCO twari dukeneye, dusome kandi DUSOBANUZE NEZA ITEGEKO NSHINGIRO BE N'IBWIRIZWA RIZOGENGA AMATORA YO MU 2015, kugira tuzomushengeze imbere ya SENTARE MPUZAMAKUNGU MPANAVYAHA MU MAGURU MASHA ASHOBOKA. NTA KANANIRA ABAGABO : IMISI Y'UGUSASIR'INDAVA UKUDAHANA IVYAHA VY'IHONYABWOKO RY'ABADASHIGIKIY'INTWARO Y'IGIKENYE MU BURUNDI IRAHARUYE !
Mboneyeho akaryo ko kumukebura ko « UWO WESE AKORESHA UMUKAZO KUBO ASUMVYA IGIKENYE ABA AGARAGAJE KO ATINYA » ! Ntitugitinya guharanir'agateka kacu, kandi turi mu KURI.
Dufatane mu nda, turyumeko, turondere abashingwamanza b'abahubuke banonosoye amategeko mpuzamakungu akingira agateka ka zina muntu kugira turandurane n'imizi UKUDAHANA IVYAHA KWIGANJE I BURUNDI KUVA INTWARO YA UPRONA YITERETSE KU BUTEGETSI GITURUMBUKA. Impembo y'abo bashingwamanza izoboneka : IGIKURU N'ISHAKA !
Ndakunda Perezida NKURUNZIZA, ariko ndagaye nshimitse uburyo dutwawe ku ngoma yiwe. N'uburenganzira bwanje ategerezwa gusonera.
N'agahindukira.