SINDUMUJA

 Burundi news, le 03/05/2015

Barundi, Barundikazi twese, nagomba tuzirikane rino jambo, turifate nka nkama kandi tubishire mu ngiro Kuko Jewe Birandaba, Nawe Birakuraba, na Mwebwe Birabaraba eka Twese Biraturaba.

 

Abasokuru barayamaze bati :  « Ntawikwegera ikara mu gashambara». Abarundi turahakwa gusubira mu buja, hamwe tutohagurukira rimwe twese uyu musi, ejo hazoba harengeranye. Ntituze twicuze rero kandi dushoboye kwikingira hakiri kare.  Umwe umwe wese ahari agire ati : « Sindumuja, Ndahakanye kuba umuja ». Ingo rero dusenyere ku mugozi umwe duhakane kuba Abaja ba Petero Nkurunziza kanatsinda yaramaze no kuvumwa n'Imana.

 

Hari abarundi benewacu bamaze gutangura imyiyerekano y'amahoro, bahakana ko dusubira mu buja. Hari nabamaze kugandagurwa bazira guharanira agateka kacu twese. Iyo myiyerekano rero, irandaba, irakuraba, irabaraba, iraturaba aho duherereye hose, haba i Bujumbura, haba mu gihugu hagati eka nabari mu mahanga.

 

Barundi, Barundikazi twese, harageze ko twiyumvira ejo hazoza.

 

-        Kwemerera Petero Nkurunziza ikiringo ca gatatu ngo nuko agomba kubicisha mu gikenye, tuzoba duhejeje kumusasira indava ngo abandanye arungika ingabo ziwe kudusahura mu ngo zacu batwaka intererano ngo niy'umugambwe. Bamwe muri twebwe, kandi benshi turi bantahonikora, twayatanze kugira ducungure agatwe, tuyatanga ari uko tugurishije agatoke canke agatungwa twokwikozeko kugira twikenure.

-        Twese turabizi ingene ubukene bwiyongereye aho tubaye, abana bakaturirira mu maso atako turi bubigire. Kuko naho woba ufise agafu k'umusururu, kagasukari ugakurehe ko Petero Nkurunziza yagumye ayiduza ibiciro. Ubu inzara yaraduteye nk'akaranda Petero Nkurunziza ataco yinona.

-        Kwemera ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, tuzoba tumwemereye ko abandanya atoteza abamama bacu badasiba kwamburwa utwabo mu gisagara ca Bujumbura kandi baba bariko baratarataza ngo bagaburire imiryango yabo. Ivyo akabikora kandi amasoko twahora tudandarizamwo yarayaturiye nka yose, duhomberayo ivyacu, dusubira mw'ihumbi. Aho atagira isoni, atanimpuhe afise, yarungitse umushikiranganji wiwe kubeshera Imana ngo niyo yaturiye isoko nkuru ya Bujumbura kugira hubakwe ngo isoko ya kijambere.

-        Bakozi ba leta muhurikiye mu ma sendika atandukanye, nimwe mwobara inkuru. Igihe cose mwasavye akarusho, Petero Nkurunziza yabashuhuriyeko abapolisi bataye umurongo barabacura bufuni na buhoro, abandi bakozi barirukanwa. Kwemerera Nkurunziza ikindi kiringo, ni uguhuhura ivyahuhutse, nta neza adushakira ataruko dusubira mu buja. Murazi ko asanzwe atwita « Mujeri ».

-        Bakozi ba leta, mukwiye gufata iyambere kugira twiyamirize Petero Nkurunziza. Kuko amakungu yatanga infashanyo ari nayo ivamwo ka gashahara gato, azoyihagarika mu gufatira ibihano igihugu c'Uburundi kuko Petero Nkurunziza yabaye intumva kubera ubukunzi bw'inda, kwikunda birengeje kuko amaze imyaka cumi abaho ku buntu, kuko abeshejweho n'amakori dutanga imisi yose.

-        Barundi mwese muja gusuma, murazi ingene ibiciro vy'ibifungurwa vyaduze. Abadandaza babizi gusumba kuko babura n'ababagurira, inzara igatsimbatara. Petero Nkurunziza akayica umurya mu kuduza amakori. Mwese murazi OBR aho ibagejeje. Mwobibaza abadandaza bo mu Rumonge bahevye baromoka. Ubu hoho tukamwemerera ikindi kiringo, amakori agiye kuduza ntituzayava imbere. Tutamubujije, tuzorwa mu bana nk'imbeba.

-        Barundi mwese ntimuyobewe ingene uruja n'uruza rutaboroheye biturutse ku bitoro bidasiba kuduza ibiciro bigatuma itike y'imodokari iba amananiza. Uwipfuza kuja kuramutsa uwiwe ntabishikeko, uwubishoboye akabanza kurya ikivi canke agatoke, abadandaza nabo bakaguma bahomba.

-        Bantu bo mu Kamenge, Kinama, Kanyosha, Buterere, mwibuke amarira duhitiyemwo y'abacu bagandaguwe bazira ko bari muri FNL canke mu migambwe idacuditse n'ubutegetsi. Twararize turihanagura, bwa butungane Petero Nkurunziza yama avuga ntabwo twigeze tubona. Haguruke mwese tumwiyamirize, naho ahandiho, amarira agiye kuba menshi.

-        Banya Gitega, kwemerera Nkurunziza ikindi kiringo muzoba mwemeye igarukanwa rya Rwembe. Ngira ntimwibagiye ingene yabahekuye. Ba Rwembe bazoba benshi.

-        Banya Muyinga, kwemerera Nkurunziza ikindi kiringo, mwitegure iyindi miryango izotabwa mu Ruvubu iboheye inyuma. Ngira ntimwibagiye abanyagihugu bagandaguwe bunyamaswa na Bangirinama atumwe na Petero Nkurunziza babaziza ko bari muri FNL. Muribuka ko Nkurunziza yabujije ihagarikwa rya Vital Bangirinama.

-        Banya Bubanza, kwemerera Nkurunziza ikindi kiringo muzoba mwemeye kwangazwa nkuko Manasse Nzobonimpa yangajwe mwongere musubire kwicirwa abanyu nkuko Petero Nkurunziza yabigize umwuga.

-        Banya Kirundo, kwemerera Nkurunziza ikindi kiringo nuko mwemeye ko Gihahe wiwe abacisha kubuhombo. Ivyo yabakoreye azorwiza na cumi.

-        Banya Muramvya, kwemerera Nkurunziza ikindi kiringo muzoba mwemeye ko agarukana ca gipolisi kirongowe na Desire Uwamahoro kubamarira abanyu nkuko bihitiye.

-        Banya Makamba, kwemerera Nkurunziza ikindi kiringo muzoba mwemeye ko basubira kubanyaga udufaranga twanyu mu kubabesha ngo bazobaha ayakuvyemwo kabiri. Muribuka bavuga ngo n'infashanyo ya Petero Nkurunziza ariko mwasanze ahari impene hasigaye ikiziriko. Nubu benshi ntibarihanagura iryosozi. N'i Gitega mu rabizi.

-        Bantu bo Mukayanza, kwemerera Nkurunziza ikindi kiringo muzoba mwemeye ko Seneri agaruka kubwinshi gusubira kubakora mu nda.

-        Bantu b'i Ngozi, kwemerera Nkurunziza ikindi kiringo muzoba mumuhaye uburenganzira bwo gusubira kubanyaga amatongo y'ubakamwo inyubakwa ziwe, namwe mu gasigara mwifumbereje.

-        Bantu b'i Mwaro, kwemerera Nkurunziza ikindi kiringo muzoba mwemeye ko babategeka kugurisha icayi canyu ku mafaranga make bakabandanya bababuza kukigurisha kuwubaha benshi.

-        Bantu b'i Bururi, hagurukire rimwe mutaronerwa. Kwemerera Nkurunziza ikindi kiringo muzoba mwemeye ko asubira kwangaza abanyu nka Nyangoma, n'abandi.

-        Bantu bo mu Rutana, kwemerera Nkurunziza ikindi kiringo muzoba mwemeye ko ya Nikele yobagiriye akamaro n'igihugu cose kikaboneraho izoguma ibaca hejuru. Nkurunziza azobirukana mu matongo yanyu kugira acukure ubutare yamaze kugira icibare ciwe.

-        Banyagihugu bo muri Bujumbura rurale, mwarasinzikaye cane. Abanyu baragandaguwe bazira ko bayoboka Rwasa. Muribuka ivyabaye mu Gatumba. Sidukana n'iyonka mu manuke mu gisagara ca Bujumbura twiyamirize twese Petero Nkurunziza ntasubire kuduhekura kandi tumushengeze.

-        Barundi, barundikazi, aho muva mukagera mu gihugu cose, kwemera ikindi kiringo ca Petero Nkurunziza tuzoba twemeye ko abana bacu batazokwiga Kaminuza kuko yaraye abirukanye kandi kagafashanyo yagomba kubaka, ubu hoho azobikora atacamira.

-        Mbonerakure mwese, ni mureke guhendwa. Abo babakoresha suku babafatiye urukundo rwinshi, bariko bakingira inyungu zabo. Mbega mwubatse inzu zingahe ko bobo bakubise amatungo bakuzuza, kandi bayakuye mu vyanyu no mu vyacu. Babagize abaja ba Nkurunziza. Subiza agatima mpembero murabe ejo hazoza, mureke gukamira mu coze Nkurunziza n'akarwi kiwe.

-        Bapolisi namwe basirikare, Petero Nkurunziza afadikanije n'akarwi kiwe kabatwara ku nguvu udufaranga mu korera mu mahanga bikaba akamizwe n'ingoma. Kwemerera Nkurunziza ikindi kiringo nuko muzoba mwemeye gusubira kw'isuka kuko amakungu afasha Uburundi bwacu atarufaranga na rumwe ruzoza. Mu menye ko ibice 30 % vy'amafaranga akoreshwa n'igisirikare ava mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu bihugu vya Somaliya, Repubulika y'Afirika yo hagati, … Amakungu agiye kudufatira ibihano Nkurunziza tutamwikuyeko, nta musirikare canke umupolisi azosubira muri birya bikorwa, mbere n'abariyo bazotaha. Abenshi, bategekanya kwikenura aruko barungitswe murivyo bikorwa. Mukemera ikindi kiringo ca Nkurunziza, muzoba mu muhaye ububasha bwo kubasubiza kw'isuka.

-        Basirikare namwe ba polisi, hakane amategeko yose yo gutosekaza agateka k'umunyagihugu. Mu ndahiro yanyu, mwiyemeje gukingira igihugu n'abanyagihugu. Uburundi bwaraye butewe na Petero Nkurunziza, nico gituma ari uburenganzira bwanyu bwo kutasubira kumuyoboka kandi ari ngombwa ku mutembagaza hakiri kare amazi atararenga inkombe.

-        Barundi, barundikazi, Abasokuru barayamaze kandi bati : « Uwambaye ikirezi ntamenya ko cera ». Ico kirezi mwambaye barundi mwese, n'izo ngoga, n'iryo shaka vyo guhakana ko dusubira mu buja. Petero Nkurunziza akunda kw'ivugira yuko uwuzotangura intambara, izohera mu rugo iwe, igaherera iwe. Sidukana n'iyonka kuva kuruyu wa mbere, tumufashe iherere iwe kuko ariwe yayitanguye.