Burundi news, le 07/07/2011
FRONT NATIONAL POUR LA REVOLUTION AU BURUNDI – ( FRONABU - TABARA)
IMVO N’IMVANO
Barundi, Barundikazi, muribuka umuhari CNDD-FDD ufata ibirwanisho ngo uhabuze Demokarasi wongere uyikingire. Abarundi isinzi, urwo rugamba mwararushigikiye gushika naho bamwe bahasiga ubuzima ;
Mu mwaka w’2005 kubera ko abarundi bari banyotewe amahoro dufise n’icizigire ko abavuye mw’ishamba bagiye koko gushira imbere intwaro ibereye, barahunze amajwi umugambwe CNDD-FDD , barawusasira indava . Ariko ntibwakeye kabiri wa mugambwe uratuyobera.Umukazo, igikenye, agacinyizo, ubwicanyi, irementanya, ubusuma bw’amatungo y’Igihugu, nivyo vyabaye inkingi ya bwabutegetsi bw’uyo mugambwe. Ya ngendo yari yaranze intwaro zakera niyo abo batware bashasha bashize imbere bimwe biteye ubwoba ;
Mu mwaka w’2010, abarundi isinzi, bari bashegeshwe n’iyo ntwaro y’umukazo, barayikuyeko amaboko, babicishije mu matora yo kuwa 24 Rusama 2010. Ariko ka karwi gafukamye igihugu munda kararahira kararengwa ko katava k’ubutegetsi. Niho kaca kiba ayo matora. Gaca kiha amajwi 82 kw’ijana. Amajwi na nyakwigendera Ndadaye Merikiyoro , incungu ya Demokarasi ataronse! Niho imigambwe itavuga rumwe nako karwi yaca ikinjura, ntiyabandanya amatora. Mu matora yakurikiye vyaragaragaye yuko abarundi bayitavye bari k’urushi. Nabo nyene batinye igitsure. Iconaco mukaba muzi kogihakuza bunini;
Kugira abarundi bakize agatwe baremeye ubwo butegetsi. Na kare ngo uko zivugijwe niko zitambwa! Ariko nticabujije ko ka karwi gatema kagatongora, karabica biracika: abanywanyi b’iyindi migambwe baricwa! Uwugize imana baramufunga! Bwaca bagatora ikiziga ciwe muri Rusizi , mu Ruvubu canke kw’iKoleji(collège Saint Esprit). Uwubasize nawe arahunga, agatangura kurara kugiti nk’inyoni, kurara mw’ishamba nk’inyamaswa! Murabo bangazwa, abanya politike bo mu migambwe yavuye mu matora baratotezwa bimwe vy’akarorero. Ni muri iyo ntumbero haraye hatowe itegeko ridasanzwe ryogufuta imigambwe yose itari somambike na CNDD-FDD. Abamenyeshamakuru, abarwanira agateka ka zina muntu, badomurutoke kubitagenda neza barara ntibuca, barafungwa canke bakangazwa. Uwugerageje kwamira ako karwi kamuhiga buhongo! Nico gituma itunga ry’igihugu ako karwi karisahura katitangiriye itama, womenga n’abacangero basahura igihugu batazi! Ayo Masiha mugutabagura igihugu no mu kugisahura umengo babaroze! Tutaravye neza Uburundi burashobora kurwa mukaga kagahomerabunwa.
Kubera ubwo bubegito bwako karwi, uyumusi ubutunzi bw’igihugu bugeze aho umwansi ashaka. Vyongeye kubera ko ubutunzi bw’igihugu busigaye bwiziziwe nako karwi, abarundi isinzi bugarijwe n’ubukene. Birateye agahinda kubona uyu musi abarund I benshi basigaye bafungura rimwe kumusi; ibiciro navyo mubuzima bwose bw’igihugu biduga kumusi kumusi kugira ngo ako karwi karonke amahera gasahura. Ubwo bunyonyezi nibwo rero butuma abarundi batubika umukanda, kakarwi nako kariko kigina umusesekara ukomoka murubwo busuma. IKIGOYI, UBUKENE…ngiryo ganuke CNDD-FDD yatuzaniye.
NICO GITUMA,
Barundi, Barundikazi,
Dushinze umuhari wo kurwanya ako karwi gapfukamye igihugu munda witwa” FRONT NATIONAL POUR LA REVOLUTION AU BURUNDI” mm“ FRONABU - TABARA” Uyu muhari ufise ihangiro ryo kurwanira agateka ka zina muntu wese na cane cane agateka k’umurundi wese. Mur’urwo rugamba, tugomba yuko Urukundo, Kwishira n’ukwizana, Demokarasi nyakuri biganza Uburundi. Kukaba nkako amarorerwa yose aba mu gihugu cacu uyumusi nuko umutima w’urukundo wazimiye akazimayongo. Igiteye agahinda nuko kw’isonga ryako karwi hari Petero NKURUNZIA yiyita umuntu w’Imana! Mbega Petero NKURUNZIZA asenga Imana iyihe atubahiriza ibwirizwa ry’Imana risumba ayandi: “URAKUNDA MUGENZA WE NKUKO WIKUNDA WEWE NYENE.”????? Vyongeye n’ibara ryokumutemere kubona abitwa ngobagiye mwishamba guhabuza no gukingira Demokarasi uyumusi bica umunyagihugu ngo nuko badasangiye umugambwe canke ivyiyumviro!!!!!
KUBERA IKI REVOLISIYO?
Umuhari wacu ni uwa Revolisiyo kuberako dushaka yuko ingendo ya poitike ihitiye igayitse ihinduka. Kukaba nkako ejobundi abarundi barahendwa ngo ingorane zigihugu zihagaze kubwoko. Emama ngo ubwoko kanaka nibwo butwaza umukazo, agahotoronagacinyizo. Amarorerwa aba uyumusi mugihugu arerekana ko cari ikinyoma ko rwari urwitwazo.Ntihica ubwoko. Ntihacinyiza ubwoko.Ntihasahura ubwoko. Ahubwo intwaro mbi ikomoka kubategetsi babi (abo nabo barangwa no kutagira umutima wurukundo; urukundo rwabo batwara, urukundo rwigihugu cabibarutse.) niyo ikora ayo marorerwa.
Ingendo nshasha rero turiko turarwanira, ariyo revolisiyo, nuko mu Burundi bwacu haganza intwaro ishira imbere Urukundo mubonse rimwe.Ihangiro ryacu nuko Uburundi burongorwa nurukundo; maze ivyitwazo vyubwoko, vyintara tubigire indahiro. Iyo niyo REVOLISIYO duharanira.
Barundi, Barundikazi,
Nimuvire hasi rimwe rero, musidukane n’iyonka turwanire iteka n’itekane, turwanire umwidegemvyo n’Urukundo mubonse rimwe. Nta nyagupfa nta Nyagukira! Nta mwana n’Ikinono! Twese turi bene mugabo umwe! Nimuhaguruke dusubize umutamana Demokarasi nyakuri. Demokarasi izira ubugunge, Demokarasi izira igikenye n’agacinyizo, Demokarasi izira igitsure c’inkoho, Demokarasi izira ubutungane bwangondagonde, Demokarasi izira gusesa amaraso, Demokarasi izira gusahura itunga ryigihugu.
MURAMENYE!
FRONABU -TABARA, ntije kurwanya Igisirikare, ntije kurwanya Igipolisi. Abasirikare n’abapolisi ni bene wacu, ni bashiki bacu; n’abana bacu; n’incuti zacu; n’abagenzi bacu. Nico gituma tubasavye ko bokinjura, batubise duhangane nako karwi k’inkorabara kaboheye uburundi amaboko imugongo. Nabo nyene uru rugamba rurabaraba. Ahubwo ababishoboye baduterere agacumu k’ubumwe.
Tuboneye ho akaryo ko gusaba akarwi k’abapolisi n’abasirikare gakoreshwa nabo babisha ko kobava inyuma.
FRONABU -TABARA, ntije kurwanya CNDD-FDD. Ihibambewe! Tuje gutesha akarwi kari muri uyo mugambwe katacibuka n’icatumye uyo mugambwe ufata ibirwanisho. Nico gituma n’abayoboke buyo mugambwe, uru rugamba ari urwabo. Tuboneyeho akaryo ko gusaba ko n’iyindi migambwe, amashirahamwe adaharanira inyungu za politike,amashengero atandukanye, abamenyeshamakuru, mwese muhagurukira rimwe kugira dutuze akokarwi kinkorabara kaboheye amaboko imugongo igihugu cose.Ikiraje ishinga Revolisiyo yacu nuko agateka kumurundi wese kokubahirizwa muri vyose nahose muntwaro rusangi; maze Uburundi bwabaye iciro ry’umugani bwambare umutamana w’Iteka n’Itekane, burangwe mwo amahoro n’amahonda akomoka kurukundo hagati yabonse rimwe.
Bigiriwe i Mwumba kw’igenekerezo rya 24 Rusama 2011.
Umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto,
General de brigade RUKUNDO Moïse
Umuvugizi
Umushingantahe NTWARI David
.