Ikimenyeshamakuru k'ubuhinga bwa none Burundi News, italiki 09/12/2011
ICEGERANYO C’AMATOHOZA KU BWICANYI BWO MU GATUMBA KUWA 18 NYAKANGA UMWAKA 2011
Vyanditswe na Garasiyano Rukindikiza
Kw’igenekerezo rya 18 nyakanga umwaka 2011, muri zone GATUMBA, komine MUTIMBUZI, intara ya BUJUMBURA benshi bita BUJUMBURA-RURAL nk’isaha zibiri z’ijoro zibura, abanyagihugu bagera kuri mirongo ine ataco bazira baragandaguwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bambaye imyambaro y’igisirikare na Gipolisi. Bisha na bisha haravuzwe vyinshi kuri ubwo bwicanyi. Bamwe bibazako ubwo bwicanyi bwakozwe n’inzego za Leta biciye mu Gipolisi c’igendereza na bamwe bamwe mu Gipolisi n’imbonerakure muntumbero yo kwegeka ubwo bwicanyi ku runani ADC-IKIBIRI, FNL ya RWASA na bamwe bamwe mu barongoye amashirahamwe adaharanira ivya Politique. Ivyo vyose vyari bifise igituma. Abandi bihutiye kuvuga ko ico gitero cakozwe na FNL mu guhora abanywanyi buwo mugambwe bama batorwa ibiziga ata kindi bazira ataruko ari aba FNL.
UBUSUMA BW’AMATORA N’UMUTEKANO MUKE
Inyuma y’amatora hagiye hibonekeza ibimenyetso vy’umutekano muke mu gihugu na cane cane mu ntara ya Bujumbura Rural aho FNL yari ifise abanywanyi benshi. Ico gihe ubutegetsi bwarabonye ko intambara ishobora gusubira gusutama. Naho mu majambo abatwara babwira abarundi n’abanyamahanga ko umutekano muke wibonekeza uturuka ku busuma bw’abantu bitwaje ibirwanisho. Ubutegetsi bwa Bujumbura bwari bwafashe nkama ko ababurwanya bariko baritunganya mu ntumbero yo gutanguza urugamba n’ibirwanisho ibimenyetso vya mbere n’uko hasigaye haba ibitero ku birindiro vy’abapolisi n’ingo za bamwe bamwe mu b’abanywanyi b’umugambwe CNDD –FDD mu ntara ya BUJUMBURA, RUYIGI, BURURI, GITEGA n’ahandi. Kuri ivyo bitero hiyongerako abapolisi batoroka igipolisi na cane cane abahoze ari abarwanyi ba FNL, ikindi urwaruka rwa FNL bayoboka agathon RWASA baciye bagenda mu Gihugu ca Républika iharanira democratie ya CONGO na TANZANIYA ku bwinshi. Bibaye uko vyateye amakenga ubutegetsi, igipolisi c’igendereza gica gishaka kwitanga umwansi ataraheza kwitunganya. Abahoze ari abanywanyi ba FNL bacuditse n’ubutegetsi baciye muri FNL iragi rya GAHUTU na BURAHIMU yahoze arongoye ibiro bikuru vy’ingabo za FNL ubu ari mu bakomeye mu gipolisi c’igendereza baca baja mu ruhigi rwa ba FNL bakiyoboka RWASA.
Intumbero ya mbere kwari ukumenya abarwanyi bahoze ku rugamba n’indongozi za FNL zoshobora gufasha cane mu gihe c’urugamba. Abanse gukorana n’ubutegetsi bakicwa. Niho haciye hatangura kugabwa ibitero ku banywanyi bayoboka RWASA abandi nabo bagatorwa ari ibiziga.
VYOSE VYATANGURANYE N’IHIRWA BUHONGO RYA RWASA
Muruko gusha coba kw’ubutegetsi, bamwe mu bahoze ari indongozi ku rugamba muri FNL bahanura ko hokoreshwa amafranga na bamwe murabo bahoze ku rugamba ngo bateshe ako kabi bishobotse bakurikirane abategetsi barikumwe na RWASA bibaza ko boba bari muri CONGO. Abavurwa cane ni Général Antoine BARIYANKA batazira SHUTI, Major Rogatien NEGAMIYE, Major Aloys NZABAMPEMA na RWASA Agathon ubwiwe. Ico gihe uwitwa Carmel batazira MUKONO kuko yacikiye ukuboko ku rugamba, kuva RWASA ahunga yari mw’ibohero rikuru rya MPIMBA ;aca akurwa mu MPIMBA ngo aje gufasha mu ruhigi rwa RWASA n’abayoboke biwe.
UBUTUMWA BWA MUKONO N’INTANGO Y’UBWICANYI
Mukono yaremeye ivyo yatumwe aca ahabwa igifovya c’amafranga atari make n’urwego rw’iperereza. Ico gihe yaciye avanwa mw’ibohero muri Ruheshi umwaka 2011 kugira ngo ashobore gutunganya uruhigi rwa RWASA. Amaze kuva mu MPIMBA nta ndwi yaheze atarabereka ubworo bw’ibirenge arabahemukira ahamagara chef de Cabinet mw’iperereza ari nawe yari yamuhaye ayo mafranga amubwira ati : « MWARAKOZE KUNDEKURA, MWARANSINZIKARIJE UBUZIMA HABAYE AHIMANA MBA NARAPFUYE. NAGIRA NDAKUBWIRE IKINTU NAMBA WEWE UTANDOSE JEWE SINZOGENDA NTAGUCIYE UMUTWE………»
Ico gihe MUKONO yaramaze kwegeranya abanywanyi bagera kw’ijana iruhande yiwe bamwe bavuye muri CONGO, mu ntara za BUBANZA na CIBITOKE hamwe n’igice c’intara ya BUJUMBURA. Muri ayo mezi ya Ruheshi, Mukakaro , Myandagaro na Nyakanga umwaka 2011 MUKONO yari yerekanye mu mitego y’ibitero ku birindiro vy’abapolisi aha twovuga nk’igitero cabaye muri Commune MURWI mu ntara ya CIBITOKE aho hasize ubuzima abapolisi bagera kw’icumi : imitego kw’ibarabara rya BUJUMBURA –BUBANZA ; BUJUMBURA-CIBITOKE n’ubusuma bw’imiti mu karere ka RUKARAMU mu kwezi kwa Nyakanga umwaka 2011.
Inyuma y’uko guhemukira chef de cabinet mu gipolisi c’iperereza ; uwo nawe yagira hasi kubura hejuru ngo arabe ko yobona MUKONO canke umutwe wiwe. Ubutegetsi bw’i BUJUMBURA buca bushiraho umugambi wo kwica MUKONO n’abandi banyagihugu ataco bazira ngo bikunde bateze urubwa mu Burundi no mu makungu abatavuga rumwe na Leta.
UMURWI WA MUKONO URINJIRANWA
MUKONO amaze guhemukira iperereza, ryaciye riha akazi uwitwa Innocent NGENDAKURIYO wo mu GATUMBA. Uwo nawe ari mu bahoze ku Rugamba muri FNL ; aho yari afise ipete rya Lieutenant; yinjijwe mu gisirikare ca Leta y’uburundi mw’ikambi yo mu KAYANZA kw’ipete rya Caporal. Kubera atari yashimishijwe n’iryo pete yaciye atangura kwigenza nabi ahava arirukanwa aca asubira mu GATUMBA.
Uwo Innocent NGENDAKURIYO baca bamuha amafranga ngo asubire ku rugamba kugira ngo azoze arabatanga bukebuke. Ico gihe ubutegetsi bwategerezwa kurungika bamwe mu ngabo babasanga no hakurya y’amazi kubicirayo. Yategerezwa guca ku wukomeye mu karere k’IMBO uwo akaba MUKONO, MUKONO yategerezwa kuba uwa mbere ahitanwa n’uwo mugambi.
Inyuma yaho bavugana kenshi kuri Téléphone NGENDAKURIYO asaba MUKONO ko bobonana amugishe umugambi wo gutera ; wateguwe n’ipolisi c’iperereza. Uwo mugambi wari uwo kuzana umwizero hagati ya MUKONO na Innocent NGENDAKURIYO kugira ifatwa rya MUKONO ryorohe.
Intwazangabo zitari zike zija inama ku wa 18 Nyakanga mw’ihoteli ya Clotilde NIRAGIRA,umushikiranganji w'agateka ka muntu no gufatana munda... Clotilde NIRAGIRA yaguma atelefona uwujejwe gutunganya ihoteri aca abwira umwe mu ba Général baja muriyo nama ko vyose vyatunganye.
Iyo Hoteri uwo musi yari yugawe ku bantu bose bava hanze. Abari muri iyo nama ni Général Adolphe NSHIMIRIMANA arongoye urwego rwipereza, Général Gervais NDIRAKOBUCA batazira NDAKUGARIKA icegera c’umuyobozi w’igipolisi, Colonel David NIKIZA akorera mu bushikiranganji bw’umutekano, Commissaire Désire UWAMAHORO, uwutwara igipolisi mu ntara ya Bujumbura, Commissaire Jérôme NIBOGORA, Général Agricole NTIRAMPEBA wo mwiperereza, KAZUNGU wo mw’iperereza n’abandi abaduhaye amakuru batashoboye kumenya.
Iyo nama iheze, baciye bakizura amayira bari babwiwe na Innocent NGENDAKURIYO, Baragendura ama pharmacies y’imiti yategerezwa guterwa baca baripanga neza kugira bate muri yompi MUKONO n'abo bazoba bari kumwe, n’abaca bakora karya kabi kabishe. Baca bategura abakoze rirya shano namwe mwese mwumvise abandi mwiboneye.
Baciye bagenda kuri Brigade y’igipolisi mu GATUMBA bategeka igisongerezi c’intwazangabo caraho bita de corps ko naho aza kwumva amasase atotabara , ko azoba ari igikorwa c’abajejwe umutekano bagomba bafate umwansi. Iyo myiteguro yatanguye kuva igihe c’isaha zibiri zo mu gitondo irangira igihe c’isaha cumi z’umuhingamo. Ico gikorwa categerezwa gukorwa hagati y’isaha imwe na satatu z´ijoro. Commissaire Désiré UWAMAHORO niwe yari yahawe itegeko ryo kwugurura umuriro wo gufuta MUKONO n’abiwe. UWAMAHORO yari yagabuye umurwi wiwe mwo kubiri . Umwe gufata canke kwica MUKONO, uwundi gukora rirya shano mwese mwabonye abandi mwumvise. Aho hose baca bavuga ko vyakozwe na MUKONO abitumwe na RWASA na SINDUHIJE.
ICO GITERO NTICABAYE KIKIBA; ISHANO RY’UBWICANYI RYA KOMANDA DESIRE UWAMAHORO RYO NTIRYASIBA
Kuw’Imana igenekerezo rya 18 Nyakanga isaha imwe irenga iminota mike, umurwi wa MUKONO wari mu GATUMBA wari kuri ayo ma pharmacies yategerezwa gusahurwa. Uwa bereka inzira ntiyari uwundi ni Innocent NGENDAKURIYO yaguma avugana kuri Telephone na Désiré UWAMAHORO kugira ngo aze kubavunira akagohe bacakire MUKONO nabo bari kumwe.
komiseri Désiré UWAMAHORO yari yapanze bamwe mu ngabo ziwe kw’ishengero ry’Adventiste. Igihe UWAMAHORO yamenyesha ko akazi yatanguye mu gutera iki Roquete isaha zibiri zibura, MUKONO yaciye amenyesha ko igitero ku ma Pharmacies gisivye. Murako kanya umurwi wa KAZUNGU na Désiré UWAMAHORO baciye batera mu Kabare baca bica abantu bose baraho. Uwo murwi warimwo abapolisi, imbonerakure bambitse imyambaro ya Gipolisi be n'abo mu rwego rwiperereza ico gihe uwari yarungitswe kuzana MUKONO yaza yashikiriye Désiré UWAMAHORO
Abo bapolisi bishe na bamwe barimwo n’abakorera mw’iperereza co kimwe n’aba Civiles bari muri ubwo bunywero. Icegeranyo catanzwe n’urwego rw’iperereza caza categuwe imbere yuko ubwo bwicanyi buba.
KURONDERA KUVA MURAKO KAGA BABONA KO KABAJANYE MUYABIRA.
Muri ico gihe abo bategetsi bose mu gipolisi ibara rihejeje kurwa baciye bava mu GATUMBA.
Bukeye niho baca hatangura gufatwa abantu bamwe bamwe. Uwa mbere yafashwe hakiri mu gaturuturu n’igisongerezi c’intwazangabo de corps wo muri Brigade ya GATUMBA. Icegera c’umukuru w’ikirindiro ca PAFE mu GATUMBA na Innocent NGENDAKURIYO . Icatumye bafata ico gisongerezi categerezwa kugumya ibanga ry’uwamuhaye itegeko ryo kudatabara n´aho yo kumva amasase. Innocent NGENDAKURIYO nawe bagomba kumunumya ngo ntacire n’amate hasi ko coba ari igipolisi n’urwego rwiperereza boba bahejeje guhekura bene Burundi. Yategerezwa kwagiriza RWASA ko ariwe yatumye iryo bara rigwa. Umukuru w’umugambwe FRODEBU Léonce NGENDAKUMANA yarafashwe bukeye bwaho inzu yiwe isakwa urutavanako ngo bakunde batoreyo ibirwanisho bace bamwegekako burya bwicanyi. Naho vyaruko ubutegetsi bw’I Bujumbura bwari buzi ivyabaye . Urwego rw’iperereza rwaciye rwihutira gusohora icegeranyo aho bavuga ko ubwo bwicanyi ata wundi yabuteguye Atari RWASA. Ico cegeranyo carungikiwe abatwara iperereza mu bihugu vya kano karere, Leta y’uburundi ntiyigeze icemeza.
Mu gipolisi co gucungera imbibe n’ibirere, icegera c’uwutwara ikirindiro co mu GATUMBA Jean de Dieu NIZIGIYIMANA yaraharitswe. Umusi umwe gusa inyuma ya burya bwicanyi bwo mu GATUMBA umwe mu bapolisi bahakorera yahoze ari mubagendanira BUNYONI yamukoreye inteba ishushe ngo yarekuye umuntu yari yafashwe ku rubibe rw’uburundi na Congo mu GATUMBA. Inyuma yaho icatangaje abatari bake, amaze imisi mike apfungiwe mwiperereza iryo kosa ryahavuye rihinduka bamwagiriza ko yafashije mu gukora ubwicanyi bw’agahomerabunwa. Aca aja mu rutonde rw’abanyororo bagirizwa ubwicanyi bwo mu GATUMBA.
Mu gisirikare uwutwara akarere ka mbere afadikanije n’uwujejwe igendereza aho mu karere ka mbere G2 mu gifaransa, bahaye amategeko Lieutenant NIYONKURU akorera mw’ikambi DCA yahoze ari umurwanyi wa CNDD- FDD ngo ajane mu RUKOKO na Désiré UWAMAHORO baje kurementanya. Iyo ntwazangabo ntiyashatse gukora iryo shano aca ararwara isango rigeze kuko bari bazi ko hari ico abiziko; amakuru yanyuma dufise ubu apfungiwe mwibohero rya RUMONGE. Mugisirikare ihagarirwa ryuwo muntu basa naho umenga ntaco bariziko.
UMURWI WASHINZWE NGO UKORE AMATOHOZA
Uwo mugwi w’amatohoza waratumyeko Commissaire UWAMAHORO, uwutwara igipolisi mu ntara ya Bujumbura nawe yarabajijwe icegera c’umuyobozi w’igipolisi Gervais NDIRAKUBUCA batazira NDAKUGARIKA, na Commissaire MAURICE MBONIMPA, na G2 mu gisirikare Ildéphonse HABARUGIRA abo barabajijwe, Général Agricole NTIRAMPEBA wo mu gipolisi c’igendereza, na Jéremie BIBONIMANA abo ntibabajijwe kandi bari bavuzwe ko bari mubateguye burya bwicanyi.
Umurwi w’amatohoza ntiwigeze ugaruka ku kungene iryo bara ryaguye. Innocent NGENDAKURIYO aho yari afungiwe mw’ibohero rya BUBANZA yarasorongoye vyose imbere y’umurwi w’amatohoza yarashatse kugandagurwa Imana irakinga. Ntakindi barondera atari ukumuzimanganya ngo ntasubire kuvuga. Icegera c’umuyobozi w’igipolisi NDIRAKOBUCA batazira NDAKUGARIKA be n’uwitwa KAZUNGU akorera urwego rw’iperereza barasavye umuyobozi w’ibohero rya Bubanza ko bokungururiza Innocent NGENDAKURIYO mw’ibohero rya MPIMBA akaba aribo bamwizanira kuva I Bubanza gushika I Bujumbura. Aho hose babikora umushikiriza manza wa Republika mu ntara ya Bujumbura atanakimwe yabwiwe kandi ariwe yamupfunze bari bafise impapuro z’umushikirizamanza wa Republika nawe atavyo azi, bitayeko kwunguruza umunyonroro bitunganywa n’abajejwe amabohero s’abapolisi babikora. Iyo ataba ugusemerera kw’amashirahamwe adaharanira inyungu za politique Innocent NGENDAKURIYO ntaba agiharurwa mu bazima: iryo yunguruzwa ntiryabaye rikiba.
INKINAMICO YA PRESIDENT NKURUNZIZA MU KUGOMBA KUNYEGEZA UKURI
Iryo bara ryaraye riguye , Président yagiye ahamagara abaserukira ibihugu vyabo ngo nibaze birabire ubwicanyi bw’agahomerabunwa yarazi abakoze ubwo bubisha imbere yuko aja i New York mu gihugu Leta zunzubumwe za Amerika yabanje kuja muri urwo rukino rwahekuye abarundi mu GATUMBA. Abaserukira ibihugu ibihugu vyabo barajuragijwe bava aho bajonjoye ko ubwo bwicanyi ata wundi yabukoze atari RWASA. gukinisha umuriro bigeze aho vyabaye ivya mbere. Urwo rukino rurabandanya aho muri kino gihe mu gipolisi canke mu mugisirikare basa naho bagamije ubwoko gusumba ibindi. Abantu ataco basa basana n’ubwo bwicanyi baguma baronderwa ngo batabwe mwibohero Agathon RWASA, Logatien NEGAMIYE, DUNADUNA , Hussein NDUWIMANA, Ezéchiel, MUKONO n’abandi.
ABA CIVILES BO MU GATUMBA BAGUMYE BAFATWA
Abantu 14 ni bo bamaze gutabwa mu mvuto kubera ubwo bwicanyi icigaragaza n’uko ubwo bwicanyi ababukoze babandanya bidegemvya kandi bari mu ndongozi z’inzego z’umutekano .
Bamwe mu batawe muri yompi inyuma yaburya bwicanyi bwo mu GATUMBA, Igipolisi c’igendereza cagiye giha ibirwanisho n’imyambaro ya Gisirikare kugira babifatanwe. Abo nabo nta kindi barondererwa atari ukuvuga ko bari mubakoze ubwicanyi bwo mu GATUMBA babitumwe na SINDUHIJE na RWASA. Abo ba Civils bose baranse ivyo basabwe n’igendereza ubu bose bari mw’ibohero ngo barakoze ubwicanyi bwagahomerabunwa. N´abo ba Civils nyene President NKURUNZIZA yavuze mu ibinyamakuru n’amaradiyo ngo nibo bakoze ubwicanyi bwo mu GATUMBA ngwe mama bishikanye.
Tuzobandanya kubatohoreza tubabwire n’ibindi amariba ntarakama.