Tribune libre

 Burundi news, le 24/02/2013

Vyanditswe na Petero Nkundabarundi

UKOR'ICIZA UKAGISANG'IMBERE

WAKOR'INABI UKO NYENE!

 

Indemesho ya NKUNDABARUNDI Petero

Ku wa 24 Ruhuma 2013

 

Hariho kumbure abagitangazwa n'inyifato y'ubutegetsi bwa kino gihe budashaka ko umumenyeshamakuru Hassan RUVAKUKI arekurwa !

 

Ku wa 19 Ruhuhuma 2013, aho abamenyeshamakuru bigenga bagira urugendo rw'akababaro bafise, hanyuma IGIPOLISI kikabasukamwo vya vyuka bikoroza amosozi kandi bishobora no kwica, umengo vyarabatangaje ! Ahubwo dukwiye gushimira Imana ko ata bahasize ubuzima. Nsabe abo bamenyeshamakuru bankundire ndabibutse ko ibiriko birabashikira atari ikosa ry'ubutegetsi bwa kino gihe. Oya, ni iryabo, nkuko ari irya wewe nanje uriko urasoma runo rwandiko !

 

« Nta mwaka udakura inkumi » ! Naho ushobora kutantahura, nararyohewe bimwe bidasanzwe  ko abo bamenyeshamakuru batangura gusobanukirwa buke buke ko ivyo ubutegetsi buriko buratugirira (kuko turi kumwe nabo) ari inkurikizi yuko NABO NYENE BARI BAHISEMWO, KU MPAMVU ZITUMVIKANA, KWIYIMA CANKE KWINIGAN'IJAMBO UMUSI UMUSHINGANTAHE NDAYICARIYE PETERO-KARAVERI YATANGAZA IBITIGIRI VY'AMAJWI YAVUGAKO KO VYAVUYE MU MATORA YO KU WA 24 RUSAMA 2010, BAKAMWEMERA BATABANJE KUDUTOHOREZA NEZA NA NEZA KO IBWIRIZWA RIGENGA AMATORA RYARI RYUBAHIRIJWE! NIZERE KO BARIKO BARAKURAMWO ICIGWA nka twebwe twese.

 

Twese abakunda UBURUNDI BWACU turabafashe mu mugongo ko twumvise biyemeje kubandanya imyiyerekano mu mahoro buri wa kabiri w'indwi  ngo UBURENGANZIRA bwa zina munyagihugu na zina munyamahanga bureke kuguma buhungabanywa n'abajejwe kubukingira.

 

ZIRIKANA, IKUNDE, RINDA, HITAMWO, KANURA, IKINGIRE, SABIKANYA, REMESHA, RYUMEKO !

 

Wewe nanje turindiriye iki gutangura kwegeranya intonde z'amabara yose tuzi amaze kugwa ku BURUNDI BWACU kuva ubutegetsi bwa UPRONA ( bufashwe mu mugongo n'intwaro ya kino gihe ) bubandanya kwonona  ishusho y'UBURUNDI BWACU mu makungu ?

 

 

Twibuke ko dufise UBURENGANZIRA bwo gusaba UMUCO UTANZWE N'UMURWI WIGENGA ku MURIRO watokombeje isoko nkuru ya Bujumbura kuko inkurikizi z'iryo bara ziteye agahinda kandi mu gihe kirekire rwooose.

 

Turafise UBURENGANZIRA bwo kuronswa UMUCO W'UMURWI WIGENGA kw'ibara ryo mu GATUMBA, kw'IGANDAGURWA ry'umuhisi MANIRUMVA Renesito, n'abandi BENSHI BAZIZE IVYIYUMVIRO VYABO, kw'igurishwa ry'indege yarerura Umukuru w'igihugu yari yavuye mu makori yacu, ( nta kibanza noronka ngo ndondagure amabara yose dukeneyeko UMUCO W'UMURWI WIGENGA UTARI MU KWAHA KW'UBUTEGETSI....).

 

Igitangaje n'umwumvikano hagati y'Umugambwe UPRONA (abategetsi bawo bamwe bamwe bakwiye kuzorengutswa imbere ya Sentare Mpuzamakungu ku vyaha bagirizwa) warwanije Umugambwe  CNDD-FDD ukiri mw'ishamba ! Erega ngo « Ubana na suneba ugasuneba nkawe ». Tuzotinda tumenya amasezerano anyegeje abakuru b'iyo migambwe bafitaniye. N'abanywanyi b'iyo migambwe nabo nyene botegerejwe kuronka UMUCO. Hari naho ayo masezerano yabaye imbere y'amatora yo mu 2010. Iyo migambwe yarahendanye kuko ubutegetsi bukomoka kuri twebwe abanyagihugu !!!

 

Imbere y'itariki ya 24 Rusama 2010, nta matora yari bwigere yibwa !

 

Ku ntwaro mbirigi be n'iya cami (hagati ya 1961 na 1965), ntivyigeze biba ku mpamvu zitandukanye. Ku matora yo mu 1993, Reta yar'irongowe na Nyakwubahwa SIBOMANA Diriyano yayatunganije neza abifashijwemwo  n'inyigisho za Nyenicubahiro NDADAYE Merikiyori yaguma atubwira ati « Muragume murikanuye ku musi w'amatora » ! Koko uwo musi, amatora yabereye mw'ibanga IJANA KW'IJANA, ibwirizwa rigenga amatora rirubahirizwa IJANA KW'IJANA. Ido n'ido ry'amajwi yavuyemwo mu bibanza vyooooose vyabereyemwo amatora birahinyuzwa n'uwo wese yavyifuza kandi biremerwa n'abakandida booose, naho abategetsi ba UPRONA bashangashiwe bagahava BAKOR'IBARA RYO GUSES'AMARASO NGO BIGARURIRE UBUTEGETSI TWARI TWABIMYE MU MATORA !

 

Umuntu abiravye, yokwibaza igituma ubutegetsi bwa kino gihe busa n'uburiko burashimira UPRONA, cane cane  kuva Perezida NKURUNZIZA atanguye ikiringo kigira kabiri. Bayina, siwe murundi !

 

Ku bwanje ikosa rinini ryakozwe n'abategetsi b'Imigambwe SAHWANYA-FRODEBU na UPRONA kuko bari nk'inararibonye mu vyerekeye kumenya ingene amatora meza agenda. Ntivyumvikana ingene bashoboye kwibagira ko « Utambana na mukeba atagoheka urugohe ! »

 

Mu 2005, amatora yabereye mw'ibanga ntangere nko mu 1993 : Umugambwe FRODEBU wari kw'isonga ry'ubutegetsi wayatunganije neza. Nticabujije ko abakandida bawo barushwa amajwi kubera ABARWANYI BA CNDD-FDD bavugako aribo bonyene bashobora KUGARUKANA DEMOKARASI YARI YATSIMBATAJWE NA NYEN'ICUBAHIRO PEREZIDA NDADAYE.

 

Ku bwanje igikuru mu vyatumye Umugambwe SAHWANYA-FRODEBU urushwa amajwi n'Umugambwe wa RAJABU, nuko abari baranyuzwe n'inyigisho za NYEN'ICUBAHIRO NDADAYE babonye ko abategetsi b'uwo mugambwe bari bigenjeje nka ba »NSUMIRINDA » gushika aho bibagira ko UBUTEGETSI BUTANGWA N'ABANYAGIHUGU. Iciza nuko abakandida bawo bemeye rushingantahe ko barushijwe amajwi !

 

UBUSUMA BW'AMAJWI YAVUYE MU MATORA yo ku wa 24 RUSAMA 2010 abagabo barorera aho kubwiyamiriza,  bwahaye inguvu  umukandida NKURUNZIZA Petero zo guhonyanga, ata nkomanzi,  IBWIRIZWA NSHINGIRO BE N'ITEGEKO RIGENGA AMATORA, igihe twamureka akitoza ari umwe rudende, kandi  AMATEGEKO ABIBUZA. UWO WESE YAVYIYAMIRIJE YARABIZIZE MU BURYO BUTANDUKANYE, ABAGABO BARORERA ! « AHARI ABAGABO NTIHAGWA IBARA » ! Perezida NKURUNZIZA siwe murundi !

 

« NTA YISAZIRA MU KIGEGA » ! 

 

Wewe nanje twararetse abategetsi baratunyaga UBURENGANZIRA BWACU BWO KWIMIKA UMUKURU TWITOREYE MURI BENSHI, BICIYE MU MATEGEKO YANDITSE, bakitwaza ngo ko batowe mu 2005, barekuriwe vyose ( nko GUTANGA KU BUNTU INDEGE FALCON 50 ), none raba ayo twikwegeye. Abategetsi ba kino gihe sibo barundi !!!

 

« UMUKWE W'AMASONI YAHAMBWE ABONA » !

 

ZIRIKANA, IKUNDE, RINDA, HITAMWO, KANURA, IKINGIRE,  SABIKANYA, REMESHA, RYUMEKO!

 

Abarundi turafise AKARANGA KACU gateye igomwe.

 

Ku ntwaro ya cami, Abanyekongo bahora badutwenga,  bakita ABARUNDI : « NGOMBE ZA MWAMBUTSA » kubera ko mu mico yacu, twasonera Umwami kuko yari « Ganza Sabwa » ; na none nta bubasha twari tumufiseko. IBIHE VYARAHINDUTSE : KUVA MU 1993 NITWE TWITORERA ABADUTWARA. Harageze ko twese tuguma tuvyibuka.

 

NTITURI INTAMA Z'UWARIWE WESE !

 

Twese turasonera UBUTEGETSI KANATSINDA NITWE TUBUBITSA  ABO TUBONA  TWIZEYE, BICIYE MU MUCO NTANGERE.

 

N'UBURENGANZIRA BWACU RERO KWIHWEZA UBURYO DUTWAWE, TUGATANGA AMANOTA ABANYESHURE BABA BAKWIYE ! Bikaba bigaragara ko abategetsi ba kino gihe badasa n'ababinezwe ! Umunyeshure yunguruzwa abanje kuronka amanota meza!

 

Twese turasonera Nyakwubahwa NKURUNZIZA Petero nk'ikiremwa muntu nkawe nanje, ariko ntidushobora kumukomer'amashi mu gihe ubutegetsi arongoye buriko burahonyanga agateka kacu, bukatunyaga ubuzima, HAMWE N' UBURENGANZIRA BWACU DUHABWA N'IMANA YATUREMYE, BE N'AMATEGEKO AGENGA UBURUNDI BWACU.

 

Kuber'iyo mpamvu rero, guhera muri kuno kwezi kwa RUHUHUMA 2013, NIDUSHIR'AMASONI twiyemeze, bimwe bitagisubir'inyuma, KUGARUKIR'AGATEKA TWAREMANYWE N'IMANA. NTITURI INTAMA ZA UPRONA NA CNDD-FDD, CANKE ZA Perezida NKURUNZIZA, canke ZA PEREZIDA NAKA TUZOTORA HANYUMA NAHO AZOBA YATOWE MU MUCO !

 

Aho kwemera ngo dushire nk'abana b'imbeba, BARIRIKIZA, SOMA WITONZE UTEGERE AMATEGEKO MU KIRUNDI IGIHUGU CACU KIGENDERAKO , cane cane IBWIRIZWA NSHINGIRO, IBWIRIZWA RIGENGA AMATORA, AMATEGEKO MPUNZAMAKUNGU AKINGIRA AGATEKA KA ZINA MUNTU,  kugira twereke abategetsi ba   kino gihe ko TUTARI INTAMA urunani rw'imigambwe UPRONA NA CNDD-FDD rurekuriwe gukoresha uko/ico rwishakiye, igihe cose ruvyishakiye kuko..... HARAGEZE KO TUZIHINDURIRA IMIRISHO !

 

TUMAZE IMYAKA IRENGA 50 TWITWA NGO TWARIKUKIYE, NAHO UMUGAMBWE UPRONA UDASA N'UWUCIBUKA IRAGI RYA RWAGASORE!

 

HARAGEZE KO ZIHINDUR'IMIRISHO MU KUHIGANISHA IVYIYUMVIRO, IMIGABO N'IMIGAMBI YITAHO INYUNGU ZACU TWESE, ATA WANDYA WANGURA!

 

Ntitwigane abandi mu KUZIHINDURIR'IMIRISHO nk'Abanya-Misiri, canke nk'Abanye-Tuniziya, canke nk'abandi, abaribo bose.....Oya DUSHAKA KUZIHINDURIRA IMIRISHO KU BURYO KAMA BWACU, na none ngo « INGENDO Y'UWUNDI IRAVUNA » !

 

Uwo uri wese rero, menya ko runo RUGAMBA RW'AMAHORO RUKWEREKEYE ka bwa Murundikazi/Murundi akeneye GUTUNGA N'UGUTUNGANIRWA KURUTA BARYA BIRIRWA BARUBAKA IBIZU AMAHERO KU MAHERA DUFITIY'UBURENGANZIRA BWO KUBARIRIKIZA NGO TUMENYE IYO BAYAKUYE MU GIHE KIGUFI  MU KURINDIRA KO SENTARE MPUNZAMAKUNGU IBADUSHENGEREZA NGO TURONKE UMUCO !

 

Kano kagohe kavuniwe ubwa mbere na mbere INTWARAMIHETO ZACU, ABAPOLISI BACU bamye batumwa n'abakuru ba UPRONA (kuva uwo mugambwe utanguje INGESO IGAYITSE YO  KWIHA / KWIBA  ubutegetsi ku nguvu), gusesa amaraso, gusinzikaza ubuzima bwa bene-Burundi nkabo, ku nyungu z'AKAGWI K'ABATEGETSI BARI KU RUSHI, guhungabanya amahoro n'umutekano wa bene-Burundi canke vy'abanyamahanga, kwigarurira amatungo ya bene-Burundi canke y'abanyamahanga baba baduteye iteka ryo kutugendera.

 

NTWARAMIHETO ZACU, BAPOLISI BACU, BAKOZI B'IGENDEREZA BACU MUJEJWE UMUTEKANO WACU, UMVIRIZE UMUTIMA WANYU, N'IJWI RY'IMANA,  AHO KUGAMBURUKIRA AMATEGEKO ABATERANYA NA BENE-BURUNDI NKAMWE MUJEJWE GUKINGIRA !

 

Kavuniwe kandi abarongoye amadini atandukanye ngo bahindure ingendo, bareke kugoba ururimi mu gihe UBUTEGETSI BUFASHWE BICIYE MU MWIJIMA, HATUBAHIRIJWE NAMBA UBURENGANZIRA BWACU TWAHAWE N'IMANA, BWO KWITORERA, MU MUCO UTAGIRA AGATOSI, INZEGO ZOSE ZITURONGORA MU BIRINGO BITEGEKANIJWE N'AMATEGEKO. 

 

Abo barongoye amadini basabwe kandi kurushirizaho KUGABISHA ICESE UBUTEGETSI BWA KINO GIHE,  BWOYE KUBANDANYA BUKINGIR'IKIBABA   IVYAHA VY'AGAHOMERABUNWA BITARI IVY'AGASESESHWARUMURI   BIKORWA NKO KU NTWARO Y'UMUGAMBWE UMWE, UPRONA TWASEZEREYE MU 1993.

 

ABENSHI MURI MWEBWE MWARABONYE IVYABAYE  MU 1965, 1969, 1972-1973, 1988, 1993, no mu myaka yakurikiye KUGEZ'UNO MUSI. AGAHENGWE, KAMAZE IGIHE URUME RUMARA, KABONETSE KU NTWARO Y'UMUHISI PREZIDA NDADAYE!

 

Kano kamo kagenewe kandi ABANYEPORITIKE BATAVUGA RUMWE NA RETA.

 

« UKO ZIVUGIJWE NIKO ZITAMBWA » !

 

Twaravuze bihagije ko UBUTEGETSI DUFISE KINO GIHE BUTATOWE MU MUCO, mugabo nibwo buramutswa UBURUNDI. N'ABATAVUGA RUMWE NA RETA NTIBATOWE MU MUCO, ariko ivyabaye vyarabaye.

 

Aka kagohe kavuniwe ABATAVUGA RUMWE NA RETA kuko bategerezwa kwitegura RUSHINGANTAHE, MU BUMWE, KWITEGURIRA NEZA URUGAMBA RUSHIR'AHABONA IVYO BANEGURA UBUTEGETSI BWA KINO GIHE,  ARIKO CANE CANE IMIGABO N'IMIGAMBI YEREKANA UBUDASA TWESE TUKIRINDIRIYE. BASABWE KWITEGURIRA NEZA IBIGANIRO VYO MURI NTWARANTE I BUJUMBURA VYATUMWEKO N'UWUHAGARARIYE INAMA MPUZAMAKUNGU I BURUNDI. Biraremesha kumenya ko abanyeporitike bari barahunze bazokwitaba ivyo biganiro. Hari naho ari bo bazovamwo uwuzoramutswa Uburundi guhera mu 2015, biciye mu MUCO N'UMUTEKANO KURI BOSE.

 

Sinokwibagira Umugambwe wa Perezida NKURUNZIZA twese twiteze ko udushikiriza, MW'ITUZE, IMIGAMBI waranguye kuva mu 2005, ugatako ukarimbuka ko wewe nanje dufise UBURENGANZIRA BWO kuwusobanuza, canke kuwuvuguruza bibaye ngombwa, mu BWUBASHI buranga DEMOKARASI NYAYO. Twiteze ko werekana ko uzoshir'aho abanyagihugu bazoshira, BICIYE MU MUCO.

 

Uwo mugambwe niwaba wemera DEMOKARASI NYAYO, wotangura ugahangana n'iyindi migambwe mu guharira no mu kuvuguruzanya ku mboneshakure no ku maradiyo binyuranye, MU KWUBAHANA ! Bwoba ari uburyo bwiza bwo kuduhumuriza twese, maze dusanze bikwiye ko tuwongera amanota mu 2015, tukabikora ! Naho dusanze badakwiye amanota yo kwongerwa ikiringo, tukayaha abo tuzobona bayakwiye, ata ngaruka mbi kur'uwo wese. DEMOKARASI IRANGWA N'UGUKINGIRA BOSE, NTIYICA, NTISAHURA, NTIRENGANYA !

 

Kano kagohe kavuniwe kandi amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike ngo zireme kandi ziryumeko, canecane mu gufasha kumenyesha AMATEGEKO ATUMA ABARUNDI TWESE TWUMVA KO TUTARI INTAMA Z'UWARIWE WESE ! Nayo nyene yari yarariye umunwa mu matora yo ku wa 24 Rusama 2010 ! Siyo yonyene......

 

EREGA WEWE NANJE DUSOBANUKIWE NEZA KO TWARI TWARANIGANWE IJAMBO, ABO BOSE BAHORA BADUTERA UBWOBA (KUKO BABWAMAMWO) BAZOCA BISUBIRAKO, KANDI  TUZOBAREKURIRA NIBEMERA KUV'IBUZIMU BAKAJ' IBUNTU.

 

KANO KAGOHE KAVUNIWE IMBONERAKURE ZIKIBANDANYA ZIHENDWA, ZIGAFATWA NK'IBIKORESHO ATA NYUNGU NZIZA ZIKURAMWO, URETSE BWA BUJA BW'UDUHERA BE N'UKUVUMWA NA BENSHI, KANDI ZARI ABANTU NKATWE, ZOSHOBOYE KUGIRA ICO ZIMARIRA IYO TUBA TWARI MU MUTEKANO USHEMEYE. NIZIHANURA TUZOZIREKURIRA NAZO NYENE.

 

Kavuniwe abanyeporitike batanguje « UKURYANISHA »  canke ico bita  « NYAKURISATION ». AHO KUDUFASHA KWITEZ'IMBERE, UKWO KURYANISHA ABONSE RIMWE,  NIBIHAGARARE VUBA BWANGO, AHANDI HO BIZOGARUKA KURI BENE KUBITANGUZA!

 

Twihambirire kwiha UBUZIMA BURYOSHE, uno mwaka uzorangire tumaze guter'intambwe ikomeye mu KUGARUKIR'UBURENGANZIRA BWACU BWOSE DUHABWA N'AMATEGEKO AGENGA UBURUNDI .

 

UWOTUGIRAKO ITERABWOBA, YOBA ARIKO ARATWEREKA  KO TURIKO TUREGEREZA INTSINZI Y'ABARUNDI TWESE KUGIRA NGO AMATORA TWIMIRIJE AZOBERE MU MUCO NO MU MUTEKANO NTANGERE.

 

Wibuke kubandanya USANSUMA IVYAHA VY'IHONYABWOKO CANKE VY'AGAHOMERABUNWA VYAKOZWE / VYOBANDANYA KU NTWARO YA KINO GIHE, NO KU NTWARO YA UPRONA kugira, ikiringo kigeze, abakoze ayo mashano tuzobashengeze imbere ya SENTARE MPUZAMAKUNGU.

 

UWIGEZE KURAMUTSWA UBURUNDI WESE NIWE WA MBERE AZOBAZWA IVYAHA VYO GUSES'AMARASO, N'IBINDI VYAHA VYOOOSE VY'AGAHOMERABUNWA BITANDUKANYE VYABAYE  KU NTWARO YIWE, HABA IMBERE YA  SENTARE MPUZAMAKUNGU (NKA KURYA KWA CHARLES TAYLOR, NA LAURENT GBAGBO) CANKE HANO I BURUNDI, KUKO TURI MU KURONKA UBUTUNGANE BWIGENGA KOKO !

 

BIRATEY'ISONI KUBONA ABARAMUTSWA UBURUNDI BAGIYE BARAKURIKIRANA ATA N'UMWE ARUBAHUKA KWEMANGA KO RETA YAKORESHEJE UBURYO BWAYO MU GUKORA AYO MABI, ABARUNDI (B'AMOKO YOSE ATANU) ISINZI BAGATABWA MU MASHIMU CANKE MU NZUZI, N'AHANDI TUTAZI, BENEBO NTIBASHOBORE NO KUBAFUBANA ITEKA, CANKE KUBAGANDARIRA  ! BIRATEYE AGAHINDA.

 

NINDE ABIFISEMWO INYUNGU ?

 

TWAME MASO, NTIHAGIRE UWUDUSAMAZA NGO ADUKURE KU MUGAMBI WO KUGARUKIR'UBURENGANZIRA BWACU BWO KWITORERA ABADUTWARA DUHEZA TUKABAZA UMUCO KU NYIFATO YABO IYARIYO YOSE IRI MU GIFUNGU, NKUKO BIGENDA MURI DEMOKARASI.

 

Nkundira ngarukire hano uno munsi, ariko nzogaruka ! Tubandanye dusangira ijambo kugira UBURUNDI BWACU BUGIRE ISHUSHO IBEREYE IJISHO, natwe twigarurire iteka.

 

ZIRIKANA, IKUNDE, RINDA, HITAMWO, KANURA, IKINGIRE, SABIKANYA, REMESHA, RYUMEKO !