Le Prévenu : NDUWIMANA Zablon Le 1/1/2008
Date d’arrestation : le 24/8/2006
Date d’entrée : le 4/9/2006
Peine : prévenu
Motif : problème personnel
Prison Centrale de Mpimba
Ikete Kuri Nyakubahwa Umukuru w’Inamanshingamateka.
Nyakubahwa,
Igitumye ndabandikira n’iki: nagira ndabamenyeshe ivy’ubwicanyi bw’abantu bishwe mu cachot ka KINAMA. Intango y’avyo n’iyi : nari i muhira igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba, nza numva telephone ya Colonel KIZIBA ambwira ngo ndamusange kuri Carrefour mu NGAGARA. Nshitseyo, yaciye ambwira ngo ndondere umuntu yitwa MUGABARABONA arangereraniriza uko ameze ariko sijewe namufashe, yafashwe n’abandi. Amaze gufatwa haciye hafatwa n’abandi. Niho mu gisagara ca Bujumbura haca hatangura guterwa ama grenades. Ahatewe ni nko ku MUTANGA, mu NGAGARA, mu KINAMA, muri restaurant kw’IJABE no mu NYAKABIGA. Niho rero Adolphe na Kiziba bampamagara mu bureau barambwira bati: “Raba ko iri terwa ry’ama grenades mu bubare ridafitaniye isano nab a bantu bafungiwe ngaha, ko Atari ababo bariko barabikora. Jewe, hari umu FNL nari narigaruriye, ndamubaza ivy’arivyo arambwira ko aribo bariko barayatera. Aca ampa amazina yaba chefs babiri bari mu KAMENGE, nca mbwira abapolisi tuja kubafata. Twarabafatanye ama documents menshi avuga ubwo buhisha barimwo. Aho hari ku munsi wa kane. Ku munsi wa gatandatu niho yaza ambwira ko ama grenades bariko baratera yabaheranye, ko buca baja kuzana ayandi, ambwira inzira bazocamwo, ahantu bita mu GISANDEMA haruguru yo mu GASENYI. Nca mbwira position y’abasirikare bahari twagira tuharangurire. Niho haca haza imisore ine yitwaje ama grenades, turabafata baravuga na mugenzi wabo yitwa J.Marie. Kubera ko ata modoka y’akazi nari mfise, naciye ntelefona Adolphe kugira aze kubatora. Abo basirikare nabo batelefona mw’ikambi muri DCA. Niho Adolphe yaca ashika, haca haza na Dina ivuye muri DCA. Adolphe aca avuga ngo baje muri nya Dina, jewe nca ninjira muri pick-up ya Adolphe, iyo Dina ituja inyuma tujana gufata uwo J.Marie kuri terminus baca baba batanu. Na bamwe babiri b’ubwambere baba indwi. Niho nsubiye kwinjira mu modoka Adolphe yambwira ati: “Zablon urabona ko aba bagesera bamaze inganda, ati n’ukubica”. Nta nyishu namuhaye kuko mu buzima nta maraso ndakora ntibikabe.
Dushitse kuri rond-point nca ndururuka. Haheze iminsi itatu niho amatelefone yatangura gucanacanako ambaza ko ataco arumva. Igituma yambaza uko, nuko iyo hari abantu bapfuye, amaradiyo avuga ko hari ibiziga vyatowe batazi icabishe. Nk’umu kristu, naciye mfata ingingo, batatu ndabarekura hasigara bane.
Nyakubahwa, nari kubayombokana nkabajana ku kazi? Igituma ntabajanye n’iki: Nyakubahwa, hari abantu bashika batatu nzi bamaze kuhicirwa. Hari uwitwa BAYITA yari umu FNL, yaramukubise arikumwe n’ingabo z’iwe gushika aho apfa. Ikiziga bagishinguye kw’I Collège ahantu bita mu BUGAZI bagita aho, baca bavuga ku maradiyo ko yari yirutse. Uwitwa NTAHIMPERA, baramukubise gushika aho apfa, ikiziga baja kugita mu RUBIRIZI. Hari uwundi musirikare wa FNL yitwa Eliya, yiciwe muri documentation, umusirikare nakunda cane yambabaje rwose. Ikindi naco Nyakubahwa, arakanagaye abwira uwutwara documentation muri Mairie yitwa Eric, amubwira aho aja gufata abatanzania. Aragenda, yinjiye yazanze yinjiye munzu y’userukira Tanzania mu Burundi. Uwo Eric aca ahabera umunyabwenge, akoma amashi yisigura ko yihenze, abona kuyisohokamwo. Urabona yari akwegeye imigenderanire mibi hagati y’Uburundi na Tanzania. Ico nico catumye rero Nyakubahwa, abo bane basigaye naciye ndabajana muri SOCARTI. Ariko telephone yiwe yangumyeko. Nca ndafata ingingo yanyuma nca ndabajana kw’ikomine mu KINAMA hari aba OPJ kugira babagirire amadosiye. Ahanje mba ndahejeje. Niho haheze indwi naja nunva ko abo bantu bishwe. Nanje vyarantangaje rwose kubona amaradiyo yaramvuze nukubera ari jewe nari nabaharitse. Niho naca nja ku kazi, Adolphe na KIZIBA bambwira ngo nje gukora i MAKAMBA. Ndagenda, mw’ijoro KIZIBA arantelefona ngo buce ngaruka, ngarutse ncitse ku kazi, KIZIBA na Adolphe barambwira bati : “Rero Zablon, urabona ko amaradiyo yasaze, tugira tugupfunge gato kugira dukarume amaradiyo, ko Adolphe yavuganye na Procureur wa Mairie, ko ncitse kuri Parquet azoza andekura. Baca banjana muri BCR, marayo indwi zibiri n’iminsi itanu. Baca banjana kuri Parquet. Nza mbona mandat injana mu Mpimba, ndatangara. Nca telefona Adolphe ndabimubwira.Adolphe aca ambwira ko ari ukugira abantu bambone ko nashitse mu Mpimba. Maze gushika ngaha naratelefonye umushikiranganji w’intwaro yo hagati Evariste. Yarankariye rwose, ambwira ko nagize amakosa rwose mu kwica abo bantu. Nca ndamusigurira ko ari ukumbeshera.yarabitahuye. Narandikiye n’umukuru w’igihugu ndabimwiganira uko vyagenze. Rero ivyo vyose Adolphe abikora ku gatwe kiwe. Kuko ivyo vy’abo bantu bishwe , baguma babimubaza, Adolphe akabihakana.
Nyakubahwa, erega naho nshikiye ngaha, yarahatswe kuhantsindira.
Nagiye mbona imisore itatu iza mw’ijoro isanga ndaryamye baca bambwira ngo barakeneye ngo tuje kuri télévision ngo hariho ivyo bashaka kumbwira. Ndanka ndababwira ko bobimbwira aho narindi. Baranka baca baza mu gitondo ari umunani, banjana ahantu bita ku mashiga, baramboha. Abandi banyororo barababaza ico bampora, baca bababwira ngo navuze muri documentation ko abanyororo batorekurwa ngo baca baja kurwana kwa Radjabu. Baca baba bagumye gurtyo. Aho bari bansopye ivyo nari mfise. Yewe, aho hanyu nahakuwe n’Imana gusa. Aho rero kugira Adolphe anyice yari yahaye mission uwitwa Dominique, dossier Muyinga, ukugene nabimenye ni uku : Aho ncikiye kw’icumu, naragiye muri documentation kugira niganire Adolphe ayo nabonye, yaciye asokorora attestation y’akazi abo bagira banyice bari bansopye, anshinyagurira.Yemwe, nivyo biro vyiwe yahatswe kubintsindamwo. Rero Nyakubahwa, birya bavuze ku maradiyo ngo jewe na Radjabu turiko tugumura abanyororo birya n’ibinyoma. Kwari ukugira bazimanganye iryo ryicwa ryanje. Naregereye icegera c’umuyobozi w’ibohero, ndamubaza ivy’arivo, arambwira ko ari procureur général yamutumyeko amuha rirya tangazo ngo ashireko ikidodo. Bukeye ara mutelefona aramubwira ko hari abanyamakuru bahava baza kumuraba ngo araza kubakira. Ni birya mwumvise .
Nyakubahwa, maze guhakwa kwicwa gatatu kose. Nkiri muri BCR narunguririjwe njanwa muri PJP, uburyo natwawemwo bwanteye amakenga. Nuko amaso yabaye menshi. Muri ako karwi nta numwe bigeze barya urwara. Ubu naho yaciye ku mu Commissaire atwara abapolisi bo ngaha mu Mpimba, ngo bambohe, ngo kandi akazosubira kumva ko nagiye kwa muganga ngo bazokwihurira. Uyo mu Commissaire aca atangura kumfata nk’umugesera, anteranya n’abapolisi. Ariko uwurongoye ibohero kuko ari umugabo w’ijinja n’ijambo yarabirwanije ansaba kwihangana. Narigeze kumusaba abapolisi ambwira ngo nimbwire Adolphe ngo ambwire ngo dossier yiwe iracera ngo ntakeneye kuyicafuza. Téléfone y’uwo mu Commissaire ni ..49.493 (ndlr :numéro pas très visible sur le manuscrit), mwomubaza yitwa NDAYISHIMIYE alias KABEZI. Nyakubahwa, kuri ivyo banyagiriza ico ndabivuzeko ni iki : Ko numva ngo batwawe na taxi, mu buzima nkaba ntaratunze taxi. Mbega hoho mu kubatwara nabasinyiye hehe ? Ko numva ngo babacanye ku ma bariyeri y’abasoda n’abapolisi, abo basoda n’abapolisi banyugururiye ni bande ? Nyakubahwa, ni bandeke kumpohotera ni babanbaze Police n’iperereza jewe bandeke. Aho ncikiye ngaha, naregereye uwari acunze agasho mu KINAMA, ndamubaza ivy’arivyo. Aca ambwira ko ari Adolphe yaje kubamwaka atari kumuhaririza. Mbere uwo mu polisi nagiye numva ko yatashe, uburyo yatashemwo ntabwonzi, mbere numva ngo yarasubiye no ku kazi.
Kubona ari jewe mpfungwa kandi ndi umusivire n’akamaramaza.
Nyakubahwa, nkuko userukira abanyagihugu, nsaba kurekurwa mu maguru masha nkuko amategeko agenga uko imanza zicibwa avuga, ingingo ya mirongo itandatu (60) itavuga yuko umushingwamanza agira amatohoza iminsi cumi n’itanu (15 jrs) agaca ahitamwo kukurekura canke kukurungika muri confirmation. Ingingo ya 75 (article 75) itavuga neza yuko umunyororo amaze umwaka n’amezi abiri atararungikwa muri sentare ko ari uguca arekurwa, kuko biba bigaragara ko abesherwa. Bahingitanije, ca mumpa umu avocat amburanira. Ikindi naco, Nyakubahwa, nigeze kwunva umuvugizi w’igipolisi yahoraho avuga ngo barya batera ama grenades mu bubare ngo barabafashe, none arababereka. Nyakubahwa, banyina n’ibinyoma, yarabeshe. Abayatera ni barya bishwe. Uwonzi yafashwe n’umwe nawene yafashwe n’abanyagihugu bo mu KINAMA Q. MUYINGA ahejeje gutera grenade muri restaurant yitwa MABANO, arahari n’urya baciye bavugisha kuri télévision.
Nyakubahwa, abandi banyororo barasaba amakonji bakayaronka nkuko amategeko abibarekurira. Jewe ubuyobozi bw’ibohero nta ngorane dufitaniye, narasavye ikonji kuko nari mfise ingorane burayimpa, ariko procureur wa Mairie na magistrat baranka kunsinyira ngo amaradiyo yombona.
Nyakubahwa, ndasaba gucungerwa kuko umutekano wanje ubangamiwe na Adolphe. Nkagusaba ko norenganurwa nkarekurwa ndikonzira ubusa.
Ndangije ndakwifuriza ngo untunganirize wewe ushika kure. Imana iguhezagire.
Yari imbohe :
NDUWIMANA Zablon